Niwiyegereze Imana
‘Ubwami bwawe buzohora buhamye’
KUVA kera na rindi, abategetsi benshi b’abantu bagiye barakurwa mu mabanga yabo. Hari abatsinzwe mu matora, abandi na bo babogozwa ku nguvu. None tuvuge iki ku bijanye na Yezu Kristu, wa Mwami w’Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru? Hoba hari ikintu na kimwe gishobora kumubuza gutegeka ari Umwami yagenywe n’Imana? Inyishu turashobora kuyisanga mu majambo Yehova yabwiye Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera, nk’uko yanditse muri 2 Samweli ikigabane ca 7.
Ico kigabane gitangura cerekana ko Dawidi abujijwe amahoro n’uko aba ku kirimba gihimbaye kandi ari umwami asanzwe w’umuntu, mu gihe isandugu y’Imana iri mw’ihema riciye bugufi.a Dawidi araserura icipfuzo afise co kwubakira Yehova inzu ibereye, ni ukuvuga urusengero. (Umurongo wa 2) Ariko Dawidi si we azokwubaka iyo nzu. Yehova abicishije ku muhanuzi Natani, arabwira Dawidi ko umuhungu wiwe ari we azokwubaka urwo rusengero.—Umurongo wa 4, 5, 12, 13.
Yehova arakorwa ku mutima n’icipfuzo kivuye ku mutima Dawidi afise. Kubera yuko Dawidi yari yarihebeye Imana no kugira ngo bihuze n’ubuhanuzi, Imana iragiranira na Dawidi isezerano ry’uko izohagurutsa umuntu wo mu muryango wa cami wa Dawidi azotegeka ibihe vyose. Natani arashikiriza umuhango Imana yahaye Dawidi icese iti: “Inzu yawe n’ubgami bgawe bizohora bihamye imbere yiwe, . . . n’ingoma yawe izokwama ihangamye na ntaryo.” (Umurongo wa 16) None ni nde ari Samuragwa w’ibihe vyose w’iryo sezerano, ni ukuvuga uwuzotegeka ibihe vyose?—Zaburi 89:20, 29, 34-36.
Yezu w’i Nazareti yakomoka kuri Dawidi. Igihe umumarayika yariko aramenyesha ibijanye n’ivuka rya Yezu, yavuze ati: “Yehova Imana azomuha intebe y’ubwami ya Dawidi se wiwe, kandi azoganza inzu ya Yakobo ibihe vyose, kandi ubwami bwiwe ntibuzogira iherezo.” (Luka 1:32, 33) Iryo sezerano rero Imana yagiranye na Dawidi rirangukira kuri Yezu Kristu. Ku bw’ivyo, ntategeka kubera yuko yatowe n’abantu, ariko ategeka bivuye ku muhango Imana yatanze icese umuha uburenganzira bwo gutegeka ibihe vyose. Nitwibuke yuko imihango y’Imana yama nantaryo iranguka.—Yesaya 55:10, 11.
Hari ivyigwa bibiri bihambaye dukura muri 2 Samweli ikigabane ca 7. Ubwa mbere, turashobora kwizigira tudakeka ko ata kintu na kimwe canke umuntu n’umwe vyoshobora kubuza Yezu Kristu gutegeka. Ku bw’ivyo, turashobora guhera amazinda yuko azoshitsa umugambi yavuze ko ubutegetsi bwiwe buzoshikako, na wo akaba ari ugutuma ivyo Imana igomba bishitswa kw’isi nko mw’ijuru ata gahaze.—Matayo 6:9, 10.
Ubwa kabiri, iyo nkuru iratwigisha icigwa ceza umutima ku bijanye na Yehova. Wibuke ko Yehova yabonye icipfuzo Dawidi yari afise ku mutima yongera aragiha agaciro. Biraremesha kumenya yuko Yehova abona ukuntu twihebera ibijanye n’ukumusenga akongera akabiha agaciro. Rimwe na rimwe, ibintu ata co dushobora kubihindurako, nk’amagara atera ayonga canke ubusaza, vyoshobora kutubuza kurangura ivyo umutima wacu wipfuza gushikako vyose mu murimo turangurira Imana. Nimba ari ukwo vyifashe, ese twohumurizwa no kumenya ko Yehova abona mbere n’ivyo umutima wihebeye kumusenga wipfuza gukora.
[Akajambo k’epfo]
a Isandugu y’isezerano yari isandugu nyeranda yakozwe ari Yehova abisavye kandi hisunzwe imigero yatanze. Yagereranya ko Yehova ari ho ari muri Isirayeli ya kera.—Kuvayo 25:22.