Ntibagitinya umuhero
AMAJA mu mpera z’imyaka ya 1970, uwitwa Gary hamwe na Karen barajijutse ko umuhero wari wegereje. Ni kwo kuva mu gisagara, bagenda mu gihugu hagati maze bafata ingingo yo kubaho bibako muri vyose. Bashaka kuzorokoka uwo muhero.
Kugira ngo baronke ubuhanga bari bakeneye, baraguze ibitabu, baritaba amashure be n’amanama nkarishabwenge bongera baritura abantu benshi bashoboka. Baratunganije umurima, baratera ibiti bitobito 50 vy’ivyamwa. Baregeranije imbuto nyinshi n’ibikoresho vyinshi. Barize kurima no gushingura neza ibifungurwa. Hari n’umugenzi yabigishije kubaga, abigisha n’ingene batunganya ku buryo zimara igihe kirekire. Karen yaritayeho kumenya ibiterwa be n’imizi vyo mw’ishamba boshobora kwikorako igihe ibifungurwa vyoba vyakenye. Gary na we yarize gukora igitoro mu bigori, ariga gukora ishiga ry’icuma rikoresha inkwi, ariga no kwubaka inzu ifise ivya ngombwa vyose.
Karen avuga ati: “Kubera ko ico gihe ivyo kw’isi vyari biteye ubwoba, nabona ko umuryango w’abantu vuba wari ugiye guherengetera.” Gary asigura ati: “Cokimwe n’abandi bakiri bato, nariko nita ku rutare ngerageza gutorera umuti amacakubiri afatiye kw’ibara ry’urukoba, intambara yo muri Viyetinamu be n’ibiturire. Ariko rero bidatevye, naravunitse umutima. Nabona ko abantu bari bagiye kwitikiza.”
Gary avuga ati: “Umusi umwe mw’ijoro naratsitaye akanya maze ntora Bibiliya ndasoma guhera muri Matayo gushika mu Vyahishuwe. Mu majoro ane yakurikiye, narasubiye ndayisoma. Ku musi ugira gatanu mu gitondo, nabariye Karen nti: ‘Turi mu misi ya nyuma. Imana igiye vuba kugira ico ikoze kugira ityorore isi. Turakeneye kurondera abazorokoka.’” Gary na Karen baciye batangura kuva mw’idini baja mu rindi barondera abo bantu bipfuza kwitegurira umuhero.
Bidatevye, Icabona ca Yehova umwe yarabagendeye iwabo, maze inyigisho ya Bibiliya iratangura. Karen aravuga ivyo yibuka ati: “Naranezerewe cane kubera nariko ndasigurirwa vy’ukuri Ivyanditswe. Naza naronka ico nari nararondeye, na co akaba ari ukuri kwerekeye igihe c’iherezo. Narabonye ko hariho icizigiro ntakekeranywa ku bijanye na kazoza. N’ikiruta ivyo, naratanguye kugiranira ubucuti na Dawe wa twese wo mw’ijuru, we Muremyi akaba n’Imana y’isi n’ijuru.”
Gary avuga ati: “Ubuzima bwanje bwaciye butangura kugira insobanuro koko. Aho ntanguriye kwiga Bibiliya, numvise ntohagarika. Narasomye ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, ndasuzuma ibimenyamenya vyerekana ko bwariko buraranguka, maze ndahera amazinda yuko Imana igiye vuba kugira ico ikoze. Naribwiye nti: ‘Abantu bari bakwiye kwitegurira ubuzima Imana itwipfuriza aho kwitegurira ivyago.’” Gary na Karen barabonye ko kazoza kababikiye ivyiza. Aho guhagarikwa umutima n’umuhero w’isi, bahavuye bizigira badakeka yuko Imana igiye gukuraho ingorane zisinzikaje abantu maze itume isi isubira kuba iparadizo.
None ubu Gary na Karen bariko bakora iki, inyuma y’imyaka nka 25 ivyo bibaye? Karen avuga ati: “Nguma ntsimbataza urukundo n’ukwizera mfitiye Yehova Imana, kandi ndagerageza gufasha abandi ngo babigenze gutyo nyene. Twe na Gary turashigikirana uko tugerageza gutuma umuryango wacu uguma ukomeye kandi wunze ubumwe mu gusenga Imana. Turagerageza kuguma dufise urutonde, kandi turita ku rutare kugira tugume tworoheje ubuzima bwacu ngo dushobore kwitaho cane abandi be n’ivyo bakeneye.”
Gary yongerako ati: “Nama nsenga nsaba ko Ubwami bw’Imana bwoza maze bugatuma abantu amamiliyoni baruhurirwa. Igihe cose mbwira abandi inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, ndasenga nsaba ko notuma n’imiburiburi umuntu umwe agira icizigiro na gitoyi kivuye muri Bibiliya. Mu myaka irenga 25, Yehova yagumye yishura iryo sengesho abigiranye umutima mwiza. Twe na Karen turemera yuko Yehova vuba agiye kugira ibintu bikomeye ahinduye kw’isi, ariko ntitugitinya umuhero.”—Matayo 6:9, 10; 2 Petero 3:11, 12.
[Ifoto ku rup. 9]
Ubu Gary na Karen barahimbarwa no gufasha abandi ngo bagire icizigiro kivuye mu butumwa bwo muri Bibiliya