ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 15/6 rup. 7-11
  • Hariho inkuru nziza abantu bose bakeneye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Hariho inkuru nziza abantu bose bakeneye
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ico ababa i Roma bari bakeneye kumenya
  • Abantu barakeneye gutahura ko ari abacumuzi
  • ‘Igishinga intahe’
  • Inkuru nziza ishingiye kuri Yezu
  • ‘Barazana inkuru nziza z’ivyiza’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Nugire Ukumenyesha Icese ngo Uronke Agakiza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Imihezagiro y’Ubwami Irashobora Kuba Iyawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • «Gushinga intahe bimwe bishitse»
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 15/6 rup. 7-11

Hariho inkuru nziza abantu bose bakeneye

‘Inkuru nziza nkako, ni yo bubasha bw’Imana buzana ubukiriro.’​​—⁠ROM. 1:​16.

1, 2. Ni kubera iki wamamaza “inkuru nziza y’ubwami,” kandi ni imice yayo iyihe ushimikako?

‘NDAHIMBARWA no kubwira abandi inkuru nziza buri musi.’ Ushobora kuba umaze kwiyumva gutyo canke kuvuga gutyo. Kubera ko uri Icabona ca Yehova yamwihebeye, urazi yuko bihambaye kwamamaza “iyi nkuru nziza y’ubwami.” Hari aho woba ushoboye kuvuga ku mutwe ubuhanuzi bwa Yezu bujanye n’uko twobaye turiko turakora ico gikorwa.​​—⁠Mat. 24:​14.

2 Igihe uriko uramamaza “inkuru nziza y’ubwami,” uba uriko urabandanya ico Yezu yatanguye. (Soma Luka 4:​43.) Nta gukeka ko ikintu kimwe ushimikako ari uko Imana igiye kuhaseruka ikagira ico ikoze mu vyo abantu bakora. Ikoresheje “amakuba akomeye,” izokuraho idini ry’ikinyoma yongere ikure ububisha kw’isi. (Mat. 24:​21) Birashoboka kandi yuko ushimika ku vy’uko Ubwami bw’Imana buzosubiza Iparadizo kw’isi kugira ngo amahoro n’agahimbare bisasagare. Nkako, iyo “nkuru nziza y’ubwami” ni kimwe mu bigize ‘inkuru nziza yamenyeshejwe Aburahamu imbere y’igihe, iyo na yo ikaba ari iyi: “Biciye kuri wewe amahanga yose azohezagirwa.”’​​—⁠Gal. 3:8.

3. Ni kubera iki twovuga yuko intumwa Paulo yashimitse ku nkuru nziza mu gitabu c’Abaroma?

3 Ariko none vyoba vyoshoboka ko tutokwitwararika bikwiye umuce nyamukuru w’iyo nkuru nziza abantu bakeneye? Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye Abaroma, yakoresheje ijambo “ubwami” rimwe gusa, mugabo yakoresheje imvugo ngo “inkuru nziza” incuro 12. (Soma Abaroma 14:​17.) Ni umuce w’inkuru nziza uwuhe Paulo yerekejeko kenshi muri ico gitabu? Ni kubera iki uwo muce w’inkuru nziza uhambaye cane? Kandi ni kubera iki dukwiye kuguma tuwibuka igihe tubwira “inkuru nziza y’Imana” abantu bo mu cibare cacu?​​—⁠Mrk. 1:​14; Rom. 15:​16; 1 Tes. 2:2.

Ico ababa i Roma bari bakeneye kumenya

4. Igihe Paulo yapfungirwa i Roma ari bwo bwa mbere, ni ibiki yamamaje?

4 Biri n’ico vyigisha kumenya ivyiyumviro Paulo yashikirije igihe yapfungirwa i Roma ari bwo bwa mbere. Dusoma yuko igihe Abayuda batari bake bamugendera, yashinze ‘intahe inogangije ku vyerekeye (1) ubwami bw’Imana akongera agakoresha kuri bo imvugo inyura ku vyerekeye (2) Yezu.’ None havuyemwo iki? “Bamwe [baratanguye] kwemera ibivuzwe; abandi ntibizera.” Inyuma y’ivyo, Paulo ‘yarakirana ubuntu abo bose binjira iwe, akamamaza kuri bo (1) ubwami bw’Imana akongera akigisha ivyerekeye (2) Umukama Yezu Kristu.’ (Ivyak. 28:​17, 23-31) Biragaragara ko Paulo yitwararika Ubwami bw’Imana. Ariko none ni ikindi kintu ikihe yashimikako? Ni ikintu Ubwami bw’Imana bushingiyeko, ico na co kikaba ari uruhara Yezu arangura mu mugambi w’Imana.

5. Ni ikintu abantu bakeneye vy’ukuri ikihe Paulo yavuze mu gitabu c’Abaroma?

5 Abantu bose barakeneye kumenya ivyerekeye Yezu no kumwizera. Mu gitabu c’Abaroma, Paulo yaravuze ibijanye n’ico kintu abantu bakeneye. Mu ntango, yaranditse ibijanye n’“Imana, iyo [ya]korera igikorwa ceranda n’impwemu [yiwe] ku bijanye n’inkuru nziza yerekeye Umwana wayo.” Yongeyeko ati: “[Sin]terwa isoni n’inkuru nziza; nkako, ni yo bubasha bw’Imana buzanira ubukiriro umuntu wese afise ukwizera.” Mu nyuma yaravuze ibijanye n’igihe “Imana izocira urubanza ibintu abantu bagize ibanga, ikaruca biciye kuri Kristu Yezu, nk’uko inkuru nziza [ya]menyekanisha [yari].” Yiganye kandi ati: “Kuva i Yeruzalemu no kuzunguruka gushika muri Iliriya na[ra]mamaje bimwe binogangije inkuru nziza yerekeye Kristu.”a (Rom. 1:9, 16; 2:​16; 15:​19) Wibaza ko ari kubera iki Paulo yashimitse kuri Yezu Kristu mw’ikete yandikiye Abaroma?

6, 7. Twovuga iki ku bijanye n’ukuntu ishengero ry’i Roma ryatanguye be n’abari barigize?

6 Ntituzi ingene ishengero ry’i Roma ryatanguye. Abayuda canke abahindukiriye idini ryabo bari bahari kuri Pentekoti yo mu 33 G.C., boba barasubiye i Roma ari abakirisu? (Ivyak. 2:​10) Canke abakirisu b’abadandaza n’ingenzi boba barakwiragije ukuri i Roma? Uko vyoba vyaragenze kwose, igihe Paulo yandika ico gitabu, nko mu 56 G.C., iryo shengero ryari rimaze igihe kirekire rishinzwe. (Rom. 1:8) None iryo shengero ryari rigizwe n’abantu bameze gute?

7 Bamwebamwe bari barakuriye mu mico kama y’Abayuda. Paulo yaramukije Andoroniko na Yuniya mu kuvuga ko ari ‘incuti ziwe,’ bikaba bishoboka ko yashaka kuvuga yuko bari incuti ziwe b’Abayuda nka we. Akwila umwe yajisha amahema, akaba yari kumwe n’umukenyezi wiwe Pirisikila i Roma, na we nyene yari Umuyuda. (Rom. 4:1; 9:​3, 4; 16:​3, 7; Ivyak. 18:2) Mugabo abavukanyi benshi Paulo yarungikiye indamukanyo bashobora kuba bari Abanyamahanga. Bamwebamwe bashobora kuba bari abo “mu rugo kwa Sezari,” ivyo bikaba bishobora kuba bisobanura abashumba be n’abategetsi batobato ba Sezari.​​—⁠Flp. 4:​22; Rom. 1:6; 11:​13.

8. Ababa i Roma bari bahanganye n’ingorane iyihe batari gushobora kwikiza?

8 Umukirisu wese yaba i Roma yari ahanganye n’ingorane atari gushobora kwikiza, umwe wese muri twebwe akaba na we nyene ahanganye na yo. Paulo ayivuga muri ubu buryo ati: “Bose ba[ra]cumuye bakaba badashikira ubuninahazwa bw’Imana.” (Rom. 3:​23) Biragaragara yuko abo Paulo yandikiye bose bari bakeneye gutahura yuko ari abacumuzi be n’uko bategerezwa kwizera uburyo Imana yashizeho kugira ngo batsinde iyo ngorane.

Abantu barakeneye gutahura ko ari abacumuzi

9. Paulo yerekanye gute ukuntu inkuru nziza yari gushobora kugira ikintu ciza ivuyemwo?

9 Mu ntango y’iryo kete Paulo yandikiye Abaroma, yarerekanye ukuntu inkuru nziza yaguma avuga yari gushobora kugira ikintu ciza ivuyemwo, ati: “[Sin]terwa isoni n’inkuru nziza; nkako, ni yo bubasha bw’Imana buzanira ubukiriro umuntu wese afise ukwizera, ubwa mbere Umuyuda hanyuma n’Umugiriki.” Egome, vyarashoboka ko abantu baronka ubukiriro. Ariko rero, babwirizwa kugaragaza ukwizera, mu buryo buhuye n’ukuri guhambaye Paulo yavuze ati: “Umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera.” (Rom. 1:16, 17; Gal. 3:​11; Heb. 10:​38) Ariko none iyo nkuru nziza, iyishobora gushikana ku bukiriro, ijanye gute n’ivy’uko “bose bacumuye”?

10, 11. Ni kubera iki iciyumviro kiri mu Baroma 3:​23 usanga atari gishasha kuri bamwe mugabo ku bandi ugasanga ni gishasha?

10 Kugira ngo umuntu atsimbataze ukwizera kurokora ubuzima, ategerezwa kubanza kwemanga yuko ari umucumuzi. Iciyumviro c’uko umuntu ari umucumuzi nticoba ari gishasha ku bantu bakurira ahantu bemera Imana bakaba kandi bamenyereye Bibiliya. (Soma Umusiguzi 7:​20.) Baba bavyemera canke batavyemera, n’imiburiburi baba bafise iciyumviro ku bijanye n’ico Paulo yashaka kuvuga igihe yagira ati: “Bose ba[ra]cumuye.” (Rom. 3:​23) Naho ari ukwo, igihe turiko turarangura ubusuku bwacu, twoshobora guhura n’abantu benshi badatahura ayo majambo.

11 Mu bihugu bimwebimwe, abantu muri rusangi usanga bakura batemera ko bavutse ari abacumuzi, ko barazwe igicumuro. Ego ni ko, bashobora kuba babona yuko bakora amakosa, bafise utugeso tunaka, bagashobora no kuba barakoze ibintu bimwebimwe bibi. Vyongeye barabona yuko n’abandi bameze gutyo nyene. Naho ari ukwo, kubera ahantu baba barakuriye, usanga vy’ukuri badatahura igituma bo hamwe n’abandi bameze gutyo. Nkako, mu ndimi zimwezimwe, iyo uvuze yuko umuntu munaka ari umucumuzi, abandi boshobora kwiyumvira yuko uriko uravuga ko ari inkozi y’ikibi canke n’imiburiburi yuko ari umuntu arenga ku mategeko amwamwe. Biragaragara yuko umuntu yakuriye ahantu nk’aho atoshoka yiyumvira ko ari umucumuzi mu buryo Paulo yashaka kuvuga.

12. Ni kubera iki benshi batemera yuko abantu bose ari abacumuzi?

12 Mbere no mu bihugu vy’abiyita abakirisu, usanga abantu benshi batemera iciyumviro c’uko ari abacumuzi. Kubera iki? Naho nyene baja gusenga rimwerimwe, babona yuko ya nkuru yo muri Bibiliya ivuga ivya Adamu na Eva ari umugani gusa canke igitito. Abandi usanga bakurira aho batemera Imana. Barakekeranya yuko Imana iriho, ivyo bikaba bituma badatahura ko hari Ikinyabuzima kiruta vyose gishingira abantu ingingo mfatirwako be n’uko kutazisunga ari ugucumura. Hari ukuntu bameze nk’abantu bo mu kinjana ca mbere Paulo yavuze yuko batari bafise “icizigiro” bakaba kandi ‘ata Mana bari bafise mw’isi.’​​—⁠Ef. 2:​12.

13, 14. (a) Ni imvo imwe iyihe ituma abatemera Imana n’igicumuro batagira ico bireguza? (b) Ukutemera kwashikanye benshi ku ki?

13 Muri iryo kete Paulo yandikiye Abaroma, yarashikirije imvo zibiri zituma ukuba umuntu yarakuriye ahantu nk’aho bidashobora kuba icitwazo, haba ico gihe canke ubu. Imvo ya mbere ni iy’uko ivyaremwe ubwavyo bishinga intahe yuko hariho Umuremyi. (Soma Abaroma 1:19, 20.) Ivyo birahuye n’ivyo Paulo yavuze igihe yandikira Abaheburayo ari i Roma, ati: “Inzu yose yubakwa n’umuntu, mugabo uwubatse ibintu vyose ni Imana.” (Heb. 3:4) Amajambo akikije ico canditswe yerekana yuko Paulo yariko arerekeza kw’ihanga canke ishengero rya Isirayeli, mu kuvuga yuko ari “inzu” y’Imana. Ubwo buryo bwo kuzirikana burerekana yuko hariho Umuremyi yubatse canke yashizeho ibiriho vyose.

14 Paulo yari afise rero imvo zumvikana mu kwandikira Abaroma yuko umuntu uwo ari we wese, harimwo n’Abisirayeli ba kera, yasenga ibishusho bitagira ubuzima ‘ata co yireguza.’ Ukwo nyene ni ko vyari biri ku bantu bisuka mu ngeso z’ubushegabo mu buryo butandukanye n’uko imibiri y’abagabo n’iy’abagore isanzwe ikoreshwa. (Rom. 1:​22-​27) Paulo yasozereye avuga mu buryo bubereye yuko “Abayuda n’Abagiriki bagabwa n’igicumuro bose.”​​—⁠Rom. 3:9.

‘Igishinga intahe’

15. Ni bande bafise ijwi ryo mu mutima, kandi rituma bakora iki?

15 Igitabu c’Abaroma kirerekana iyindi mvo ituma abantu bakwiye kwemera yuko ari abacumuzi be n’uko bakeneye icobakura muri iyo ngorane badashobora kwikiza. Ku vyerekeye urutonde rw’amategeko Imana yahaye Isirayeli ya kera, Paulo yanditse ati: “Abo bose bacumuye bagabwa n’itegeko bazocirwa urubanza n’itegeko.” (Rom. 2:​12) Mu kubandanya uburyo bwiwe bwo kuzirikana, arerekana yuko abantu bo mu mahanga canke mu moko yose batari bazi urwo rutonde rw’amategeko Imana yatanze, akenshi “bako[ra] ivyo itegeko rivuga nk’uko bisanzwe.” Ni kubera iki abo bantu usanga babuza ivyo kugoka, kwica, no kwiba? Paulo yarerekanye igituma: Barafise ijwi ryo mu mutima.​​—⁠Soma Abaroma 2:14, 15.

16. Ni kubera iki kuba umuntu afise ijwi ryo mu mutima bidaca bisigura yuko yirinda gukora igicumuro?

16 Ariko rero, ushobora kuba warabonye yuko kuba umuntu afise ijwi ryo mu mutima rikora nk’ikintu gishinga intahe kiri imbere muri we bidasigura yuko azokurikiza ubuyobozi bwaryo. Ivyashikiye Isirayeli ya kera birerekana ico kintu. Naho Abisirayeli bari bafise ijwi ryo mu mutima bahawe n’Imana be n’amategeko atomoye yari yarabahaye yababuza kwiba no kurenga ibigo, akenshi barirengagiza ijwi ryabo ryo mu mutima be n’Itegeko rya Yehova. (Rom. 2:​21-​23) Bagirwa n’ibintu bibiri gutyo bakaba vy’ukuri bari abacumuzi, ntibashitse ingingo mfatirwako z’Imana be n’ukugomba kwayo. Ivyo vyatuma ubucuti bafitaniye n’Umuremyi wabo bwononekara bimwe bikomeye.​​—⁠Lew. 19:​11; 20:​10; Rom. 3:​20.

17. Ni indemesho iyihe dusanga mu gitabu c’Abaroma?

17 Ivyo twarimbuye mu gitabu c’Abaroma vyoshobora gusa n’ivyerekana yuko ivy’abantu vyifashe nabi imbere ya Musumbavyose, na twebwe turimwo. Ariko rero, Paulo ntiyagarukirije aho. Mu gusubiramwo amajambo ya Dawidi dusanga muri Zaburi 32:1, 2, iyo ntumwa yanditse iti: “Hahiriwe abo ibikorwa vyabo vy’ubugarariji bihariwe, n’ibicumuro vyabo bigapfukwa; hahiriwe umuntu igicumuro ciwe Yehova atazogenda agiharuye.” (Rom. 4:​7, 8) Vyemere, Imana yaratunganije uburyo bubereye bwemewe n’amategeko bwo kubabarira ibicumuro.

Inkuru nziza ishingiye kuri Yezu

18, 19. (a) Ni umuce w’inkuru nziza uwuhe Paulo yashimitseko mu gitabu c’Abaroma? (b) Kugira ngo tuzoronke imihezagiro izozanwa n’Ubwami, dutegerezwa kwemera iki?

18 Woshobora guca uvuga uti: “Iyo ni inkuru nziza pe!” Nkako ni ko biri, ivyo bikaba bitugarukanye kuri wa muce w’inkuru nziza Paulo yashimitseko mu gitabu c’Abaroma. Nk’uko vyamaze kuvugwa, Paulo yanditse ati: “[Sin]terwa isoni n’inkuru nziza; nkako, ni yo bubasha bw’Imana buzan[a] ubukiriro.”​​—⁠Rom. 1:15, 16.

19 Iyo nkuru nziza ishingiye ku ruhara Yezu afise mw’iranguka ry’umugambi w’Imana. Paulo yari arindiranye igishika “umusi Imana izocira urubanza ibintu abantu bagize ibanga, ikaruca biciye kuri Kristu Yezu, nk’uko inkuru nziza” iri. (Rom. 2:​16) Mu kuvuga ivyo, ntiyariko afatira mu rwara “ubwami bwa Kristu n’Imana” canke ivyo Imana izokora biciye kuri ubwo Bwami. (Ef. 5:5) Mugabo yarerekanye yuko kugira ngo tubeho maze twinovore imihezagiro izozanwa n’Ubwami bw’Imana, dutegerezwa kwemera (1) yuko turi abacumuzi imbere y’Imana (2) n’igituma dukeneye kwizera Yezu Kristu kugira ngo ibicumuro vyacu bibabarirwe. Igihe umuntu atahuye kandi akemera ivyo bintu bigize umugambi w’Imana akongera akabona ukuntu ivyo bituma agira icizigiro, arashobora kwikugura mu buryo bubereye ati: “Emwe, iyo ni inkuru nziza pe!”

20, 21. Mu busuku turangura, ni kubera iki dukwiye kwama twibuka inkuru nziza ishimikwako mu gitabu c’Abaroma, kandi ivyo bishobora kuvamwo iki?

20 Turakwiye koko kwama twibuka uwo muce w’inkuru nziza igihe turangura ubusuku bwacu bwa gikirisu. Mu kwerekeza kuri Yezu, Paulo yarasubiyemwo amajambo ya Yesaya, ati: “Nta n’umwe ashingira ukwizera kwiwe kuri we azoteterwa.” (Rom. 10:​11; Yes. 28:​16) Ubwo butumwa bw’ishimikiro bwerekeye Yezu bwoshobora kutaba bushasha ku bantu bazi ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’igicumuro. Ariko rero ku bandi, bwoshobora kuba bushasha rwose, ni ukuvuga ikintu kitazwi canke kitemerwa muri rusangi mu mico kama yabo. Igihe abantu nk’abo bemeye Imana bakongera bakizigira ico Ivyanditswe bivuga, bizoba ngombwa ko tubasigurira uruhara rwa Yezu. Mu kiganiro gikurikira tuzokwihweza ingene mu Baroma ikigabane ca 5 haca irya n’ino uwo muce w’inkuru nziza. Nta gukeka ko uzosanga ico kiganiro ari ngirakamaro mu busuku urangura.

21 Ese ukuntu twironkera umunezero igihe dufashije abantu b’imitima nziraburyarya gutahura inkuru nziza ivugwa akatari gake mu gitabu c’Abaroma, iyo nkuru nziza ikaba “nkako, [ari] yo bubasha bw’Imana buzanira ubukiriro umuntu wese afise ukwizera!” (Rom. 1:​16) Uretse ko ivyo bizotuma tugira umunezero, tuzokwibonera ukuntu abandi baserura inyiyumvo nk’izo Paulo yaseruye mu Baroma 10:​15 igihe yasubiramwo aya majambo agira ati: “Ewe kuntu biteye igomwe ibirenge vy’abamenyesha inkuru nziza y’ivyiza!”​​—⁠Yes. 52:7.

[Akajambo k’epfo]

a Imvugo nk’izo ziraboneka mu bindi bitabu vyahumetswe.​​—⁠Mrk. 1:1; Ivyak. 5:​42; 1 Kor. 9:​12; Flp. 1:​27.

Woba uvyibuka?

• Igitabu c’Abaroma gishimika ku muce w’inkuru nziza uwuhe?

• Ni igiki dukeneye gufasha abandi gutahura?

• “Inkuru nziza yerekeye Kristu” ishobora gute gutuma twebwe n’abandi twironkera imihezagiro?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 8]

Inkuru nziza yashimitsweko mu gitabu c’Abaroma yerekeye uruhara ruhambaye Yezu arangura mu mugambi w’Imana

[Ifoto ku rup. 9]

Twese twavukanye akanenge gashikana ku rupfu, ako na ko akaba ari igicumuro!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika