ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 15/8 rup. 11-15
  • Nimwigenze nk’abatwarwa b’Ubwami!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nimwigenze nk’abatwarwa b’Ubwami!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IBISABWA ABARONDERA KUBA ABENEGIHUGU
  • ABATWARWA B’UBWAMI BARAKUNDA INGINGO MFATIRWAKO Z’IMANA
  • ABATWARWA B’UBWAMI BARAKENGURUKA INGABISHO
  • ABATWARWA B’UBWAMI BARAHA AGACIRO INYIGISHO
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Ico Wokora kugira ngo Ube mu Ntwaro y’Imana
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Kuba umukirisu n’umunyagihugu yitaho ibintu bishoboka gute?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ubwami buramaze imyaka 100 buganza
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 15/8 rup. 11-15

Nimwigenze nk’abatwarwa b’Ubwami!

“Mwigenze nk’uko bibereye inkuru nziza.”​—FLP. 1:27.

WOKWISHURA UTE?

Ni bande bashobora kuba abatwarwa b’Ubwami?

Tubwirizwa gukora iki ku vyerekeye ururimi rw’Ubwami, kahise kabwo n’amategeko yabwo?

Abatwarwa b’Ubwami berekana gute ko bakunda ingingo mfatirwako z’Imana?

1, 2. Ni kubera iki impanuro Paulo yahaye ishengero ry’i Filipi yari ifise insobanuro idasanzwe?

INTUMWA Paulo yaremesheje ishengero ry’i Filipi “[kwigenza] nk’uko bibereye inkuru nziza.” (Soma Abafilipi 1:27.) Ijambo ry’ikigiriki Paulo yakoresheje mu kuvuga ngo “mwigenze” ryoshobora kandi guhindurwa ngo “mwigenze nk’abenegihugu.” Ayo majambo yari afise insobanuro idasanzwe kw’ishengero ry’i Filipi. Kubera iki? Kubera ko bisa n’uko abanyagihugu b’i Filipi, cokimwe n’abo mu bindi bisagara vyari vyararobanuwe, bari barahawe ubwenegihugu bw’Abaroma. Abenegihugu b’Abaroma baba i Filipi no mu Nganji yose y’Uburoma barishimira ubwo bwenegihugu kandi barakingirwa bimwe bidasanzwe n’itegeko ry’Abaroma.

2 Abari bagize ishengero ry’i Filipi bari bafise imvo ihambaye kuruta yo kwishimira ico bari. Paulo yabibukije yuko kubera ko bari abakirisu barobanuwe, ubwenegihugu bwabo bwari “mw’ijuru.” (Flp. 3:20) Ntibari abenegihugu b’inganji y’abantu, ahubwo bari abenegihugu b’Ubwami bw’Imana. Kubera ko ivyabo vyari vyifashe gutyo, barakingirwa mu buryo budasanzwe kandi bakironkera ivyiza ntangere.​—Ef. 2:19-22.

3. (a) Ni bande baronka akaryo ko kuba abatwarwa b’Ubwami bw’Imana? (b) Twihweza iki muri kino kiganiro?

3 Impanuro Paulo yahaye Abafilipi abahimiriza ‘kuba abenegihugu’ ahanini yerekeye abazofadikanya na Kristu kuganza mw’ijuru. (Flp. 3:20) Mugabo irashobora no kwerekeza ku bazoba abatwarwa bo kw’isi b’Ubwami bw’Imana. Kubera iki? Kubera ko abakirisu bose biyeguye bakorera Umwami umwe Yehova bakaba kandi bategerezwa kubaho bisunga ingingo mfatirwako zimwe. (Ef. 4:4-6) Muri iki gihe, abantu barita ku rutare kugira ngo bakwize ibisabwa vyo kuba abenegihugu b’igihugu gitunze. Ese tworushiriza guha agaciro akaryo dufise ko kuba abatwarwa b’Ubwami! Kugira turushirize guha agaciro ako gateka, nimuze twihweze amasano amwamwe ari hagati y’ibisabwa kugira umuntu abe umwenegihugu w’intwaro kanaka y’abantu n’ibisabwa kugira abe umutwarwa w’Ubwami bw’Imana. Mu nyuma turasuzuma ibintu bitatu dutegerezwa gukora nimba twipfuza kugumana agateka ko kuba abatwarwa b’Ubwami.

IBISABWA ABARONDERA KUBA ABENEGIHUGU

4. Ururimi rutyoroye ni iki, kandi turuvuga gute?

4 Kwiga ururimi. Ibihugu bimwebimwe bisaba ko abarondera kuba abenegihugu bavyo baba bazi ururimi nyamukuru rw’ico gihugu. N’igihe nyene abantu baba bamaze guhabwa ubwenegihugu, boshobora kumara imyaka bihata kugira ngo bamenye neza urwo rurimi rushasha. Boshobora kumenya ningoga amategeko y’indimburo, mugabo vyoshobora kubasaba igihe kugira ngo bamenye kwatura neza amajambo yarwo. Muri ubwo buryo nyene, Ubwami bw’Imana busaba ko abatwarwa babwo bamenya ico Bibiliya yita “ururimi rutyoroye.” (Soma Zefaniya 3:9.) None urwo rurimi ni uruhe? Ni ukuri kwerekeye Imana n’imigambi yayo kuboneka muri Bibiliya. Turavuga urwo rurimi rutyoroye igihe twigenza mu buryo buhuye n’amategeko be n’ingingo ngenderwako vy’Imana. Abatwarwa b’Ubwami bw’Imana boshobora kumenya ningoga inyigisho z’ishimikiro zo muri Bibiliya maze bakabatizwa. Ariko rero, n’igihe nyene bamaze kubatizwa, bategerezwa kwihata kugira ngo barushirize kuvuga neza urwo rurimi rutyoroye. Mu buryo ubuhe? Umwe wese muri twebwe ategerezwa kubandanya yihatira gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya azi.

5. Ni kubera iki dukwiye kwiga ivyo dushoboye vyose ku bijanye na kahise k’ishirahamwe rya Yehova?

5 Kwiga kahise. Umuntu yipfuza kuba umwenegihugu w’intwaro kanaka hari aho vyoba ngombwa ko agira ico amenye ku bijanye na kahise k’ico gihugu. Muri ubwo buryo nyene, abipfuza kuba abatwarwa b’Ubwami vyoba vyiza bize ivyo bashoboye vyose ku bijanye n’Ubwami bw’Imana. Rimbura akarorero katanzwe na bene Kora, abakorera Imana muri Isirayeli ya kera. Barahimbarwa cane na Yeruzalemu be n’ikibanza caho co gusengeramwo bakongera bagahimbarwa no kwiganira abandi kahise k’ico gisagara. Amabuye n’ubudongo si vyo vyabahimbara cane, ahubwo bahimbarwa n’ico ico gisagara be n’ico kibanza co gusengeramwo vyagereranya. Yeruzalemu cari “igisagara c’Umwami w’Agahambaye” Yehova kubera ko cari intimatima y’ugusenga gutyoroye. Ni ho Itegeko rya Yehova ryigishirizwa. Abantu batwarwa n’umwami wa Yeruzalemu ni bo Yehova yagaragariza ubuntu bwiwe bwuzuye urukundo. (Soma Zaburi 48:1, 2, 9, 12, 13.) Cokimwe na bo, woba ufise icipfuzo co kwiga no kwiganira abandi kahise k’igice co kw’isi c’ishirahamwe rya Yehova? Uko uzorushiriza kumenya ivyerekeye ishirahamwe ry’Imana be n’ukuntu Yehova ashigikira abasavyi biwe, ni ko Ubwami bw’Imana buzorushiriza kutaba umugani kuri wewe. Icipfuzo ufise co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami kizoca congerekana.​—Yer. 9:24; Luka 4:43.

6. Ni kubera iki vyumvikana kuba Yehova adusaba kumenya no kugamburuka amategeko be n’ingingo ngenderwako vy’Ubwami?

6 Kumenya amategeko. Intwaro z’abantu zisaba ko abatwarwa bazo bamenya amategeko y’ico gihugu bakongera bakayagamburuka. Birumvikana rero kuba Yehova yitega ko tumenya kandi tukagamburuka amategeko n’ingingo ngenderwako bigenga abatwarwa b’Ubwami bose. (Yes. 2:3; Yoh. 15:10; 1 Yoh. 5:3) Amategeko y’abantu akenshi usanga arimwo agahaze kandi yoshobora kuba arenganya. “Itegeko rya Yehova [ryoryo] ntirigira akanenge.” (Zab. 19:7) Twoba duhimbarwa n’itegeko ry’Imana kandi tugasoma Ijambo ryayo buri musi? (Zab. 1:1, 2) Uburyo bumwe rudende dushobora kumenya itegeko ry’Imana ni ukuryiyigisha. Nta wundi muntu yodukorera ico kintu.

ABATWARWA B’UBWAMI BARAKUNDA INGINGO MFATIRWAKO Z’IMANA

7. Abatwarwa b’Ubwami babaho bisunga ingingo mfatirwako iri hejuru iyihe?

7 Kugira ngo tugume turi abatwarwa b’Ubwami, ntidukeneye gusa kumenya ingingo mfatirwako z’Imana ariko kandi turakeneye kuzikunda. Abenegihugu benshi bavuga yuko bemera amategeko n’ingingo mfatirwako vy’igihugu babamwo. Ariko rero, igihe basanze itegeko rinaka ritaborohereza kandi bakabona yuko ata muntu ababona, baca barirenga. Akenshi, abo bantu usanga ari “abahimbara” abandi. (Kol. 3:22) Abatwarwa b’Ubwami bobo babaho bisunga ingingo mfatirwako iri hejuru. Turagamburuka amategeko y’Imana duhimbawe, n’igihe nyene ata wundi muntu atubona. Kubera iki? Kubera ko dukunda uwayashizeho.​—Yes. 33:22; soma Luka 10:27.

8, 9. Womenya gute nimba ukunda vy’ukuri amategeko y’Imana?

8 Ushobora gute kumenya nimba ukunda vy’ukuri amategeko y’Imana? Nusuzume ukuntu uvyakira igihe uhawe impanuro ku bijanye n’ikintu ubona ko kikwega wewe ubwawe, nk’akarorero ku bijanye n’inyambaro be n’ukwitunganya. Utaraba umutwarwa w’Ubwami, ushobora kuba wakunda kwambara uko wishakiye canke mu buryo buvyurira abandi inambu y’umubiri. Uko urukundo ukunda Imana rwagenda rurongerekana, warize kwambara mu buryo buyitera iteka. (1 Tim. 2:9, 10; 1 Pet. 3:3, 4) Woshobora kwiyumvira ko usigaye wambara rupfasoni. Mugabo tuvuge iki hamwe umukurambere kanaka yokubwira yuko ukuntu wambara kubabaza cane abamamaji batari bake bo mw’ishengero? Wovyakira gute? Woba woca wisigura, ushavura canke wanka kugira ico uhinduye? Itegeko ry’ishimikiro ry’Ubwami ni uko abatwarwa babwo bose bigana Kristu. (1 Pet. 2:21) Ku bijanye n’akarorero ka Yezu, intumwa Paulo yanditse ati: “Umwe wese muri twebwe nashimishe mugenziwe mu vyiza kugira ngo yubakwe. Kuko na Kristu atishimishije ubwiwe.” (Rom. 15:2, 3) Kugira ngo mw’ishengero hagume amahoro, umukirisu ahumuye aremera abikunze kugira ivyo ahevye atarinze gushavura kugira ngo yubahirize amajwi yo mu mutima y’abandi.​—Rom. 14:19-21.

9 Reka turimbure ibindi bintu bibiri bihambaye cane: ukuntu tubona ivy’igitsina hamwe n’umubano w’ababiranye. Abataraba abatwarwa b’Ubwami bw’Imana boshobora kurenza uruho rw’amazi ku kumarana inambu kw’abasangiye igitsina, kubona yuko kuraba amashusho yerekana ubushegabo ari ukwinezereza ata co gutwaye, no kwiyumvira ko kurenga ibigo no kwahukana ari ibibazo vyega umuntu ku giti ciwe. Abatwarwa b’Ubwami bobo usanga barahevye bene ukwo kubona ibintu mu buryo butagera kure kandi buranga ubwikunzi. Naho abantu benshi bahora babaho mu buhumbu imbere y’uko baba abakirisu, ubu babona ko ivy’igitsina n’umubano w’ababiranye ari ingabirano iva ku Mana. Baraha agaciro ingingo mfatirwako za Yehova ziri hejuru kandi bakemera n’umutima wabo wose yuko ababandanya gukora ivy’ubuhumbu batabereye kuba abatwarwa b’Ubwami. (1 Kor. 6:9-11) Ariko rero, baratahura kandi yuko umutima ari umuhemu. (Yer. 17:9) Ni co gituma bakenguruka kuba baronka ingabisho zitomoye zibafasha kuguma bisunga ingingo mfatirwako ziri hejuru zigenga inyifato runtu.

ABATWARWA B’UBWAMI BARAKENGURUKA INGABISHO

10, 11. Ni ingabisho izihe ziza ku gihe kibereye Ubwami bw’Imana butanga, kandi ubona gute izo ngabisho?

10 Intwaro z’abantu zoshobora gutanga ingabisho ku bijanye n’ibifungurwa be n’imiti bishobora kubangamira amagara. Mu bisanzwe, ibifungurwa vyose be n’imiti yose si bibi. Mugabo mu gihe ikidandazwa kinaka kibangamiye amagara, intwaro yoshobora gutanga ingabisho ziri ku burimbane kugira ngo ikingire abenegihugu bayo. Hamwe iyo ntwaro itobigira, yoca iboneka ko ititaho ibintu. Muri ubwo buryo nyene, Ubwami bw’Imana buratanga ingabisho ku gihe kibereye zerekeye ingeramizi kanaka mu bijanye n’inyifato runtu no mu vy’impwemu. Nk’akarorero, Internet isigaye ari uburyo ngirakamaro bwo guhanahana amakuru, kwiga no kwinezereza. Ishirahamwe ry’Imana rirakoresha Internet maze rikarangura ibintu vyiza vyinshi. Ariko rero, imihora myinshi yo kuri Internet irashobora guteza akaga mu vy’inyifato runtu no mu vy’impwemu. Imihora yo kuri Internet iriko amashusho yerekana ubushegabo irabangamira bimwe biboneka amagara yo mu vy’impwemu y’abatwarwa b’Ubwami. Wa mugwi w’umushumba w’umwizigirwa umaze imyaka mirongo utugabisha ku bijanye n’iyo mihora. Ese ukuntu dukenguruka kuba tugabishwa kuri ivyo bintu bishobora kubangamira amagara yacu yo mu vy’impwemu!

11 Muri iyi myaka iheze, harabonetse iyindi mihora yo kuri Internet isigaye ikundwa na benshi. Iyo mihora ni ibibanza vyo kuri Internet abantu bashirako amakuru aberekeye. Irashobora kuba ngirakamaro igihe umuntu ayikoresheje yiyubara cane, mugabo irashobora no kwonona. Irashobora gutuma umuntu yifatanya n’ababi. (1 Kor. 15:33) Ntibitangaje rero kuba ishirahamwe ry’Imana ryaratanze ingabisho ziri ku burimbane ku bijanye n’ugukoresha mwene iyo mihora. Woba warasomye amayagwa yose ajanye no gukoresha mwene ivyo bibanza aherutse gusohorwa na wa mushumba w’umwizigirwa? Ese ukuntu bitoba biranga ubukerebutsi ukoresheje ivyo bibanza utabanje gusoma ayo mayagwa!a Nta ho vyoba bitandukaniye no kunywa umuti ukaze utabanje gusoma ivyanditse kuri mwene ka gakaratasi k’ingabisho kaba kari ku gacupa.

12. Ni kubera iki kwirengagiza ingabisho ari ubupfu?

12 Abirengagiza ingabisho zitangwa na wa mushumba w’umwizigirwa ntibabura kwigirira nabi no kugirira nabi ababo. Hari abacitse abaja bo kuraba amashusho yerekana ubushegabo canke bakoze ivy’ubuhumbu baca biyumvira bihenda yuko Yehova adashobora kubona ivyo bakora. Ese ukuntu ari ubupfu kwiyumvira ko dushobora guhisha Yehova inyifato yacu! (Imig. 15:3; Soma Abaheburayo 4:13.) Imana yipfuza gufasha abantu nk’abo no kuvyurira abayiserukira kw’isi umutima wo kugerageza kubafasha. (Gal. 6:1) Ariko rero, nka kurya nyene intwaro z’abantu zishobora kwaka ubwenegihugu umuntu akora ivyaha kanaka, ni na ko Yehova azokwaka ubwenegihugu abantu bahonyanga ingingo mfatirwako ziwe mugabo ntibigaye.b (1 Kor. 5:11-13) Naho ari ukwo, ni umunyembabazi. Abigaya kandi bagahindura inyifato yabo barashobora gusubira kuboneka neza imbere ya Yehova gutyo bakaguma ari abatwarwa b’Ubwami. (2 Kor. 2:5-8) Ese agateka dufise ko gukorera Umwami munyarukundo nk’uwo!

ABATWARWA B’UBWAMI BARAHA AGACIRO INYIGISHO

13. Abatwarwa b’Ubwami berekana gute ko baha agaciro inyigisho?

13 Intwaro nyinshi z’abantu zirakora uko zishoboye kwose kugira ngo zigishe abenegihugu bazo. Zirashiraho amashure aremesha ivyo gusoma no kwandika akongera akigisha ubuhanga bwo gukora akazi kanaka. Abatwarwa b’Ubwami baraha agaciro ayo mashure yo mw’isi kandi babigiranye umwete bariga gusoma, kwandika no kwibeshaho. Bararushiriza mbere guha agaciro inyigisho baronka ari abatwarwa b’Ubwami bw’Imana. Yehova araremesha ivyo gusoma no kwandika biciye kw’ishengero rya gikirisu. Abavyeyi baremeshwa gusomera abana babo bakiri bato. Buri kwezi, wa mushumba w’umwizigirwa arasohora amayagwa ashingiye kuri Bibiliya ari ku mpapuro zitari nke mu Munara w’Inderetsi no muri Be maso! Niwasoma impapuro nka zingahe buri musi, uzoba uriko urajana n’uwo muhora uhambaye cane ucishwako inyigisho y’Ubwami.

14. (a) Ni ukumenyerezwa ukuhe twironkera? (b) Ni ivyiyumviro ibihe bijanye n’umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango washize mu ngiro?

14 Buri ndwi, abatwarwa b’Ubwami baramenyerezwa ku makoraniro yabo y’ishengero. Nk’akarorero, Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi riramaze imyaka irenga 60 rifasha abanyeshure kuba abigisha kirumara b’Ijambo ry’Imana. Woba wariyandikishije muri iryo shure? Muri iyi myaka ya vuba wa mushumba w’umwizigirwa yararemesheje canecane ivyo kugira umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango buri ndwi. Iyo ntunganyo iratuma imiryango irushiriza kwunga ubumwe. Woba warashoboye gushira mu ngiro ivyiyumviro vyasohowe mu bisohokayandikiro vyacu?c

15. Kamwe mu duteka duhambaye kuruta utundi twose dufise ni akahe?

15 Abenegihugu b’intwaro z’abantu barashigikira ku mugaragaro umugambwe kanaka, mbere bakagenda inzu ku nzu bawamamaza. Abatwarwa b’Ubwami baragira ikintu nk’ico ku rugero runini kuruta mu gushigikira bivuye inyuma Ubwami bw’Imana, bakabwamamaza ku mabarabara n’inzu ku nzu. Nkako, nk’uko vyavuzwe mu kiganiro co kwiga c’imbere y’iki, Umunara w’Inderetsi, uno ukaba utangaza Ubwami bwa Yehova, ni co kinyamakuru gikwiragizwa kuruta ibindi vyose kw’isi! Kamwe mu duteka duhambaye kuruta utundi twose dufise ni ako kubwira abandi ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Woba ugira uruhara n’umwete mu gikorwa co kwamamaza?​—Mat. 28:19, 20.

16. Wokwerekana gute ko uri umutwarwa mwiza w’Ubwami bw’Imana?

16 Vuba Ubwami bw’Imana buzoba ari yo ntwaro yonyene iganza isi. Buzoyobora abantu mu mice yose y’ubuzima bwa misi yose, atari mu vy’impwemu gusa ariko kandi no mu buzima busanzwe. Woba uzoba umutwarwa w’Ubwami bw’Imana mwiza ico gihe? Iki ni co gihe co kuvyerekana. Mu ngingo zose ufata buri musi, nukore vyose ku bw’ubuninahazwa bwa Yehova gutyo werekane yuko wigenza nk’amutwarwa mwiza w’Ubwami bw’Imana.​—1 Kor. 10:31.

[Utujambo tw’epfo]

a Nk’akarorero, raba Be maso! yo muri Nzero​—Ntwarante 2012, urupapuro rwa 16-23; na Be maso! (mu gifaransa) yo muri Ruhuhuma 2012, urupapuro rwa 3-9.

b Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ntwarante 2012, urupapuro rwa 30-31.

c Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Myandagaro 2011, urupapuro rwa 6-7 n’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Nzero 2011, urupapuro rwa 3-6.

[Iciymviro nyamakuru ku rup. 14]

Woba ukurikiza ingabisho zishingiye kuri Bibiliya zerekeye Internet?

[Ifoto ku rup. 12]

Cokimwe na bene Kora, woba uhimbarwa n’ugusenga gutyoroye be na kahise kakwo?

[Ifoto ku rup. 15]

Umugoroba wanyu uhariwe Ugusenga kwo mu muryango urashobora kugira ikintu kinini uterereye mu gutuma wewe n’abawe muba abatwarwa b’Ubwami beza

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika