Igikoresho kigenewe gufasha urwaruka kwibuka Umuremyi warwo
“WAME wibuka Umuremyi wawe mu misi y’ubusore bgawe.” Ayo majambo yanditswe na wa mugabo w’inkerebutsi Salomo, ubu hakaba haciye imyaka nka 3.000. (Umus. 12:1) Urwaruka rukirisu ubu rurafise ikindi gikoresho kigenewe kurufasha kubigenza gutyo. Igitabu Les jeunes s’interrogent—Réponses pratiques, volume 2 (Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakimazi, imbumbe ya 2), carasohowe ku mahwaniro y’intara y’Ivyabona vya Yehova yataziriwe ngo “Tuyoborwa n’impwemu y’Imana,” ano akaba yabereye kw’isi yose kuva muri Rusama 2008 gushika muri Nzero 2009.
Imbere ku gipfukisho c’ico gitabu hariko ikete Inama Nyobozi yandikiye urwaruka. Hari agace karyo kagira gati: “Icipfuzo gikomeye dufise ni uko amakuru ari muri iki gitabu yogufasha kunanira utwosho be n’ibigeragezo bihanze urwaruka rwo muri kino gihe, akagufasha kandi kubona ukuntu wofata ingingo zihuje n’ivyo Imana igomba.”
Abavyeyi mu vy’ukuri baripfuza kurera abana babo “mu kubatoza indero no mu kuyobora ivyiyumviro vyabo nk’uko Yehova yashinze.” (Ef. 6:4) Ariko rero, igihe urwaruka rwinshi rugeze mu buyabaga, ruriyumvamwo yuko rutiyizigira, maze rukumva rushashaye kuronswa ubuyobozi. None nimba uri umuvyeyi afise umwana w’umuyabaga, ushobora gute gufasha umwana wawe kwungukira cane kuri ico gitabu? Rimbura izi nama zikurikira ugiriwe.
▪ Niwironse igitabu cawe bwite kandi umenye neza ibiri muri co. Ivyo ntibisaba kugisoma gusa. Gerageza no gutahura ukuntu ivyiyumviro bishikirizwa. Aho gupfa kubwira urwaruka ikibereye n’ikitabereye, ico gitabu kirihatira kumenyereza “ububasha bwabo bwo gutegera.” (Heb. 5:14) Vyongeye, ico gitabu kirabagīra inama ngirakimazi zerekeye ukuntu boguma bumiye ku gukora ikibereye. Nk’akarorero, Ikigabane ca 15 kivuga ngo “Noshobora gute kunanira akosho k’urunganwe?” kirerekana ibindi bintu vyokorwa uretse gusa kubwira urwaruka ngo rwiyamirize ako kosho. Kirerekana uburyo bokoresha bushingiye kuri Bibiliya be n’inyishu zirashe bizobafasha kumenya ukuntu “[bo]kwishura umuntu wese.”—Kol. 4:6.
▪ Nukoreshe imice y’ico gitabu ituma umuntu agira uruhara mu bivugwa. Naho ivyo bihimba usanga bigenewe urwaruka, ubona gute ugiye urandika mu gitabu cawe bwite ahantu ubona ko bibereye?a Nk’akarorero, igihe urimbura ibibazo bibiri bituma umuntu agira uruhara mu bivugwa, ibiri ku rupapuro rwa 16, na vyo bikaba bivuga ibijanye no kureshanya, nugerageze kwibuka ukuntu wiyumva igihe wari mu bigero umwana wawe agezemwo. Kumbure, hari aho woshima kwandika inyishu mu bibanza vyatanzwe, zerekana ukuntu ico gihe wari kwishura ivyo bibazo. Nuce rero wibaza uti: ‘Ukuntu mbona ico kibazo vyagiye birahinduka gute uko imyaka yagiye irarengana? Ni ibiki natahuye kuva mu buyabaga bwanje, kandi nobifashisha gute umwana wanje mu buryo ngirakamaro?’
▪ Niwubahirize ivyo umwana wawe w’umuyabaga yagize akabanga. Vya bihimba vy’ico gitabu bituma umuntu agira uruhara mu biba biriko biravugwa, bigenewe kuremesha umwana wawe guserura iryo agona, bigatuma agira iciyumviro mu bwenge canke akacandika. Intumbero yawe ni ukumenya ibiri mu mutima w’umwana wawe, si ukumenya ivyo yanditse mu gitabu ciwe. Mu gihimba kiri ku rupapuro rwa 3, igifise umutwe uvuga ngo “Ibimenyeshejwe abavyeyi,” ico gitabu gitanga inama zigira ziti: “Kugira ngo mufashe abana banyu b’imiyabaga kugira ico banditse mu bitabu vyabo bisanzuye, nimubareke hagire ivyo bagira akabanga. Mu nyuma boshobora kwubahuka kugira ico bababwiye ku bijanye n’ibiganiro vyatumye bagira ico biyandikira.”
Kirafasha mu nyigisho ya Bibiliya y’umuryango
Igitabu Urwaruka ruribaza, imbumbe ya 2, ni igikoresho gifasha cane mwokoresha mu gihe c’Ugusenga kwanyu kwo mu muryango. None ico gitabu wogikoresha gute narirya usanga ingingo zitagira ibibazo wokoresha mu gihe c’inyigisho? Ubona gute iyo nyigisho uyihuje n’ibikenewe, mu gukoresha uburyo ubona ko bwogira ico bufashije cane abana bawe?
Nk’akarorero, hari imiryango yoshima kugira imyimenyerezo mu gihe co kurimburira hamwe ikiganiro kiri ku rupapuro rwa 132-133 kivuga ngo “Guhangana n’akosho k’urunganwe.” Ikibazo ca mbere tuhasanga coshobora gufasha umuhungu canke umukobwa wawe kumenya ikintu kimubangamiye cane kuruta ibindi. Ikibazo kigira kabiri cerekana ibintu vyoshobora gutuma ako kosho kamushikako. Hamaze kurimburwa ingaruka zova mu kworohera akosho k’urunganwe canke izova mu kukananira, umwana wawe aca asabwa gutegekanya ukuntu yovyifatamwo, nimba yokwemera ako kosho, niba yokazibukira, canke nimba yokiyamiriza. Nufashe umuhungu wawe canke umukobwa wawe kuba umuntu yiyumvira kandi ategura inyishu zizotuma yumva ko yorohewe, izo azotanga afise umutima mu nda kandi ari n’ukujijuka.—Zab. 119:46.
Igikoresho kigenewe uguseruranira akari ku mutima
Igitabu Urwaruka ruribaza, imbumbe ya 2 kiraremesha urwaruka guserurira abavyeyi babo akari ku mutima. Nk’akarorero, mu ruzitiro ruvuga ngo “Noganira gute na dawe canke na mawe ibijanye n’igitsina?” (ku rupapuro rwa 63-64) be no mu ruvuga ngo “Nuganire n’abavyeyi bawe” (ku rupapuro rwa 189), haratangwa inama ngirakimazi zerekana ukuntu umuntu yotangura kuvuga ibintu usanga bitera ubuyega. Umwigeme umwe w’imyaka 13 yanditse ati: “Iki gitabu carandonkeje umutima rugabo wo kuyagira abavyeyi banje ivyo nari mfise mu muzirikanyi, eka mbere n’ivyo nari narakoze.”
Ico gitabu kiraremesha ibijanye no guseruranira akari ku mutima no mu bundi buryo. Mu mpera ya buri kigabane hariho uruzitiro ruvuga ngo “Uvyiyumvirako iki?” Aho kuba isubiramwo gusa, urwo ruzitiro rurashobora gukoreshwa nk’ivyiyumviro wokwisunga mu kiyago ugirana n’umuryango. Ikigabane cose kiri hafi kurangira, hariho kandi uruzitiro ruvuga ngo “Ico ntegekanya gukora!” Urwo ruzitiro ruraha urwaruka akaryo ko kwandika imice kandondwa rwokoreshamwo ivyo ruba ruhejeje kwiga muri ico kigabane. Agace k’urwo ruzitiro kagira gati: “Ivyo nipfuza kubaza umuvyeyi (abavyeyi) ku bijanye n’iki kiganiro, ni . . . ” Ivyo birashobora gutuma urwaruka ruronderera impanuro ngirakamaro ku bavyeyi barwo.
Nushikire umutima!
Kubera yuko uri umuvyeyi, intumbero yawe ni iyo gushikira umutima w’umwana wawe. Igitabu Urwaruka ruribaza, imbumbe ya 2, kirashobora kugufasha kubishikako. Rimbura ukuntu sebibondo umwe yashoboye gukoresha ico gitabu kugira ngo aremeshe ibijanye no guseruranira akari ku mutima n’umukobwa wiwe.
Avuga ati: “Jewe na Rebekah turafise ibibanza vyiza cane dukunda kujamwo, tukagenda n’amaguru canke n’amakinga kibure n’umuduga. Ivyo bibanza dukunda gusohokeramwo nasanze ari ahantu hatuma yoroherwa no kugira ico avuze.
Ibintu twatanguye kurimbura muri ico gitabu ni rya kete ryandikwa n’Inama Nyobozi be n’igihimba kivuga ngo ‘Ibimenyeshejwe abavyeyi.’ Naripfuza ko umukobwa wanje amenya yuko, nk’uko vyerekanwa ku rupapuro rwa 3, yari akwiye kwandika mu gitabu ciwe yisanzuye, ata co yinona. Sinaja gusuma urusaku ngo ndabe ivyo yaba yanditse.”
Abandanya ati: “Nararetse Rebekah arihitiramwo ibigabane yipfuza ko twoyagako, mu rutonde yipfuza ko twokwisunga. Kimwe mu bigabane yatoye ubwa mbere cari ikivuga ngo ‘Noba nkwiye gukina udukino two kuri orodinateri?’ Emwe, sinigeze niyumvira yuko yotoye ico kiganiro! Ariko rero, ntiyari yihenze. Abagenzi biwe batari bake bari basanzwe bakina mwene utwo dukino duteye ikinya. Nta kintu na kimwe nari nzi ku bijanye n’ubukazi bukabije be n’imvugo zishisha usanga muri utwo dukino! Ariko ivyo vyose vyaraserutse igihe twariko turarimbura uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 251 ruvuga ngo “Ico ntegekanya gukora!” Urwo ruzitiro rwarafashije kandi Rebekah gutegura inyishu yotanga hamwe hogira umuntu yogerageza kumwosha kuja gukina utwo dukino.
Ubu, Rebekah ntiyitinya kumbwira ivyo aba yaranditse mu gitabu ciwe. Inyigisho yacu igizwe n’ikiyago tugira ubudahorereza. Tuza turakuranwa mu gusoma, agaca yipfuza kugira ico avuze ku kantu kose, ushizemwo amashusho be n’ibiba biri mu nzitiro. Ivyo biratuma ndonka akaryo ko kumuyagira ukuntu vyangendera igihe nari mu bigero vyiwe, na we agaca ambwira uko ibintu vyifashe muri kino gihe. Emwe, usanga yipfuza kumbwira akantu ako ari ko kose!”
Nimba uri umuvyeyi, nta gukeka yuko wanezerewe cane igihe ico gitabu casohorwa. Ubu rero, urafise akaryo ko kugikoresha neza. Inama Nyobozi irizigiye yuko igitabu Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakimazi, imbumbe ya 2, kizoba umuhezagiro ku muryango wawe. Ese cofasha abantu bose, na canecane urwaruka rwacu twikundira, ‘kuguma bagenda bisunga impwemu.’—Gal. 5:16.
[Akajambo k’epfo]
a Ibibanza bimwebimwe vyo kwandikamwo bituma umuntu agira uruhara mu bivugwa, usanga bigenewe abantu bo mu bigero vyose. Nk’akarorero, uruzitiro ruvuga ngo “Nucungere ishavu ryawe,” urwo dusanga ku rupapuro rwa 221, rwoshobora kugufasha nk’uko rwofasha umuhungu wawe canke umukobwa wawe. Ivyo ni ko vyogenda no ku bijanye n’uruzitiro ruvuga ngo “Guhangana n’akosho k’urunganwe” (ku rupapuro rwa 132-133), uruvuga ngo “Amahera nkoresha buri kwezi” (ku rupapuro rwa 163), be n’uruvuga ngo “Imigambi yanje” (ku rupapuro rwa 314).
[Uruzitiro ku rup. 30]
Ivyo urwaruka rumwerumwe ruvuga
“Iki ni co gitabu umuntu akwiye kwicarira afise ikaramu, maze akagisoma azirikana. Kuba gitunganijwe nk’agatabu umuntu yiyandikiramwo ivyo akora buri musi, biratuma umuntu azirikana ari wenyene, akabigira afise intumbero yo kwishingira inzira y’ubuzima nziza kuruta izindi zose.”—Nicola.
“Ndashirwako cane umukazo wo kuja mu vyo kureshanya, ukava mbere no ku bantu mbona ko banshakira ineza. Igihimba ca mbere c’iki gitabu caratumye njijuka yuko ntaragera kuja mu vyo kureshanya, naho hogira uwumbwira ibiki.”—Katrina.
“Uruzitiro ruvuga ngo ‘Woba wiyumvira ibijanye no kubatizwa?’, rwaramfashije kurushiriza mbere gufatana uburemere ibatisimu yanje. Rwaramvyuriye umutima wo gusubira gusuzuma utumenyero mfise mu bijanye no kwiyigisha be no gusenga.”—Ashley.
“Naho abavyeyi banje bakirisu banyigishije kuva nkiri umwana mutoyi, iki gitabu caratumye ubwanje nzirikana ku bijanye n’intambwe nkwiye gutera mu buzima. Caramfashije kandi kurushiriza kuganira n’abavyeyi banje ata co ndabahisha.”—Zamira.
[Ifoto ku rup. 31]
Bavyeyi, nimumenye neza ibiri muri ico gitabu
[Ifoto ku rup. 32]
Niwishingire intumbero yo gushikira umutima w’umwana wawe