ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/8 rup. 31
  • Isi yoba izorokoka?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Isi yoba izorokoka?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ivyo bijanye
  • Kubaho Ibihe Bidashira Si Indoto
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Iyi si yoba izohonywa?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Isi
    Be maso!—2014
  • “Bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/8 rup. 31

Ivyabajijwe n’abasomyi bacu

Isi yoba izorokoka?

Umubumbe wacu w’isi ntuzokwigera usangangurwa n’icago na kimwe gikomeye. Ni kubera iki ivyo twovyemera tudakeka? Kuko Imana isezerana yuko isi “[ita]zonyiganyizwa gushitsa ibihe bidashira.” (Zaburi 104:5) Naho ‘urwaruka rumwe rugenda rukabisa urundi, isi ihoraho ibihe vyose.’ Ukwo ni ko Bibiliya ivuga.​—Umusiguzi 1:4.

Ivy’uko isi izokwamaho birashimikwako muri Zaburi 104:5. Muri ico canditswe hari amajambo abiri yo mu giheburayo co mu ntango yakoreshejwe ku bijanye n’ico ciyumviro. Irya mbere ni ʽoh·lamʹ risobanura ngo “igihe kitagira urugero,” irindi na ryo ni ʽadh risobanura ngo “ibihe bidahera.” Ijambo ʽOh·lamʹ ryoshobora guhindurwa ngo “imyaka myinshi” canke “igihe kibandanya.” Nk’uko inyizamvugo imwe y’umwitwa Harkavy (Students’ Hebrew and Chaldee Dictionary) ivyerekana, ijambo ʽadh risobanura “ukuramba, ukwamaho, uguhoraho, ibihe vyose.” Ayo majambo abiri y’igiheburayo yerekana ko dukwiye mbere kurushiriza kwemera tudakeka ko isi izokwamaho. Reka turabe izindi mvo zitatu zishingiye kuri Bibiliya zerekana igituma twokwemera yuko isi izokwamaho.

Ubwa mbere, Imana yaremye isi kugira ngo ibeko abantu, ari Iparadizo iryoheye ijisho atari ubugaragwa. Muri Yesaya 45:18 hadondora Yehova ko ari ‘Uwaremye amajuru, akaba we Mana; uwabumvye isi akayirema; yayikomeje, ntayireme ngo ibeko ubusa gusa, ariko yayibumvye kugira ngo ibeko abantu.’

Ubwa kabiri, Imana yari yarasezeranye kuva kera na rindi yuko abantu bahitamwo kuyigamburukira bobaye kuri iyi si ibihe bidahera kandi mu mahoro. Muri Mika 4:4 hasezerana hati: “Umuntu wese azokwībēra musi y’umuzabibu wiwe no musi y’umusukoni wiwe; kandi nta wuzobakanga: kukw akanwa k’Uhoraho Nyen’ingabo ari ko kabivuze.” Ku bw’ivyo, mu buryo buhuye n’umugambi w’Imana, isi izotegerezwa kwamaho ibihe bidahera abantu bayibako, atari aho naho, ivyo Imana yasezeranye vyoba ari ubusa.​—Zaburi 119:90; Yesaya 55:11; 1 Yohani 2:17.

Ubwa gatatu, Imana yarashinze umuntu igikorwa co kwitwararika iyi si. Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Amajuru n’amajuru y’Uhoraho, arikw isi yayihaye abana b’abantu.” (Zaburi 115:16) Woshobora kwiha ishusho sebibondo w’umunyarukundo ahaye umwana wiwe ingabirano nziza cane, hanyuma agaca agaruka akayonona? Ivyo ntaho vyakabaye! Muri ubwo buryo nyene, Yehova ntazokwigera akorera ikintu nk’ico isi n’abayibako, kubera ko “Imana ari urukundo.”​—1 Yohani 4:8.

Yezu Kristu yadusubirije umutima mu nda ku bijanye n’ivyo Se avuga, mu kugira ati: “Ijambo ryawe ni ukuri.” (Yohani 17:17) Vyongeye, Imana, iyidashobora kubesha, isezerana iti: “Abagororotsi bazoragwa igihugu, bakibemw’ibihe bidashira.”​—Zaburi 37:29; Tito 1:2.

[Picture Credit on page 31]

Umubumbe: Ifoto ya NASA

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika