ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 15/1 rup. 9-12
  • Ndakengurukira Yehova kuba naramukoreye, mbere no mu bigeragezo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ndakengurukira Yehova kuba naramukoreye, mbere no mu bigeragezo
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Ma, uca ugaruka?”
  • “Humura mugenzi”
  • Ubuzima bwa misi yose mw’ikambi
  • Naragize umubabaro, ndicuza, maze ndaremeshwa
  • Ikintu c’akavunamutima
  • Ndonka imihezagiro n’umunezero
  • Tubifashijwemwo na Yehova, twararokotse intwaro z’agahotoro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Twari turindiriye ubwami ‘butari ubwo muri iyi si’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Naho ndi umunyantegenke, ndafise inkomezi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Mbega nokwishura iki Yehova?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 15/1 rup. 9-12

Ndakengurukira Yehova kuba naramukoreye, mbere no mu bigeragezo

Nk’uko vyavuzwe na Maatje de Jonge-van den Heuvel

MFISE imyaka 98. Imyaka 70 muri iyo nayimaze nkorera Yehova mpimbawe, mugabo ukwizera kwanje ntikwabuze kugeragezwa. Mu Ntambara ya kabiri y’isi yose, naratawe mw’ikambi ry’itunatuniro, aho vyashitse ngacika intege bigatuma mfata ingingo nahavuye nicuza. Haciye imyaka mikeyi narashikiwe n’ikindi kigeragezo kigoye. Naho ari ukwo, ndakengurukira Yehova kuba naratewe agateka ko kumukorera, mbere no mu bigeragezo.

Ubuzima bwanje bwahindutse muri Gitugutu 1940. Naba i Hilversum, kino kikaba ari igisagara kiri ku bilometero nka 24 mu Bumanuko bushira Ubuseruko bwa Amsterdam mu Buholande. Ico gihugu catwarwa n’Abanazi. Nari maze imyaka itanu nubakanye na Jaap de Jonge, uno akaba yari umunega yitwararikana, tukaba twari dufise agakobwa k’imyaka itatu kitwa Willy. Twaba hafi y’umuryango umwe wari ukenye, wagwa uvyuka kugira ngo utunge abana umunani. Naho vyari ukwo, bari bahaye kandi indaro umushitsi w’umusore bakaba baranamuronsa ivyo afungura. Naribaza nti: ‘Ni kubera iki bemera kwikorera uwo wundi muzigo?’ Igihe nabashira ibifungurwa, naramenye ko uwo musore yari umutsimvyi. Yarambwiye ivyerekeye Ubwami bw’Imana n’imihezagiro buzozana. Narakozwe ku mutima cane n’ivyo namenye, maze sinateba kwemera ukuri. Uwo mwaka nyene, nariyeguriye Yehova maze ndabatizwa. Haciye umwaka umwe mbatijwe, umunega wanje na we nyene yarabatijwe.

Naho nari nzi bike ku bijanye na Bibiliya, naratahura neza ko kuba Icabona vyatuma mba umwe mu bagize ishirahamwe ryari ribujijwe. Nari nzi kandi yuko Ivyabona batari bake bari baratawe mw’ibohero bahorwa kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami. Ariko rero, ivyo ntivyambujije guca ntangura kwamamaza inzu ku nzu, kandi twe n’umunega wanje twaremeye kuza turaha indaro abatsimvyi n’abacungezi b’ingenzi. Inzu yacu yarabaye kandi ahantu ho kubika ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya, bino bikaba vyadushikira biciye ku bo twari dusangiye ukwemera b’i Amsterdam. Amakinga yabo yagenewe gutwara ibintu vyinshi barayapakirako ibitabu, bino bakaba baca babipfukisha ihema. Ese ukuntu abo bantu babizana bari bafise urukundo n’umutima rugabo! Baremera guhakwa kuhasiga ubuzima ku bw’ineza y’abavukanyi babo.​—1 Yoh. 3:16.

“Ma, uca ugaruka?”

Haciye amezi nk’atandatu mbatijwe, nagiye mbona abapolisi batatu ku muryango w’inzu yacu. Barinjiye mu nzu maze barayisaka. Naho batabonye ahantu hari huzuye ibisohokayandikiro, barabonye ibitabu bimwebimwe vyari binyegeje munsi y’igitanda cacu. Baciye ubwo nyene bantegeka ngo ndabakurikire ku gituro c’abapolisi cari i Hilversum. Igihe nagwa mu nda agakobwa kanje Willy kugira ngo ndagasezere, kaciye kambaza gati: “Ma, uca ugaruka?” Naciye nishura nti: “Egome kibondo, nca ngaruka.” Ariko rero, hociye amezi 18 agoye ntasubiye kumupfumbatira.

Umupolisi umwe yaranjanye i Amsterdam mw’igariyamoshi kugira ngo nje gusambishwa. Abariko baransambisha baragerageje gutuma nemera yuko nzi abavukanyi batatu baba i Hilversum, ngo nemere ko ari Ivyabona vya Yehova. Navuze nti: “Umwe gusa ni we nzi. Ni we atuzanira amata.” Kandi vyari vyo; uwo muvukanyi yaza aratanga amata ahantu hatandukanye. Nongeyeko nti: “Mugabo ivy’uko yoba ari Icabona ca Yehova ni we mukwiye kuvyibariza, si jewe.” Igihe nanka kugira ikindi kintu mvuze, barankubise mu maso maze bampfungira mu gasho kamwe, bakaba bamajijeyo amezi abiri. Igihe umunega wanje yamenya aho ndi, yarashoboye kunzanira impuzu n’imfungurwa. Muri Myandagaro 1941, naciye ndungikwa i Ravensbrück, ino ikaba yari ikambi y’itunatuniro yashirwamwo abagore, yari ku bilometero nka 80 mu Buraruko bwa Berlin mu Budagi.

“Humura mugenzi”

Dushitse, baratubwiye yuko twari gushobora gutaha turamutse dushize umukono ku mwiyemezo werekana ko duhevye ukwizera kwacu. Ariko ntiwumve, sinawushizeko umukono. Ahubwo, nabwirijwe gutanga ivyo nari mfise vyose no gukura impuzu ndi mu bwogero, hano nkaba nahasanze abagore twari dusangiye ukwemera bo mu Buholande. Twaciye duhabwa impuzu zo muri iyo kambi zari zibaririyeko agatambara gasa n’umuyugubwe gafise imero y’inyabutatu, turahabwa n’isahani, igikombe be n’ikiyiko. Mw’ijoro rya mbere, twagumijwe mu tuzu abanyororo bashikiramwo. Igihe nari ng’aho, narakoroye amosozi ari bwo bwa mbere kuva mfatwa. Navuze nsevagura nti: “Bizogenda gute ga yemwe? Aha hantu nzohamara igihe kingana iki?” Mvugishije ukuri, ico gihe ubucuti nari mfitaniye na Yehova ntibwari bwakomere cane, kuko hari haciye amezi makeyi gusa menye ukuri. Nari ngifise vyinshi vyo kwiga. Ku musi wakurikiye, igihe twariko turahamagarwa, hari umugore umwe dusangiye ukwemera ategerezwa kuba yarabonye umubabaro nari mfise. Yavuze ati: “Humura mugenzi, humura! Hari icotugirira nabi?”

Duhejeje guhamagarwa, twaciye tujanwa mu tundi tuzu, aho twakiriwe n’abagore dusangiye ukwemera bashika ku majana nk’angahe bo mu Budagi no mu Buholande. Bamwebamwe muri abo bagore bo mu Budagi bari bamaze umwaka urenga baba muri utwo tuzu. Ukuba nari kumwe na bo vyarankomeje, emwe vyarampumurije. Narakozwe ku mutima kandi no kuba utwo tuzu abo bagore barimwo twari dusukuye neza kuruta utundi tuzu two muri iyo kambi. Uretse ko utuzu twarimwo twari dusukuye, vyari bizwi kandi ko ari ahantu hatarangwa ubusuma, ukuvuga amajambo mabi, canke ukurwana. Naho muri iyo kambi twashikirwa n’ibintu biranga ubunyamaswa, utuzu twabamwo twari tumeze nk’izinga risukuye rikikujwe n’ikiyaga gicafuye cane.

Ubuzima bwa misi yose mw’ikambi

Ubuzima bwo mw’ikambi bwarangwa no gukora cane be no gufungura udufungurwa tw’intica ntikize. Twabwirizwa kuvyuka isaha cumi n’imwe zo mu gitondo, maze haciye akanya gato bagaca batangura guhamagara amazina yacu. Abarinzi baraduhagarika hanze mu kiringo c’isaha, haba mu mvura canke ku zuba. Isaha cumi n’imwe zo ku mugoroba, twiriwe turakora ibikorwa biruhisha, baca basubira guhamagara amazina yacu. Twaca turya umukate n’isupu maze tukaja kuryama, twarushe twasanzaye.

Imisi yose uretse kw’iyinga, nashingwa gukorera mw’iyororero-rimiro, aho nagenya ingano nkoresheje agakero, ngasibura imifurege, nkongera ngasukura aho ingurube zirara. Naho ico gikorwa cari kigoye kikaba kandi casaba ko nkora mu mwanda, naragikora imisi yose kubera ko nari nkiri muto kandi mfise inguvu nyinshi. Vyongeye, mu gihe naba ndiko ndakora narikomeza mu kuririmba indirimbo zirimwo ubutumwa bwo muri Bibiliya. Ariko rero, buri musi naripfuza cane kubona umunega wanje n’umwana wanje.

Twaronka udufungurwa tw’intica ntikize, mugabo twese abagore twari dusangiye ukwemera twaragerageza kuziganya agapande k’umukate buri musi kugira ngo tuze dushobore kuronka imfungurwa ziyongereye ku musi w’iyinga igihe twaba dufise akaryo ko guhurira hamwe kugira ngo tuganire ku vyiyumviro vyo muri Bibiliya. Nta bisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya twari dufise, mugabo narumviriza nitonze abagore b’abizigirwa b’Abadagi bakuze twari dusangiye ukwemera, igihe baba bariko baraganira ku bintu vy’impwemu. Mbere twarahimbaza Icibutso c’urupfu rwa Kristu.

Naragize umubabaro, ndicuza, maze ndaremeshwa

Rimwe na rimwe baradutegeka gukora igikorwa gishigikira neza na neza intambara y’Abanazi. Kubera ko tutagira aho duhengamiye mu vya politike, abagore bose twari dusangiye ukwizera baranka gukora ico gikorwa, nanje nkaba narakurikira akarorero kabo karanga umutima rugabo. Mu kuduhana, batumaza imisi tutaronka imfungurwa kandi twabwirizwa kumara amasaha menshi duhagaze aho baduhamagarira amazina. Vyarigeze gushika mu rushana turamara imisi 40 twugaraniwe mu tuzu twabamwo, ata kintu na kimwe kidufasha gususurutsa aho hantu.

Twebwe Ivyabona vya Yehova, twarabwirwa akatari gake yuko tworekuwe maze tugashobora gutaha turamutse duteye umukono ku mwiyemezo werekana ko duhevye ukwizera kwacu. Aho mariye umwaka urenga mba i Ravensbrück, naracitse intege cane. Icipfuzo co kubona umunega wanje n’agakobwa kanje carakomeye rwose ku buryo naciye ngenda iyo abarinzi bari, ndabasaba urukaratasi rwariko umwiyemezo wavuga yuko ntosubiriye kuba Umutohoji wa Bibiliya, maze ndaruterako umukono.

Igihe abagore twari dusangiye ukwemera bamenya ivyo nari nakoze, bamwebamwe baciye batangura kunyinuba. Ariko rero, abagore babiri b’Abadagi bageze mu zabukuru ari bo Hedwig na Gertrud barandondeye maze barankura amazinda ko bankunda. Igihe twariko turakorana ha hantu ingurube zarara, baransiguriye n’umutima mwiza akamaro ko kugumana ugutungana imbere ya Yehova be n’ukuntu twerekana ko tumukunda mu kudahemuka. Ukuntu banyitwararitse nk’abavyeyi be n’ukuntu bangiriye ikibabarwe vyarankoze ku mutima cane.a Nari nzi yuko ivyo nari nakoze vyari bibi, nkaba rero nashaka guhagarika wa mwiyemezo nari nateyeko umukono. Igihe kimwe ku mugoroba narabwiye umugore umwe twari dusangiye ukwemera ibijanye n’ingingo nafashe yo gusaba ko nohagarika uwo mwiyemezo. Umukozi umwe wo muri iyo kambi ategerezwa kuba yarumvise ikiyago cacu kubera yuko kuri uwo mugoroba nyene, baciye bankura muri iyo kambi maze bansubiza mu Buholande, nkaba nagiye muri gariyamoshi. Umwe mu bagore bahagarikira ibikorwa, nkaba ncibuka ukuntu yari ameze mu maso, yambwiye ati: “Wewe uracari Bibelforscher (Umutohoji wa Bibiliya), kandi uzokwama uri we.” Naciye ndamwishura nti: “Egome nzokwama ndi we, Yehova niyabishaka.” Naho vyari ukwo, naguma nibaza nti: ‘Noshobora gute guhagarika uwo mwiyemezo?’

Kimwe mu vyiyumviro vyari muri uwo mwiyemezo cagira giti: “Biciye kuri uyu mwiyemezo, ndemeje yuko ntagisubira gukorera Ishirahamwe mpuzamakungu ry’abatohoji ba Bibiliya.” Nari nzi ico mbwirizwa gukora! Muri Nzero 1943, haciye igihe gito nshitse i muhira, narasubiye kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza. Birumvikana yuko iyo abategetsi b’Abanazi basubira kumfata ndiko ndamamaza ivyerekeye Ubwami bw’Imana, nari guhanwa bimwe bikomeye.

Kugira ngo nongere kwereka Yehova yuko nipfuza bivuye ku mutima kuba umusavyi wiwe w’intahemuka, twe n’umunega wanje twarasubiye kuza turaha indaro bamwe batwara ibisohokayandikiro ku makinga be n’abacungezi b’ingenzi. Ese ukuntu nakengurutse kuba nararonse akandi karyo ko kwerekana urukundo nkunda Yehova n’abasavyi biwe!

Ikintu c’akavunamutima

Hasigaye amezi makeyi ngo intambara ihere, twe n’umunega wanje twarashikiwe n’ikintu c’akavunamutima. Muri Gitugutu 1944, umukobwa wacu yarafashwe bukumbi. Uwo mukobwa Willy yafashwe n’indwara yo mu muhogo yitwa diphtérie. Ivyiwe ntivyatevye kwunyuka, maze apfa haciye imisi itatu. Yari afise imyaka indwi gusa.

Kubura umwana wacu w’ikinege vyaratubabaje bimwe bikomeye. Mu vy’ukuri, ibigeragezo naciyemwo i Ravensbrück vyari ubusa ndabigereranije n’umubabaro nagize igihe twabura umwana wacu. Ariko rero, mu bihe vy’umubabaro twama twirurwa n’amajambo dusanga muri Zaburi 16:8 agira ati: “Nashize Yehova imbere yanje nantaryo. Kubera ko ari iburyo bwanje, sinzonyiganyizwa.” Twe n’umunega wanje twarizigira bimwe bikomeye umuhango Yehova yatanze werekeye izuka. Twarumiye ku kuri kandi twarabandanije kuba abamamaji b’inkuru nziza b’abanyamwete. Umunega wanje yaramfashije vy’ukuri gukorera Yehova ndabigiranye agatima ko gukenguruka, gushika apfuye mu 1969.

Ndonka imihezagiro n’umunezero

Kwifatanya cane n’abasuku b’igihe cose camye ari ikintu gihambaye catumye ngira umunezero. Nk’uko vyari mu gihe c’intambara, twamye duha indaro abacungezi b’ingenzi n’abakenyezi babo igihe baba bagendeye ishengero ryacu. Umugabo n’umugore wiwe bakora igikorwa co kugendera amashengero, ari bo Maarten Kaptein n’umukenyezi wiwe Nel, baramaze mbere imyaka 13 baba mu nzu yacu! Igihe Nel yarwara indwara idakira, naratewe agateka ko kumurwariza iwacu mu kiringo c’amezi atatu gushika apfuye. Kwifatanya na bo no kwifatanya n’abo twari dusangiye ukwemera nikundira bo mw’ishengero twarimwo vyaramfashije kwinovora iparadizo yo mu buryo bw’impwemu, iyo twibereyemwo n’ubu.

Kimwe mu bintu bihambaye vyaranze ubuzima bwanje cashitse mu 1995, igihe natumirwa kwitaba urubanza rwo kwibuka ivyabereye i Ravensbrück. Ng’aho narabonanye n’abagore dusangiye ukwemera twari kumwe mw’ikambi, hakaba hari haciye imyaka irenga 50 ntasubiye kubakubita ijisho! Kuba kumwe na bo vyarabaye ikintu c’intibagirwa kandi ceza umutima, be n’akaryo keza ko kuremeshanya kugira ngo turindire igihe abacu bapfuye bazosubira kubaho.

Intumwa Paulo yavuze mu Baroma 15:4 yuko “biciye ku kwihangana kwacu no ku ruhoza ruva mu Vyanditswe tugira icizigiro.” Ndakengurukira Yehova kuba yarandonkeje icizigiro catumye nshobora kumukorera ndabigiranye agatima ko gukenguruka, mbere no mu bigeragezo.

[Akajambo k’epfo]

a Muri ico gihe, kubera yuko abavukanyi batahanahana amakuru n’icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova, batorera umuti ibibazo bijanye n’ukutagira aho umuntu ahengamiye bisunze aho ubushobozi bwabo bugarukira. Kubera iyo mvo, wasanga abavukanyi batunganya iyo ngorane mu buryo butandukanye.

[Ifoto ku rup. 10]

Aha nari kumwe na Jaap mu 1930

[Ifoto ku rup. 10]

Uwu ni wa mukobwa wacu Willy igihe yari afise imyaka indwi

[Ifoto ku rup. 12]

Aha ni mu 1995 nsubiye kubonana n’abo twaherukana kera, bikaba vyari bihimbaye cane. Ndi uwugira kabiri uvuye ibubamfu ku murongo w’imbere

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika