Niwiyegereze Imana
Yehova aranka akarenganyo
“UMUNTU yaganje uwundi mu kumugirira nabi.” (Umusiguzi 8:9) Naho haciye imyaka nka 3.000 ayo majambo yanditswe, arerekana neza ukuntu iyi si tubayemwo imeze. Abantu b’uburyo bwose kandi bo mu mihingo yose barakunda gukoresha nabi ububasha. Akenshi cane usanga bahohotera abigorewe na ba nyarucari. Yehova abona gute ako karenganyo? Inyishu tuyisanga muri Ezekiyeli 22:6, 7, 31.—Soma.
Muri rya Tegeko Yehova yaha Isirayeli, yaratomoye yuko abafise ubukuru badakwiye kwigera bakoresha nabi ububasha bafise. Iryo hanga yorihezagiye mu gihe gusa indongozi zaryo zofatanye ubuntu n’iteka abaciye bugufi n’abakene. (Gusubira mu vyagezwe 27:19; 28:15, 45) Ariko rero, mu gihe ca Ezekiyeli abakuru b’i Yeruzalemu be n’abo muri Yuda bakoresha nabi ububasha bwabo bimwe vy’agahomerabunwa. Uti vyari vyifashe gute?
Abakuru bariko bakoresha “ukuboko kw[abo] mu ntumbero yo gusesa amaraso.” (Umurongo wa 6) Iryo jambo “ukuboko” rigereranya ububasha canke ubukuru. Ni co gituma iyindi Bibiliya ihavuga uku: “Abaganwa ba Isirayeli . . . bakoresheje ububasha bwabo mu gusesa amaraso.” Wumva none hari kubaho gute ubutungane kandi indongozi zabwirizwa kuzigama no kuremesha ubutungane ari zo zakoresha nabi ububasha bwazo kandi zigacisha ku buhomba abantu ata co bazira?
Ezekiyeli amaze kuvuga ivyo, biboneka ko atagirije gusa indongozi ariko ko yagirije n’abazikurikiye mu kugambarara Itegeko rya Yehova. Ezekiyeli avuga ati: “Bakengereye ba se na ba nyina.” (Umurongo wa 7) Mu gukengera ikibanza Yehova yahaye abavyeyi, abo bantu bariko basenyura icari kigize umushinge w’iryo hanga, ni ukuvuga umuryango.—Kuvayo 20:12.
Abo bantu bononekaye bararya imitsi abigorewe bo muri bo. Ikintu cose bakora giteye kubiri n’Itegeko carerekana ko birengagiza ikintu iryo Tegeko Imana yahaye Isirayeli ryashira imbere, ico na co kikaba ari urukundo. Nk’akarorero, Itegeko ry’Imana ryasaba Abisirayeli kwitwararika bimwe bidasanzwe abanyamahanga baba muri bo. (Kuvayo 22:21; 23:9; Abalewi 19:33, 34) Ariko rero abantu ‘baragirira ivy’ubugunge’ kavamahanga.—Umurongo wa 7.
Vyongeye, abantu barafata nabi abatagira gitabara, nk’“impfuvyi n’umupfakazi.” (Umurongo wa 7) Yehova aritwararika bimwe bidasanzwe ivyo uwabuze umuvyeyi canke uwabuze uwo bari bubakanye akeneye. Imana yasezeranye yuko ubwayo yoshikije urubanza rwayo ku bafata nabi umwana canke umupfakazi batagira gitabara.—Kuvayo 22:22-24.
Muri ubwo buryo no mu bundi, Abisirayeli bo mu gihe ca Ezekiyeli bararenga kw’Itegeko ry’Imana, bagahonyanga urukundo ryari rishingiyeko. None Yehova yokoze iki? Yasezeranye ati: “Nzobasukako rero imisibo yanje.” (Umurongo wa 31) Nk’uko yabivuze, mu 607 B.G.C. (B.G.C. bisobanura “imbere y’igihe cacu”) yararetse Abanyababiloni baratikiza Yeruzalemu maze abantu baho bajanwa ari imbohe.
Ayo majambo ya Ezekiyeli aratwigisha ibintu bibiri ku vyerekeye Yehova n’akarenganyo: Ica mbere ni uko akanka; ica kabiri, aragirira impuhwe abarenganywa. Imana ntiyahindutse. (Malaki 3:6) Isezerana yuko vuba igiye gukuraho akarenganyo n’abagateza. (Imigani 2:21, 22) Ubona gute urondeye kumenya n’ibindi ku vyerekeye iyo Mana “[i]kunda ubutungane” be n’ingene worushiriza kuyiyegereza?—Zaburi 37:28.
Aho turemeshejwe gusoma muri Myandagaro:
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 27]
Yehova . . . yaratomoye yuko abafise ubukuru badakwiye kwigera bakoresha nabi ububasha bafise