ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/9 rup. 4-7
  • Data wa twese wo mw’ijuru ameze gute vy’ukuri?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Data wa twese wo mw’ijuru ameze gute vy’ukuri?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yehova ni ryo zina ryiwe
  • “Imana y’urukundo n’amahoro”
  • “Imana izi vyose”
  • “Imana y’agakiza”
  • Gucika “abana b’Imana”
  • Ca gisabisho ca Dawe wa twese—ico gisobanura kuri wewe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Himbaza Yehova nka We Mana Yonyene y’Ukuri
    Senga Imana yonyene y’ukuri
  • “Izobēgēra”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Nutere iteka izina rya Yehova rihambaye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/9 rup. 4-7

Data wa twese wo mw’ijuru ameze gute vy’ukuri?

ABANTU benshi barashobora gusubiramwo ku mutwe rya sengesho ry’akarorero Yezu yigisha abigishwa biwe, irikunze kwitwa Dawe wa twese. (Matayo 6:9-13) Igihe cose basubiramwo iryo sengesho, bavuga ko Imana ari “Data wa twese.” Ariko none, ni bangahe bovuga ko bayizi neza?

Weho bite? Uzi Imana ukungana iki? Woba ufitaniye na yo ubucuti bwa hafi, ukayiganirira ukongera ukayibwira ivyakunezereje n’ivyakubabaje? Mu vy’ukuri, kumenya Imana bisobanura iki?

Yehova ni ryo zina ryiwe

Akana kaciga gutambuka koshobora kuba kazi ko se wako yitwa gusa papa. Ariko rero uko kagenda gakura, karateba kakamenya izina rya se wako be na kamere ziwe kandi karashobora guca kamwishimira. Tuvuge iki ku bijanye n’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru yaduhaye ubuzima? Woba uzi izina ryiwe ry’uruharo be n’ico risobanura?

Naho abatari bake bakunda kuvuga ngo “izina ryawe nirininahazwe” igihe baba bariko barasubiramwo ca gisabisho ca Dawe wa twese, ubabajije uti: “Iryo zina ni irihe?” hari aho batoronka inyishu. (Ubwuzure Bushasha) Ijuru ryuzuye inyenyeri, umusozi uteye igomwe, utunyabuzima tw’amabara atandukanye usanga turundaniye hamwe mu kiyaga, ivyo vyose biratanga ikimenyamenya c’uko Imana iriho. Naho ari uko, ntibitumenyesha izina ryayo. Kugira ngo tumenye iryo zina, dukwiye kuriraba muri Bibiliya. Iravuga mu buryo butomoye yuko Yehova ari ryo zina ryayo.​—Yesaya 12:2.

Imana ishaka ko tumenya izina ryayo ari ryo Yehova. Kubera iki? Kubera yuko izina ryayo ryerekana uwo ari we. Iryo zina risobanura ijambo ku rindi ngo “atuma biba.” Mu yandi majambo, aracika ico ashaka cose kugira ngo arangure umugambi wiwe. Kugira ngo ubitahure, rimbura iki kintu: Kugira ngo serugo yitwararike umuryango wiwe, aracika uwurondera icorirenza, umujanama, umucamanza, umuhuza, uwukingira be n’umwigisha bivanye n’ivyo umuryango ukeneye be n’uko ivyawo vyifashe. Muri ubwo buryo nyene, izina Yehova riradukura amazinda yuko Imana ishoboye bimwe bishitse kurangura ivyo igomba ku neza y’abayisukurira, naho hoza iki.

Nimuze turimbure ibintu bitandukanye Imana yacu y’inyarukundo irangura mu guhuza n’insobanuro y’izina ryayo. Biraza kugufasha gutahura Yehova Imana uwo ari we vyongere bigufashe kumenya ico utegerezwa gukora kugira ngo umwiyegereze.

“Imana y’urukundo n’amahoro”

Intumwa Paulo yise Umuremyi wacu “Imana y’urukundo n’amahoro.” (2 Abakorinto 13:11) Kubera iki? Yezu Kristu yari yaravuze imbere yaho ati: “Imana ya[ra]kunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo agire ubuzima budahera.” (Yohani 3:16) Bivuye ku rukundo rugera kure Imana ikunda abantu, yaratanze Umwana wayo mukundwa ngo abe incungu, gutyo iba itumye bishoboka ko abamwizera baronka ubuzima butagira iherezo, imibabaro be n’ugucumukura vyatewe n’icaha bitakiriho. Ni co gituma Paulo yavuze kandi ati: “Impembo igicumuro gitanga [ni] urupfu, mugabo ingabirano Imana itanga ni ubuzima budahera biciye kuri Kristu Yezu Umukama wacu.” (Abaroma 6:23) Ivyo none ntibikwiye kutuvyurira umutima wo gukunda Imana no kuyiyegereza?

Imana ntigaragariza urukundo abantu muri rusangi gusa, ariko kandi irarugaragariza abasavyi bayo b’abizigirwa umwumwe wese ku giti ciwe. Musa yabwiye Abisirayeli bo mu gihe ca kera, abakunda kwigira ibiro biteze, ati: “Mbeg’iyo ni yo ngero mushubije Uhoraho, mwa bantu b’ibipfu b’imburabgenge? Si we Muvyeyi wanyu yabaremye, akababumba, akabakomeza?” (Gusubira mu vyagezwe 32:6) Woba utahura ico ivyo bisobanura? Kubera yuko Yehova ari Umuvyeyi munyarukundo, yaritwararitse abasavyi biwe naho nyene yari azi amakosa yabo. Vyongeye, yarabaronkeje ibintu bitegereka bari bakeneye, ni ukuvuga ivyo bari bakeneye mu vy’umubiri, mu vy’inyiyumvo be no mu vy’impwemu.

Twese turashikirwa n’ibihe vyiza be n’ibihe bibi mu buzima kandi rimwe na rimwe turumva tubabaye, eka mbere tukicwa n’intuntu. Turakeneye uwodufasha kubona mu buryo bwiza ibihe tuba turimwo be n’ingorane tuba dufise. None ni nde yodufasha? Yehova abicishije kw’Ijambo ryiwe Bibiliya arerekana ko ari Umujanama w’umunyarukundo kandi ko atwitwararikana urukundo. Ico Gitabu ceranda kirasigura igituma dushikirwa n’imibabaro myinshi be n’ukuntu dushobora kuyihanganira kandi bikatugendera neza. Nka kurya nyene sebibondo afasha abigiranye urukundo umwana wiwe yatemvye akibabaza, ni ko na Yehova abitumwe n’urukundo rwiwe rwinshi yunama, tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, kugira ngo aturonse imfashanyo dukeneye. Mu vy’ukuri, ukuboko kwa Yehova si kugufi ku buryo yonanirwa gufasha abamwizera.​—Yesaya 59:1.

Urukundo Imana idukunda ruragaragarira kandi mu kuba ‘yumva ivyo isabwa.’ (Zaburi 65:2) Ivyo bigaragara gute? Intumwa Paulo asigura ati: “Ntimwiganyire ku kintu na kimwe, mugabo muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba bijana n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana; maze amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira biciye kuri Kristu Yezu.” (Abafilipi 4:6, 7) Biciye ku gutura Imana amasengesho avuye ku mutima be no ku gukurikiza ubuyobozi itanga mw’Ijambo ryayo, na wewe nyene urashobora kuronka “amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose.”

“Imana izi vyose”

Muri Bibiliya, Yehova Imana adondorwa ko ari “ūfise ubgenge bushitse.” Kubera ko ari “Imana izi vyose,” aratahura ukuntu abantu bameze be n’ivyo bakenera gusumba uwundi muntu uwo ari we wese. (Yobu 36:4; 1 Samweli 2:3) Abicishije ku musavyi wiwe Musa, yamenyesheje yuko “umuntu adatungwa n’ivyo kurya gusa, arikw atungwa n’amajambo yose ava mu kanwa k’Uhoraho.” (Gusubira mu vyagezwe 8:3; Matayo 4:4) Ivyo bisobanura yuko kugira ngo dushire akanyota vy’ukuri mu buzima, dukeneye n’ibindi uretse ibintu vy’umubiri.

Umuremyi wacu araturonsa ubuyobozi be n’impanuro vy’agaciro abicishije kw’Ijambo ryiwe Bibiliya. Igihe twiga Bibiliya tukongera tugashira mu ngiro impanuro iduha mu buzima bwacu, turungukira ku “majambo yose ava mu kanwa k’Uhoraho.” Nk’akarorero, uwitwa Zuzanna, uno akaba ari umukenyezi mukirisu, yavuze ku bijanye n’ubuzima bwiwe bwo mu rugo ati: “Umubano wacu wakomejwe n’ukuba twarasomera Bibiliya hamwe, tukitaba amakoraniro ya gikirisu turi kumwe tukongera tukabwira abandi ivyo twize. Bivuye ku buyobozi bwo mu vy’impwemu Imana itanga, dufise imigambi imwe kandi turafitaniye ubucuti bukomeye hagati yacu.”

Woba wipfuza kwungukira ku mpanuro be no ku buyobozi bwo mu vy’impwemu Imana itanga? Biciye ku kwiga Bibiliya udahorereza be no ku gushira mu ngiro impanuro zo muri Bibiliya, uba utumye bishoboka ko uronka imihezagiro myinshi yo mu vy’impwemu iva ku Mana.​—Abaheburayo 12:9.

“Imana y’agakiza”

Isi muri kino gihe yuzuye amatati. Nta wumenya neza ico buca bucana. Nimba uba mu gihugu catabaguwe n’intambara, ushobora kuba wipfuza cane amahoro. Mu bindi bihugu bitari bike vyo kw’isi, abantu babayeho bafise ubwoba kubera ubwicanyi be n’ubugizi bwa nabi, ivy’ubutunzi biguma bihindagurika be n’ibitero vya ba gaterabwoba. None ni nde azodukiza ivyo vyose? Ubu, kuruta ikindi gihe cose, abantu barakeneye gukingirwa no gutabarwa.

Bibiliya ivuga iti: “Izina ry’Uhoraho n’umunara ukomeye: umugororotsi awirukiramwo akaba amahoro.” (Imigani 18:10) Kumenya izina ry’Imana be no kwiheka kuri ryo birashobora gutuma tuzirikana ku vyo yakoze be n’ivyo iraririye gukora kugira ngo irokore abayizera. Yehova Imana yarerekanye mu buryo budaharirizwa ko ashobora gukiza abasavyi biwe. Nk’akarorero, yararokoye Abisirayeli mu gutikiza imikogote ya Farawo y’intambara be n’ingabo ziwe. Yehova yaragaragaje ko ari Imana yo kwizigirwa, Imana yibuka abahahazwa kandi yipfuza kugira ico ikoze ku bw’ineza yabo.​—Kuvayo 15:1-4.

Kazoza kacu k’ibihe bidahera kavana kandi n’ukuba twizera Yehova Imana nka we Mukiza. Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera, uwihanganiye ingorane nyinshi, yarerekanye mwene ukwo kwizera igihe yandika ku bijanye na Yehova ati: “[Ni] wewe Mana y’agakiza kanje.” (Zaburi 25:5) Intumwa Petero yavuganye ukwizigira ati: “Yehova arazi kurokora mu kigeragezo abantu bari n’ukwihebera Imana.”​—2 Petero 2:9.

Ku bijanye n’umuntu ahanga amaso Imana kugira imufashe, yasezeranye iti: “[“Nzomukingira,” NW] kuko yamenye izina ryanje.” (Zaburi 91:14) Abasavyi b’Imana bo muri kino gihe bariboneye ko uwo muhango ari uw’ukuri. Uwitwa Henryk wo muri Polonye yaramaze imyaka 70 asukurira Yehova ari umwizigirwa naho yashikiwe n’ingorane zikomeye be n’uruhamo. Igihe Henryk yari afise imyaka 16, se wiwe yararungitswe mw’ikambi ry’itunatuniro ry’i Auschwitz. Henryk be na mukuruwe bashizwe mw’ibohero ry’Abanazi ryapfungirwamwo abakiri bato. Inyuma y’ivyo, yagiye arakurwa mw’ikambi ry’itunatuniro rimwe ajanwa mu rindi. Ku bijanye n’ico kiringo, Henryk aravuga iyo yibuka ati: “Mu bihe bigoye vyose naciyemwo, Yehova ntiyigeze ampeba. Yamye nantaryo amfasha kuguma ndi umwizigirwa, naho nyene akatari gake nagarukiye ku munwa w’icobo.” Vy’ukuri, Yehova araronsa abasavyi biwe ukwizera be n’inkomezi kugira ngo bihangane.

Ubu bwa vuba, Imana igiye kugaragaza ko ari Umukiza w’abantu bose bayizera kandi bayihanze amaso kugira ngo ibarokore. Ivuga iti: “Jewe, jewe nyene nd’Uhoraho; kandi nta wundi Mukiza atari jewe.” (Yesaya 43:11) Ku “ntambara yo kuri wa musi ukomeye w’Imana Mushoboravyose,” Imana izorandura inkozi z’ikibi zose kw’isi yongere irokore abagororotsi. (Ivyahishuwe 16:14, 16; Imigani 2:21, 22) Yehova adukura amazinda ati: “Abagwaneza bazoragwa igihugu, bazonezererwa amahoro y’umusēsekara.”​—Zaburi 37:11.

Gucika “abana b’Imana”

Mu gihe c’umuhanuzi Malaki, Abisirayeli bivugisha ngo Yehova ni Se wabo. Yamara, igihe vyaba bisaba ko bamugaragariza icubahiro be n’ukumwihebera, batanga ibimazi vy’imikate yononekaye be n’ibitungwa bihumye kandi bimugaye. Ni co gituma Yehova yababajije ati: “Asangwa ndi So, kunyubaha kwanyu kuri hehe?”​—Malaki 1:6.

Ntugire amakosa nk’ayo abo Bisirayeli b’ibihemu bagize. Ahubwo, tukuremesheje kwiga ivyerekeye Yehova Imana be no kumwiyegereza. Umwigishwa Yakobo aduhimiriza ati: “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.”​—Yakobo 4:8.

Igihe Yehova akubereye So, biratuma uzezwa amabanga manaka. Niwihatira gutera iteka Imana mu kugumya ingingo mfatirwako ziwe utadohoka mu mice yose y’ubuzima, ntazokwigera yibagira utwigoro ugira. Ahubwo, azogufasha kugendera mu nzira igororotse ijana mw’isi nshasha yasezeranye, aho “urupfu [ruta]zokwongera kubaho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizokwongera kubaho.” (Ivyahishuwe 21:4) Ico gihe, abantu bose bagamburuka ‘bazogirwa abidegemvya bave mu buja bw’ukubora maze bagire umwidegemvyo w’ubuninahazwa w’abana b’Imana.’​—Abaroma 8:21.

[Ifoto ku rup. 5]

Imana ishaka ko tumenya izina ryayo ari ryo Yehova, irisobanura ijambo ku rindi ngo “atuma biba”

[Ifoto ku rup. 6]

“Mu bihe bigoye vyose naciyemwo, Yehova ntiyigeze ampeba.”​—HENRYK

[Ifoto ku rup. 7]

“Umubano wacu wakomejwe n’ukuba twarasomera Bibiliya hamwe, tukitaba amakoraniro ya gikirisu turi kumwe tukongera tukabwira abandi ivyo twize.”​—ZUZANNA

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika