Ku bw’urwaruka
Ukuntu woronka abagenzi b’intahemuka
Ibimenyeshejwe: Uyu mwimenyerezo, nuwukorere ahantu hatekanye. Igihe usoma ivyanditswe, nubone yuko ufise uruhara muri ivyo biriko biraba. Niwihe ishusho y’ibiriko biraba, wumve amajwi. Niwiyumve nk’uko abantu nyamukuru bavugwa muri iyo nkuru biyumva. Nubone ibivugwa muri iyo nkuru nk’ibiriko biraba koko.
Abantu nyamukuru bavugwamwo: Yonatani, Dawidi na Sauli
Incamake: Dawidi amaze kwica Goliyati, Yonatani aracika umugenzi somambike wa Dawidi.
1 NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.—SOMA 1 SAMWELI 17:57–18:11; 19:1; 20:1-17, 41, 42.
Dondora ukuntu wibaza ko Sauli yaboneka. (Icogufasha kubimenya: Raba 1 Samweli 10:20-23.)
_______
Igihe Dawidi yahwana na Yonatani, biboneka ko yari umuyabaga. Wibaza ko yasa gute? (Icogufasha kubimenya: Raba 1 Samweli 16:12, 13.)
_______
Wisunze ibivugwa mu mpera ya 1 Samweli, ikigabane ca 20, wumva Dawidi na Yonatani bavuga bamerewe gute ku mutima igihe batandukana?
_______
2 NURUSHIRIZE KWIMBA.
Iyo nkuru ivuga ko “umutima wa Yonatani [waciye] ufatana n’uwa Dawidi akaramata,” mu yandi majambo nk’uko Bibiliya imwe (Contemporary English Version) ibivuga, “Dawidi na Yonatani baciye bacika abagenzi somambike.” (1 Samweli 18:1) Ni kamere izihe Dawidi yari afise zishobora kuba zaratumye Yonatani amukunda? (Icogufasha kubimenya: Raba 1 Samweli 17:45, 46.)
_______
Yonatani yarusha Dawidi imyaka hafi 30 y’amavuka. Ni ibiki wibaza ko vyoba vyarabafashije kuba “abagenzi somambike” naho bari batandukanye cane mu myaka?
_______
Wisunze iyo nkuru ishimishije cane, ni ibintu ibihe biranga umugenzi nyakuri? (Icogufasha kubimenya: Raba Imigani 17:17; 18:24.)
_______
Ni kubera iki Yonatani yabonye ko kuguma ari intahemuka kuri Dawidi bihambaye kuruta kuguma ari intahemuka kuri se wiwe bwite?
_______
3 NUSHIRE MU NGIRO IVYO WIZE. ANDIKA IVYO WIZE KU VYEREKEYE . . .
Ubugenzi.
_______
Ukudahemuka.
_______
Ukugiranira ubugenzi n’abaturuta.
_______
Ni igiki wokora cotuma wironkera abagenzi bameze neza cane?
_______
4 NI UMUCE UWUHE W’IYI NKURU UHAMBAYE CANE KURI WEWE, KANDI KUBERA IKI?
_______
NIMBA UDAFISE BIBILIYA, NUYISABE IVYABONA VYA YEHOVA CANKE UYISOME KU MUHORA WA INTERNET, KURI www.watchtower.org