ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w09 1/8 rup. 3-4
  • Amadini yose yoba ari meza?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amadini yose yoba ari meza?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inzira zose zoba zishikana ku Mana?
  • Vyoba bishoboka ko tumenya inzira yaga iyo ari yo?
  • Idini Yawe Iri n’Ico Ivuze Koko
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Mwoba mwemera ko idini ryanyu ari ryo dini ryonyene ry’ukuri?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Urakeneye Kwiga Ivyerekeye Imana
    Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!
  • Imana yoba yemera ubwoko bwose bw’ugusenga?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
w09 1/8 rup. 3-4

Amadini yose yoba ari meza?

TUBAYE mw’isi irimwo amadini injojo atandukanye. Itohoza rimwe riherutse kugirwa ryerekanye ko hari amadini makurumakuru 19 be n’amadini matomato ashika 10.000 hirya no hino kw’isi. Ubwo bwinshi bw’amadini buraha abantu akaryo katari bwigere kaboneka ko kwihitiramwo idini bojamwo. None, hoba hari ico bitwaye upfuye idini uhisemwo?

Hari abantu bavuga yuko amadini atandukanye ameze nk’inzira zitandukanye zishikana ku musozi umwe. Babona ko ataco bitwaye bapfuye inzira bahisemwo kubera yuko inzira zose zishikana mu kibanza kimwe. Bavuga yuko hari Imana Mushobora vyose imwe rudende, akaba ari co gituma amadini yose impera n’imperuka ategerezwa kuba ashikana kuri iyo Mana.

Inzira zose zoba zishikana ku Mana?

Yezu Kristu, uno akaba ari umwe mu bigisha b’ivy’Imana babaye abubahwa gusumba abandi bose, yavuze iki ku bijanye n’ico kibazo? Yabwiye abigishwa biwe ati: “Muce mw irembo ripfunganye.” Uti kubera iki? Yavuze ati: “Kukw irembo ryagutse, n’inzira y’igihamo, ari vyo bijana abantu mu mahonero, kand’abahaca ni benshi. Arikw irembo ripfunganye, n’inzira ntoya, ni vyo bija mu bugingo, kand’abahabona ni bake.”​—Matayo 7:13, 14, Bibiliya Yera.

Ubwo Yezu yoba vy’ukuri yariko avuga yuko amadini amwamwe ari yo ajana abantu “mu mahonero?” Canke yoba yariko yigisha yuko abatemera bonyene ari bo bari mu nzira yagutse, magingo abemera Imana, naho boba bari mw’idini irihe, baba bari mu nzira yaga ishikana mu buzima?

Yezu agiheza kwerekana yuko hari inzira zibiri gusa, yaciye avuga ati: “Muririnde abahanuzi b’ibinyoma: babegera ku rukoba basa n’intama, ariko imbere ari imfyisi zisahura.” (Matayo 7:15, UB) Mu nyuma yavuze ati: “Umuntu wese amvumereza, ati Mwami, Mwami; si we azokwinjira mu bgami bgo mw ijuru, atar’ūkora ivyo Data wo mw ijuru agomba.” (Matayo 7:21, BY) Nimba umuntu yiswe umuhanuzi canke akavuga ko Yezu ari “Umwami” wiwe, biba vyumvikana tuvuze yuko ari umuntu akunda Imana, ko atari uwutemera. Biratomoye rero yuko Yezu yariko arerekana ko amadini yose atari meza be n’uko atari abigisha b’amadini bose bakwiye kwizigirwa.

Vyoba bishoboka ko tumenya inzira yaga iyo ari yo?

None ko atari inzira zose zishikana ku Mana, mu nzira ibihumbi n’ibihumbi ziriho, ushobora gute gutora iyaga ishikana mu buzima? Rimbura iki kigereranyo: Niwihe ishusho wazimiriye mu gisagara kinini. Ufashe ingingo yo kubaza uwogufasha. Umuntu umwe akubwiye abigiranye ukujijuka ngo werekeze mu Buseruko. Uwundi aguhimirije ngo ufate inzira yo mu Burengero. Uwundi na we akugiriye inama ngo uhitemwo inzira iyo ari yo yose ubona ko yokubera nziza kuruta izindi zose. Amaherezo, ingenzi nkawe irasokoroye ikarata yo kwizigirwa maze ikweretse ibarabara nyaryo iryo ari ryo. Iciye rero iguha nya karata kugira ngo ushobore kuguma uyisunga mu rugendo rwawe. Ubwo none ntiwoca wumva urushirije kwizigira yuko uza gushika iyo uriko uraja?

Muri ubwo buryo nyene, igihe dushaka guhitamwo idini ribereye, turakenera ikarata yo kwizigirwa mu bijanye no gusenga. None iyo karata yoba ibaho? Ego cane. Iyo karata ni Bibiliya, ino ikaba ivuga iti: “Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana, kandi bigira ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganya, no kumutoza indero nziza mu kugororoka.”​—2 Timoteyo 3:16, BY.

Birashoboka ko mu rurimi uvuga woba ufise impinduro ya Bibiliya ushobora gukoresha nk’ikarata mu bijanye no gusenga Imana. Abasohora iki kinyamakuru, ni ukuvuga Ivyabona vya Yehova, barasohora impinduro ya Bibiliya mu kirundi yo kwizigirwa yitwa Impinduro y’isi nshasha y’Ivyanditswe vy’ikigiriki. Ariko rero, nimba utari Icabona ca Yehova, woshobora gushima gukoresha izindi mpinduro igihe uriko urarimbura ibijanye no kumenya idini ryiza na ribi. Ku bw’ivyo, muri ibi biganiro bikurikirana harasubirwamwo ivyanditswe bikuwe mu mpinduro zimwezimwe za Bibiliya zubahwa cane n’ayandi madini.

Uko usoma ibiganiro bikurikira, nugereranye ivyo usanzwe uzi be n’ivyo Bibiliya ivuga. Nugumize ku muzirikanyi amajambo ya Yezu ajanye n’ukuntu dushobora gutandukanya idini ryiza na ribi. Yavuze ati: “Igiti ciza cama ivyamwa vyiza, igiti kibi naco kikama ivyamwa bibi. Igiti ciza ntigishobora kwama ivyamwa bibi, igiti kibi naco ntigishobora kwama ivyamwa vyiza.” (Matayo 7:17, 18, UB) Rimbura bitatu gusa mu vyamwa vyiza Bibiliya ivuga ko bikwiye kuranga “igiti ciza.”

[Iciyumviro nyamukuru/Amafoto ku rup. 3]

Bibiliya imeze nk’ikarata yo kwizigirwa ishobora gufasha umuntu gutora idini ry’ukuri

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika