Vuba isi igiye kuba Iparadizo!
“Data wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe. Ubwami bwawe nibuze. Ivyo ugomba nibibe kw’isi nko mw’ijuru.”—Matayo 6:9, 10.
IRYO sengesho rizwi cane, iryo benshi bakunda kwita irya Dawe wa twese, riratuma abantu bagira icizigiro. Uti gute?
Nk’uko iryo sengesho rya Dawe wa twese rivyerekana, Ubwami bw’Imana buzotuma ivyo Imana igomba bikorwa kw’isi nk’uko no mw’ijuru biriko birakorwa ata gukeka. Kandi ivyo Imana igomba ni uko isi isubira kuba Iparadizo. (Ivyahishuwe 21:1–5) None neza na neza Ubwami bw’Imana ni iki, kandi ni gute buzotuma isi isubira kuba Iparadizo?
Intwaro ibaho koko
Ubwami bw’Imana ni intwaro ibaho koko. Kugira ngo intwaro iyo ari yo yose ikore, bisaba ko iba ifise abategetsi, amategeko be n’abo itwara. None Ubwami bw’Imana bwoba bukwije ivyo bintu bisabwa? Raba inyishu Bibiliya itanga kuri ibi bibazo bitatu bikurikira:
Ni bande bazotegeka mu Bwami bw’Imana? Yehova Imana ni we afise ubukuru kaminuza. (Yesaya 33:22) Yaragenye Umwana wiwe Yezu Kristu kugira ngo abe ari we ayobora ibintu muri ubwo Bwami. (Matayo 28:18) Ayobowe na Yehova, Yezu yaratoye abantu bakeya abakuye “mu muryango wose n’ururimi rwose n’igisata cose n’ihanga ryose,” bano bakaba bazofadikanya na we kuganza “isi nk’abami.”—Ivyahishuwe 5:9, 10.
Ni amategeko ayahe Ubwami bw’Imana bwashingiye abo butwara kugira ngo bayakurikize? Amwamwe muri ayo mategeko canke amabwirizwa asaba ko umuntu agira ibintu vyiza akoze. Yezu yarerekanye itegeko rihambaye cane muri ayo, ati: “‘Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose.’ Iryo ni ryo bwirizwa risumba ayandi rikaba na ryo rya mbere. Irigira kabiri rimeze nka ryo, ni iri: ‘Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.’”—Matayo 22:37-39.
Ayandi mategeko asaba ko abatwarwa b’Ubwami bw’Imana birinda gukora ibintu binaka. Nk’akarorero, Bibiliya iravuga aya majambo atomoye agira ati: “Ntimuzimizwe. Nta basambanyi, nta basenga ibigirwamana, nta barenga ibigo, nta bagabo babikirwa kugirwako ibidasanzwe bigirwa, nta bagabo baryamana n’abagabo, nta bisuma, nta banyamunoho, nta mborerwa, nta batukanyi, nta banyazi bazotorana ubwami bw’Imana.”—1 Abakorinto 6:9, 10.
Abo Ubwami bw’Imana butwara ni bande? Abo Ubwami bw’Imana butwara Yezu yabagereranije n’intama. Yavuze ati: “Zizokwumviriza ijwi ryanje, kandi zizocika ubusho bumwe, zigire umwungere umwe.” (Yohani 10:16) Kugira ngo umuntu abe uwutwarwa n’Ubwami bw’Imana ntakwiye gusa kuvuga yuko akurikira Umwungere mwiza Yezu ariko kandi ategerezwa gukora ivyo ategeka. Yezu yavuze ati: “Si umuntu wese ambwira ngo: ‘Mukama, Mukama’ azokwinjira mu bwami bwo mw’ijuru, atari uwukora ukugomba kwa Data ari mw’ijuru.”—Matayo 7:21.
Ku bw’ivyo rero, abo Ubwami bw’Imana butwara barakoresha bakongera bagatera iteka izina ry’Imana, ari ryo Yehova, nka kurya Yezu yabigira. (Yohani 17:26) Baragamburuka itegeko Yezu yatanze ryo kwigisha abandi ivyerekeye “iyi nkuru nziza y’ubwami.” (Matayo 24:14; 28:19, 20) Kandi baragaragarizanya urukundo nyakuri hagati yabo.—Yohani 13:35.
“Guhonya abariko barahonya isi”
Ibintu biriko biraba mw’isi muri kino gihe vyerekena ko Ubwami bw’Imana vuba bugiye kugira ico bukoze kugira ngo butume haba amahinduka akomeye. Ivyo tuvyemezwa n’iki? Haraheze imyaka ibihumbi bibiri Yezu adondoye ikimenyetso kigizwe n’ibintu vyinshi cokwerekanye yuko “ubwami bw’Imana buri hafi.” (Luka 21:31) Nk’uko vyerekanywe mu kiganiro c’imbere y’iki, ibintu biranga ico kimenyetso biribonekeza neza muri kino gihe kw’isi yose.
Ni ibiki none bizoca bikurikira? Yezu yishura ati: “Ico gihe hazoba amakuba akomeye atigeze kubaho kuva mu ntango y’isi gushika n’ubu, oya, kandi atazokwongera kubaho.” (Matayo 24:21) Ico si icago kizoba gitewe n’abantu. Ahubwo ni Imana izoba ihagurutse kugira ngo “[ihonye] abariko barahonya isi.” (Ivyahishuwe 11:18) Abantu b’inkozi z’ikibi, abo ibikorwa vyabo vy’ubwikunzi vyatumye uno mubumbe ugarukira ku cobo, “bazokomborwa mu gihugu.” Ariko abatunganye basukurira Imana mu buryo yemera, “bazokwamayo.”—Imigani 2:21, 22.
Yehova Imana arafise imvo zumvikana zo gukora ivyo bintu bikomeye. Kubera iki? Rimbura aka karorero: Iyumvire nka hamwe woba ufise inyubakwa ntoya y’igorofa. Bamwebamwe mu bayipanze bigenza neza kandi baritwararika ibintu; barariha amahera y’inzu bakongera bakitwararika neza ivyumba babamwo. Ariko rero, hari abonona ibintu kandi bakikunda; ntibashaka kuriha amahera y’inzu kandi baronona iyo nyubakwa. Naho umaze kubaburira akatari gake, babandanya bigenza nabi. None wokora iki? Kubera ko uri nyene inzu, nta nkeka ko wokwirukana abo bapangayi babi.
Muri ubwo buryo nyene, Yehova Imana, kubera yuko ari we Muremyi w’isi be n’ibintu vyose biri kuri yo, arafise uburenganzira bwo guhitamwo uwo yokwemerera kuba kuri uno mubumbe. (Ivyahishuwe 4:11) Yehova yavuze yuko afise umugambi wo gukura kuri iyi si abantu b’inkozi z’ikibi batitaho ivyo agomba kandi bahonyanga agateka k’abandi.—Zaburi 37:9–11.
Isi isubira kuba Iparadizo
Ubwami bw’Imana buri mu minwe ya Yezu Kristu vuba bugiye gutegeka isi. Yezu yavuze ko iyo ntango nshasha y’ubutegetsi ari “ukurema busha.” (Matayo 19:28) None ibintu bizoba bimeze gute? Ehe raba iyi mihango Bibiliya itanga:
Zaburi 46:9. “Aca intambara gushitsa ku mpera y’isi.”
Yesaya 35:1. “Ahagadutse n’ubgeranyange hazonezerwa, ubugaragwa buzohimbarwa, bushurike amashurwe nk’aya habaseleti.”
Yesaya 65:21–23. “Abo nitoranirije bazoshitsa igihe kirekire banezererwa igikorwa c’amaboko yabo. Ntibazoruhira ubusa, kandi ntibazovyara abo kugesezwa.”
Yohani 5:28, 29. “Isaha iriko iragera aho abari mu mva bose bazokwumva ijwi [rya Yezu] bakazivamwo.”
Ivyahishuwe 21:4. “[Imana] izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzokwongera kubaho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizokwongera kubaho.”
Imvo zituma twizigira iyo mihango
Woba wizigira iyo mihango dusanga muri Bibiliya? Bibiliya yari yaravuze yuko abantu benshi batoyizigiye. Ivuga iti: “Mu misi ya nyuma hazoza abashinyaguzi . . . bagenda nk’uko ivyipfuzo vyabo bwite biri bavuga bati: ‘Ukwo kuhaba kwiwe kwasezeranywe kuri hehe? Erega, kuva umusi ba sogokuruza bacu basinzira mu rupfu, ibintu vyose bibandanya neza na neza nko kuva mu ntango y’irema.’” (2 Petero 3:3, 4) Ariko abo bashinyaguzi baribesha cane. Rimbura imvo zine gusa zishobora gutuma wizigira ivyo Bibiliya ivuga:
(1) Muri kahise Imana yaragize ico ikoze ku bintu vyariko bibera kw’isi. Isegenya ryo mu gihe ca Nowa ni akarorero kibonekeza.—2 Petero 3:5-7.
(2) Ijambo ry’Imana ryari ryaravuze ata kwibesha ibintu biriko biraba kw’isi muri kino gihe.
(3) Ibintu vyose “[nti]bibandanya neza na neza nko kuva mu ntango y’irema.” Ku rugero rutari bwigere rubaho muri kahise, umubumbe wacu uriko urashikirwa n’ugutituka mu vy’imibano, mu vy’inyifato runtu, be no mu bidukikije.
(4) “Inkuru nziza y’ubwami” ubu iriko iramamazwa hirya no hino kw’isi, ivyo bikaba vyerekana ko vuba ‘umuhero ugiye kuza.’—Matayo 24:14.
Ivyabona vya Yehova barakuremesheje ngo wigane na bo Ijambo ry’Imana ari ryo Bibiliya, kugira ngo ushobore kumenya vyinshi ku bijanye n’icizigiro c’ubuzima budahera buzoshoboka mu gihe c’ubutegetsi bw’Ubwami bw’Imana. (Yohani 17:3) Vy’ukuri, abantu bariteze kazoza keza igitangaza. Ibihe vyiza kuruta ibindi vyose bigiye gushika vuba! Woba ari ho uzoba uri?
[Iciyumviro ku rup. 7]
Abantu bavuga yuko ibintu bizoguma uko vyamye barihenda cane
[Ifoto ku rup. 8]
Woba ari ho uzoba uri?