ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 1/10 rup. 30-31
  • Nturondere kuba agakomeye!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nturondere kuba agakomeye!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ivyo bijanye
  • Ugusangangurwa kw’i Sodomu n’i Gomora
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Yezu ananira ibigeragezo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Musa ashingwa igikorwa kidasanzwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Yezu akiza abantu ku gitangaro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 1/10 rup. 30-31

Ku bw’urwaruka

Nturondere kuba agakomeye!

Ibimenyeshejwe: Uyu mwimenyerezo, nuwukorere ahantu hatekanye. Igihe usoma ivyanditswe, nubone yuko ari ho uri, witegereza ibiriko biraba. Niwihe ishusho y’ibiriko biraba, wumve amajwi. Niwiyumve nk’uko abantu nyamukuru bavugwa muri iyo nkuru biyumva. Nubone ibivugwa muri iyo nkuru nk’ibiriko biraba koko.

Abantu nyamukuru bavugwamwo: Dawidi, Abusalomu na Yowabu

Incamake: Abusalomu aragerageza kwigarurira intebe y’ubwami ya se.

NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.​—SOMA 2 SAMWELI 14:25-33; 15:1-17; 18:9-17, 30-33.

Dondora ukuntu wiyumvira ko Abusalomu yasa. (Subira usome 2 Samweli 14:25, 26.)

Wiyumvira ko Abusalomu yifata gute kandi agakoresha ijwi rimeze gute igihe yaba ariko agerageza kwigarurira imitima y’abaje kuraba umwami ngo abatunganirize? (Subira usome 2 Samweli 15:2-6.)

Uravye ikintu cabaye kivugwa muri 2 Samweli 14:28-30, uca ubona ko Abusalomu yari umuntu ameze gute?

NURUSHIRIZE KWIMBA.

Ni igiki Abusalomu yabanje gukora kugira ngo ashobore kwigarurira intebe y’ubwami? (Icogufasha kubimenya: Soma 2 Samweli 13:28, 29. Amunoni yari we muhungu w’imfura wa Dawidi, akaba rero ari we yari kuragwa intebe y’ubwami.)

Naho Abusalomu yarondeye kuba agakomeye akironderera n’icubahiro, mu vy’ukuri yabonwa gute uravye ingene yahambwe? (Subira usome 2 Samweli 18:17.)

Ni igiki wibaza ko coba caratumye Abusalomu agira agatima ko kurondera kuba agakomeye? (Gereranya n’ibivugwa kuri Diyotirefe muri 3 Yohani 9, 10.)

Ivyo Abusalomu yakoze vyatumye Dawidi amererwa gute? (Icogufasha kubimenya: Soma Zaburi ya 3, iyanditswe na Dawidi igihe Abusalomu yagarariza.)

NUSHIRE MU NGIRO IVYO WIZE. ANDIKA IVYO WIZE KU VYEREKEYE . . .

Akaga kari mu kurondera kuba agakomeye.

Ingene ivyo umuntu akora bishobora gutuntuza abandi, ushizemwo n’abavyeyi biwe.

UBUNDI BURYO BWO KUBISHIRA MU NGIRO.

Ushobora gute kugwa mu mutego wo kurondera kuba agakomeye?

Wokwirinda gute kugira ubwibone?

NI UMUCE UWUHE W’IYI NKURU UHAMBAYE CANE KURI WEWE, KANDI KUBERA IKI?

Iciyumviro: Fata ko iyo nkuru irangira mu buryo butandukanye n’ubwo. Vyari kugenda gute iyo Abusalomu yicisha bugufi aho kurondera kuba agakomeye?​—Imigani 18:12.

Ja kuri www.pr418.com

Usome Bibiliya mu zindi ndimi kuri Internet

Uronke iki kiganiro canke ugicapure

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika