ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/7 rup. 30-31
  • Ingene wonanira inyosha mbi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene wonanira inyosha mbi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ivyo bijanye
  • Yarabeshewe!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ugusangangurwa kw’i Sodomu n’i Gomora
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Yezu ananira ibigeragezo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Yezu ajoreza abamwumviriza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/7 rup. 30-31

Ku bw’urwaruka

Ingene wonanira inyosha mbi

YOZEFU​—IGICE CA 1

Ibimenyeshejwe: Uyu mwimenyerezo, nuwukorere ahantu hatekanye. Igihe usoma ivyanditswe, nubone yuko ufise uruhara muri ivyo biriko biraba. Niwihe ishusho y’ibiriko biraba, wumve amajwi. Niwiyumve nk’uko abantu nyamukuru bavugwa muri iyo nkuru biyumva. Nubone ibivugwa muri iyo nkuru nk’ibiriko biraba koko.

Abantu nyamukuru bavugwamwo: Yozefu na muka Potifari

Incamake: Yozefu arananira inyosha mbi yo gusambana na muka Potifari.

1 NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.​—SOMA ITANGURIRO 39:1-12.

Nudondore ukuntu wiyumvira ko inzu ya Potifari yangana be n’ubwiza yari ifise.

․․․․․

Wiyumvira ko Yozefu yasa gute? (Icogufasha kubimenya: Subira usome umurongo wa 6.)

․․․․․

Wumva Yozefu avuga amerewe gute mu mutima igihe avugana na muka Potifari ku murongo wa 8 n’uwa 9?

․․․․․

2 NURUSHIRIZE KWIMBA.

Ni igiki cari gutuma Yozefu ata inyifato runtu yiwe? (Icogufasha kubimenya: Soma Abafilipi 2:12 wongere uzirikane ku kuntu ivya Yozefu vyari vyifashe. Nk’akarorero, abo mu muryango wa Yozefu be n’abasavyi ba Yehova bagenziwe bari hehe ico gihe?)

․․․․․

Wibaza ko ari kubera iki Yozefu yiyumviriye ko asambanye yobaye acumuye ku Mana kandi ico gihe ata tegeko Imana yari yaratanze ryiyamiriza ubusambanyi? (Icogufasha kubimenya: Soma wongere uzirikane ku vyanditswe bikurikira: Itanguriro 2:24; 12:17, 18; Abaroma 2:14, 15; n’Abaheburayo 5:14.)

․․․․․

3 NUSHIRE MU NGIRO IVYO WIZE. ANDIKA IVYO WIZE KU VYEREKEYE . . .

Isano riri hagati y’ukwigumya n’icubahiro.

․․․․․

Ivyiza abumira ku ngingo ngenderwako z’Imana zigenga inyifato runtu bironkera.

․․․․․

Igituma bikenewe ko umenyereza ‘ububasha bwawe bwo gutegera.’ (Abaheburayo 5:14)

․․․․․

UBUNDI BURYO BWO KUBISHIRA MU NGIRO.

Ni mu bintu ibihe vyo mu buzima wokwiyemeza kurushiriza kuba maso kugira ngo unanire inyosha mbi mu vy’igitsina? (Icogufasha kubimenya: Soma wongere uzirikane kuri Yobu 31:1; Zaburi 119:37; Abanyefeso 5:3, 4.)

․․․․․

4 NI UMUCE UWUHE W’IYI NKURU UHAMBAYE CANE KURI WEWE, KANDI KUBERA IKI?

․․․․․

Nimba udafise Bibiliya, nuyisabe Ivyabona vya Yehova canke uyisome ku muhora wa Internet, kuri www.watchtower.org

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika