Ni ibiki vy’ukuri bishikira umuntu iyo apfuye?
“Abantu bose barafise umutima w’ubwenge udapfa, mbere n’abanyakibi . . . Kubera ko uwo mutima wabo uhabwa igihano kidahera c’umuriro utazima, kandi ukaba udapfa, ntibishoboka [ko ureka] kuguma ubabazwa.”—Vyavuzwe na Kelementi w’i Alegizandiriya, umwanditsi wo mu kinjana ca kabiri n’ica gatatu G.C.
COKIMWE na Kelementi, abashigikira inyigisho yuko umuriro udahera ari ahantu ho kubabarizwa, baba bemeje ko abantu bafise umutima w’ubwenge udapfa canke ubugingo budapfa. None Bibiliya yoba ishigikira iyo nyigisho? Raba ivyo Ijambo ry’Imana rivuga mu kwishura ibibazo bikurikira.
Umuntu wa mbere ari we Adamu, yoba yari afise ubugingo budapfa? Bibiliya imwe yahinduwe n’abaporotisanti yitwa King James Version, canke Authorized Version, ivuga ku bijanye n’iremwa rya Adamu iti: “UMUKAMA Imana yabumvye umuntu mu mukungugu wo hasi, hanyuma ahumekera mu myenge y’amazuru yiwe impemu y’ubuzima; maze uwo muntu acika ubugingo buzima.” (Itanguriro 2:7) Urabona yuko ico canditswe kitavuga yuko Adamu yahawe ubugingo.
Ni ibiki vyahavuye bishikira Adamu amaze gucumura? Igihano Imana yavuze ko yohawe ntikwari ukubabazwa ibihe bidahera mu muriro. Ahubwo, Bibiliya imwe yahinduwe n’abagatolika (New American Bible) ihindura amajambo Imana yavuze muri ubu buryo: “Ukubira akuya ni kwo kuzoguhesha umukate wo kurya, gushika usubiye mw’ivu wakuwemwo; kuko uri umukungugu, kandi mu mukungugu ni ho uzosubira.” (Itanguriro 3:19, ni twe dushimitse.) Ivyo Imana yavuze nta ciyumviro bitanga c’uko hari igihimba na kimwe ca Adamu cobandanije kubaho amaze gupfa. Igihe Adamu yapfa, ubugingo, ni ukuvuga Adamu nyene, bwari bupfuye.
Hoba hari umuntu n’umwe afise ubugingo budapfa? Imana yabwiye umuhanuzi Ezekiyeli iti: “Ubugingo bukora icaha ni bwo buzopfa.” (Ezekiyeli 18:4, The Holy Bible—New International Version) Intumwa Paulo yanditse ati: “Nk’ukw icaha cazanywe mw isi n’umuntu umwe [Adamu], urupfu rukazanwa n’icaha, ni k’urupfu rushika ku bantu bose, kuko bose bākoze ivyaha.” (Abaroma 5:12, Bibiliya Yera) Nimba abantu bose bacumura, iciyumviro cumvikana umuntu ashobora gushikako rero ni ic’uko ubugingo bwose bupfa.
Abantu bapfuye boba bashobora kumenya canke kwumva ikintu na kimwe? Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Abariho baba bazi ko bazopfa; arikw abapfuye nta co baba bakizi.” (Umusiguzi 9:5) Mu kudondora ibishikira umuntu iyo apfuye, Bibiliya ivuga iti: “[Yi]subirira mw ivu ryiwe; uwo musi nyene imigabo yiwe igashira.” (Zaburi 146:4) Nimba abapfuye ‘ata na kimwe baba bakizi’ kandi ‘imigabo yabo ikaba yarashize,’ none boshobora gute kubabarizwa mu muriro udahera?
Yezu Kristu ntiyagereranije urupfu n’uburyo na bumwe bwo kuba umuntu afise ubwenge, ahubwo yarugereranije n’itiro.a (Yohani 11:11-14) Ariko rero, hari aboharira bavuga yuko Yezu yigishije ko umuriro udahera ari ahantu hashushe be n’uko abacumuzi bazotererwayo. Nimuze turimbure ivyo Yezu mu vy’ukuri yavuze ku bijanye n’umuriro.
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka kumenya vyinshi, raba ikiganiro kivuga ngo “Ivyo twigira kuri Yezu—Ku bijanye n’icizigiro kiriho ku bapfuye” ku rupapuro rwa 16 be n’urwa 17.