ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 15/5 rup. 24-25
  • Igituma ubuzima bwacu buri n’intumbero vy’ukuri

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igituma ubuzima bwacu buri n’intumbero vy’ukuri
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • YEHOVA ATUBERA “AHANTU HAKIRURUTSE HATAGIRA INKOMANZI”
  • UBUZIMA BWACU BURI N’INTUMBERO
  • Ntibagitinya umuhero
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ingene woronka amahoro naho hari intambara n’imishamirano
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2025
  • Woba utakironka umwanya kubera akazi?
    Be maso!—2017
  • Iyo hari uwawe ahevye Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 15/5 rup. 24-25

INKURU Y’UBUZIMA

Igituma ubuzima bwacu buri n’intumbero vy’ukuri

Nk’uko vyavuzwe na Patricia Smith

AGAHUNGU kanje Gary kakimara kuvuka mu 1958, narabonye ko kari gafise ingorane. Ariko rero, vyasavye amezi icumi kugira ngo abaganga batore indwara yiwe be n’iyindi myaka itanu kugira ngo abahinga b’i Londres bavyemeze. Naratuntuye cane igihe agakobwa kanje Louise, akavutse haciye imyaka icenda Gary avutse, kerekana ibimenyetso vy’ubwo bumuga bikomeye kuruta ivyiwe.

Abaganga bambwiye babigiranye ubuntu bati: “Abana bawe bompi bafise ubumuga bufatira mu tugingo ngengakamere (LMBB)a kandi ikibabaje ni uko budakira.” Ico gihe, nta vyinshi vyari bizwi ku bijanye n’iyo ngorane yo mu tugingo ngengakamere y’imbonekarimwe. Mu bintu biyiranga harimwo ingorane y’ukubona ituma umuntu ahuma, kuvyibuha birenze urugero, kugira intoke n’amano birenze, guteba gukura, kutoroherwa no gukoresha ibihimba vy’umubiri, indwara y’igisukari, indwara yonona mw’ihuriro ry’amagufa yitwa arthrose be n’amafyigo afise ingorane. Ku bw’ivyo, kubungabunga abana banje rwobaye urugamba rutoroshe. Icigwa giheruka kugirwa cerekanye yuko mu Bwongereza umuntu 1 ku bantu nka 125.000 afise ubwo bumuga, naho hari n’abandi benshi bashobora kuba bafise ubwoko bwabwo budakaze.

YEHOVA ATUBERA “AHANTU HAKIRURUTSE HATAGIRA INKOMANZI”

Haciye igihe gito nubatse urwanje narayaze n’Icabona ca Yehova, nca ndatahura yuko nubuye ukuri. Mugabo umugabo wanje ntivyamushimishije na gato. Kubera akazi yakora, twaguma twimuka, akaba ari co gituma ntashoboye kwifatanya n’ishengero. Naho vyari ukwo, narabandanije gusoma Bibiliya no gusenga Yehova. Ese ukuntu nahumurijwe no gusoma ko “Yehova azocika ahantu hakirurutse hatagira inkomanzi kuri uwo wese ajanjaguwe, ahantu hakirurutse hatagira inkomanzi mu bihe vy’amarushwa” be n’uko ‘atazogenda ahevye abamurondera!’—Zab. 9:9, 10.

Kubera ko Gary atabona neza, igihe yari afise imyaka itandatu yarajanywe mw’ishure ry’indaro yari kuronkeramwo inyigisho idasanzwe ryari ku nkengera yo mu bumanuko y’Ubwongereza. Yama anterefona ambwira ivyaba bimuhagaritse umutima, kandi biciye kuri telefone narashoboye kumufasha gutahura ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya z’ishimikiro. Haciye imyaka mikeyi Louise avutse, na jewe nararwaye indwara yo mu bwonko (sclérose en plate) be n’indwara ifata imitsi yo mu ngingo (fibromyalgie). Gary yaragarutse i muhira avuye kuri rya shure ry’indaro afise imyaka 16. Ariko rero, ubushobozi bwiwe bwo kubona bwatera bwononekara, ari co gituma mu 1975 yashizwe mu mpumyi. Mu 1977 umugabo wanje yaradutaye.

Haciye igihe gito Gary agarutse, twarifatanije n’ishengero rirangwa urukundo, nkaba nabatijwe mu 1974. Narakengurutse rwose igihe umukurambere umwe yafasha Gary kuvyifatamwo neza mu mahinduka yo ku mubiri yariko aramushikira mu myaka yiwe y’ubuyabaga. Ibindi Vyabona baramfasha udukorwa tw’i muhira, urwego rujejwe gufasha abantu rwo muri ako karere rukaba rwahavuye rugena batanu muri bo ngo baze barabungabunga urugo rwacu. Ese ukuntu uwo wari umuhezagiro!

Gary yarabandanije gutera imbere neza mu kuri maze abatizwa mu 1982. Yaripfuza cane gukora ubutsimvyi bwo gufasha. Ku bw’ivyo, narafashe ingingo yo kwifatanya na we muri ico gikorwa, nkaba namaze imyaka nk’ingahe ndagikora. Umuhungu wanje yarahimbawe cane igihe, inyuma y’aho gato, umucungezi wacu w’umuzunguruko yamubaza ati: “Ni igiki kikubuza kuba umutsimvyi asanzwe Gary?” Iyo nyene ni yo ndemesho Gary yari akeneye, akaba yagenywe mu 1990.

Amagufa ya Gary yo mu kiyunguyungu aramaze gusubirizwa incuro zibiri, ubwa mbere hakaba hari 1999 ubwa kabiri na ho mu 2008, mugabo Louise yaragize ingorane z’amagara zikomeye kuruta. Yavutse atabona na gato, kandi igihe nabona afise amano arenze ku kirenge kimwe, naciye ntahura ko na we nyene afise ubwo bumuga (LMBB). Ibipimo vyagizwe ntivyatevye kwerekana ko afise ubumuga bukomeye no mu bihimba vyinshi vy’imbere muri we. Uko imyaka yagiye irahaca, yarabazwe mu buryo bukomeye, hakaba harimwo incuro zitanu yabazwe amafyigo. Cokimwe na Gary, ararwaye indwara y’igisukari.

Kubera ko Louise azi ingorane zishobora kwaduka igihe bikenewe ko abagwa, arayaga imbere y’igihe n’abaganga babaga, abatera imiti itimbisha umubiri, be n’abayobozi b’ibitaro kugira ngo abasigurire ingingo yafashe zijanye no kuvurwa adatewe amaraso. Ivyo bituma agiranira imigenderanire myiza n’abo bose bitwararika neza indwara ziwe.

UBUZIMA BWACU BURI N’INTUMBERO

Urugo rwacu rukorerwamwo ibikorwa vyinshi, vyose bikaba bishingiye ku gusenga Yehova. Imbere y’uko ivyuma vyo mu buhinga bwa none biboneka, nahora mara amasaha menshi nsomera Gary na Louise. Ubu utudisiki twa CD n’utwa DVD be n’ibintu vyafashwe amajwi vyo kuri wa muhora wa Internet www.pr418.com turatuma twese dushobora gukurikirana urutonde rw’inyigisho ya Bibiliya ku ndwi ku ndwi mu bihe bitandukanye, kandi turashobora kugira uruhara ruri n’ico ruvuze mu gutanga insasanuro ku makoraniro ya gikirisu.

Ese ukuntu dukenguruka ukuri kw’agaciro kuri mw’Ijambo rya Yehova ryahumetswe!

Inyishu Gary atanga rimwe na rimwe arazifata ku mutwe, kandi igihe afise ikiganiro mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi, arashobora kugishikiriza ata ho asoma. Mu 1995 yarabaye umukozi w’ishengero kandi yama afise vyinshi akora ku Ngoro y’Ubwami, akaba yakira abagize ishengero akongera agafasha mu vyuma biduza amajwi.

Ivyabona bagenzi ba Gary baramuherekeza mu busuku, akenshi bakagenda barasunika agakinga k’ibimuga akoresha kubera arwaye rumatizime. Icabona umwe yaramufashije kuyobora inyigisho ya Bibiliya y’umuntu yashimishwa n’ukuri. Gary yararemesheje kandi umukirisu umwe yari amaze imyaka 25 yarahororokewe. Abo bantu bompi ubu baritaba amakoraniro ya gikirisu.

Igihe Louise yari afise imyaka icenda, inakuru yaramwigishije kujisha, kandi twe n’umwe muri ba bandi bashingwa kubungabunga urugo rwacu twaramwigishije kudesa. Kubera ko abandanya gukunda cane igikorwa co gukoresha urushinge, arajishira uburengeti bw’amabara menshi utwana dutoyi hamwe n’abageze mu za bukuru bo mw’ishengero. Arahingura kandi udukarata tw’indamukanyo akoresheje udushusho dutoduto dufise uruhande rumata. Abo aha utwo dukarata baraduha agaciro cane. Igihe Louise yari atanguye imyaka y’ubuyabaga, yarize kwandikisha orodinateri ataraba indome. Ubu, afashijwe na orodinateri yandika ivyo umuntu avuze idasanzwe, yama ahanahana amakuru n’abagenzi biwe mu kubandikira biciye kuri Internet. Louise yabatijwe afise imyaka 17. Mu gihe c’amasekeza yo kwamamaza adasanzwe, turakora ubutsimvyi bwo gufasha turi kumwe. Cokimwe na Gary, Louise arafata ku mutwe ivyanditswe kugira ngo aserure ko yizera imihango Imana yatanze yerekeye isi aho “amaso y’impumyi azohumuka” kandi akaba “[a]ta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’”—Yes. 33:24; 35:5.

Ese ukuntu dukenguruka ukuri kw’agaciro kuri mw’Ijambo rya Yehova ryahumetswe! Turakenguruka cane ukuntu ishengero ryacu ridufata mu mugongo mu buryo buranga urukundo, kuko iyo tutaba turifise tutoshoboye gukora vyinshi mu bikorwa vyacu. Vyongeye, na canecane kubera Yehova adufasha, ubuzima bwacu buri n’intumbero vy’ukuri.

a Ubwo bumuga (Laurence-Moon-Bardet-Biedl) bwitiriwe abaganga bane batoye iyo ngorane yo mu tugingo ngengakamere, umwana akaba ayivukana igihe abavyeyi biwe bompi bafise utugingo ngengakamere dufise ingorane. Muri iki gihe, ubwo bumuga bukunze kwitwa Bardet-Biedl. Ntibukira.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika