Ivyiyumviro vyofasha mu Gusenga kwo mu muryango no mu kwiyigisha
MU NTANGO z’umwaka wa 2009, amashengero y’Ivyabona vya Yehova yo kw’isi yose yarahinduye urutonde rwayo rw’amakoraniro. Ya makoraniro abiri yahora agirwa mu ndwi hagati yarashizwe hamwe, kandi twese twararemeshejwe gufata umugoroba waciye uboneka tukawukoresha ku bw’ugusenga kwo mu muryango canke mu kwiyigisha. Woba uriko urungikira kuri iyo ndinganizo nshasha? Woba uriko urayungukirako bimwe vyuzuye?
Hari abibajije amayagwa bakwiye guhitamwo kugira ngo bayihweze mu gihe c’ugusenga kwo mu muryango. Inama Nyobozi ntishingira imiryango ivyo ikwiye kwiga buri ndwi. Kubera ko ivy’imiryango usanga vyifashe mu buryo butandukanye, serugo wese akwiye kuzirikana ivyo umuryango wiwe ukeneye maze agahitamwo ivyorushiriza kuwufasha. Abadafise imiryango boshobora na bo nyene kuraba ukuntu bokoresha neza uwo mwanya.
Bamwebamwe baramaze igihe bategurira hamwe amakoraniro y’ishengero, mugabo ugusenga kwo mu muryango gukwiye kuba kurimwo n’ibindi uretse ivyo. Abandi baramaze igihe basoma amakuru yo mu Vyanditswe, bakayaganirako eka mbere bakayasubiramwo mu buryo bw’igikino, ivyo bakabigira na canecane kugira bafashe abana batoyi. Ku bw’ivyo, ugusenga kwacu kwo mu muryango ntigukwiye kugirwa nk’ikoraniro ryo mw’ishengero, aho usanga hasomwa ingingo maze hakabazwa ibibazo. Umwanya w’ugusenga kwo mu muryango ukwiye kuba ikiringo co guserura akari ku mutima. Ukwiye kuba ikiringo co gukoresha ubwenge bwacu maze tukayaga ibintu bishimishije tuba twasomye muri Bibiliya. Nitwabigenza gutyo, imigoroba tumara turi kumwe uko tugize umuryango izoba igihe gihimbaye kuri umwumwe wese.
Sebibondo umwe afise abana batatu yandika ati: “Ivyo tumaze igihe dukora ahanini bishingiye ku gusoma Bibiliya. Umwe wese muri twebwe arasoma ibigabane binaka imbere y’igihe, abana bagahitamwo ibintu bazogirira ubushakashatsi, mu nyuma bagashikiriza ivyo baba bashitseko. Uwitwa Michael [akaba afise imyaka indwi] akenshi aracapa ishusho canke akagira ico yanditse ku vyo aba yasomye. Rimwe na rimwe David na Kaitlyn [umwe akaba afise imyaka 13 uwundi 15] baragira ico banditse ku nkuru yinaka yo muri Bibiliya bakamera nk’aho bariko barabona ivyariko birashika. Nk’akarorero, igihe twariko turasoma ibijanye n’ukuntu Yozefu yasobanuye indoto za wa muntu yakora igikorwa co kwotsa kwa Farawo be n’umwe yamuhereza ibinyobwa, Kaitlyn yaranditse iyo nkuru nk’aho yoba yari apfunganywe na bo ariko aravyihweza.”—Ita., ikig. 40.
Mu bisanzwe, ukuntu ivy’abantu vyifashe usanga gutandukanye. Ibigirira akamaro umuntu umwe canke umuryango umwe vyoshobora kutakagirira uwundi. Uruzitiro ruri kumwe n’iki kiganiro rurimwo ivyiyumviro bitari bike mwoshobora gukoresha mu gihe c’ugusenga kwanyu kwo mu muryango canke mu gihe c’ukwiyigisha. Birashoboka rwose ko mwokwiyumvira n’ibindi vyinshi.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 6, 7]
Imiryango irimwo abana b’imiyabaga:
• Nimusome igitabu Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro maze mukiganireko.
• Nimwigane ibivugwa muri Bibiliya, mufate yuko ari ho mwari igihe ivyo bintu vyaba. (Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruheshi 1996, urupapuro rwa 13, ingingo ya 17-18.)
• Nimuganire ku migambi mushobora gushikako mu gihe kirekire n’iyo mushobora gushikako mu gihe gito.
• Nimuze muracishamwo murabe ividewo ishingiye kuri Bibiliya maze muyiganireko.
• Nimwihweze ikiganiro co mu Munara w’Inderetsi kivuga ngo “Ku bw’urwaruka.”
Abubakanye batagira abana:
• Nimwihweze ikigabane ca 1, 3, 11-16 mu gitabu Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo.
• Nimuyage ivyo mwashitseko mu bushakashatsi mwagize ku vyiyumviro binaka mwakuye mu gisomwa ca Bibiliya.
• Nimutegurire hamwe Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero canke Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi.
• Nimuyage ukuntu mwokwagura umurimo wanyu wo mu ndimiro uko mwubakanye.
Bene wacu na bashiki bacu batarubaka izabo canke ababana n’abo badasangiye ukwemera:
• Nimwige ibisohokayandikiro bishasha twaronse ku mahwaniro y’intara.
• Nimusome ibitabu vy’umwaka (annuaires) vya vuba n’ivya kera.
• Nimugire ubushakashatsi ku bibazo bikunda kuvyuka mu cibare canyu.
• Nimutegure uburyo butandukanye bwo gushikiriza inkuru nziza.
Imiryango irimwo abana batoyi:
• Nimusubiremwo mu buryo bw’agakino inkuru zo muri Bibiliya.
• Nimukine udukino tubafasha kwibuka, nka tumwe dusohoka muri Be maso! mu kiganiro kivuga ngo “Abagize umuryango bavyihweze bari hamwe.”
• Nimuze muracishamwo mwiyumvire ikintu gishasha. (Raba ikiganiro kivuga ngo “Akigoro ugira si ak’impfagusa,” co mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruhuhuma 2011, urupapuro rwa 11.)
• Nimwihweze ikiganiro co mu Munara w’Inderetsi kivuga ngo “Niwigishe abana bawe.”