ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 15/12 rup. 27-31
  • Ukuntu wokwihangana igihe upfakaye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukuntu wokwihangana igihe upfakaye
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • UMUBABARO USA N’UWUDAHERA
  • UMUSI UMWUMWE UKWAWO
  • ICIZIGIRO C’IZUKA NI ISÔKO RY’URUHOZA
  • IMVO YO KUGIRA ICIZIGIRO
  • Abapfakazi n’abapfakare bakeneye iki? Wobafasha gute?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • “Murirane n’abarira”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Abandi Bashobora Gufasha Gute?
    Iyo Uwo Wakunda Apfuye
  • Imfashanyo iva kuri ya “Mana itanga ukwihangana n’uguhumurizwa”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 15/12 rup. 27-31

Ukuntu wokwihangana igihe upfakaye

BIBILIYA ivuga mu buryo butomoye yuko umugabo abwirizwa “[gukunda] umugore wiwe nk’uko yikunda.” Umugore na we akwiye “kugirira umugabo wiwe icubahiro kigera kure.” Bompi babwirizwa gushitsa uruhara rubega rwo kuba “umubiri umwe.” (Ef. 5:33; Ita. 2:23, 24) Uko haca igihe, ukwiyumvanamwo kw’abubakanye kurarushiriza gukomera, nk’uko nyene bigenda ku rukundo bafitaniye. Woshobora kubigereranya n’imizi y’ibiti bibiri bikuze vyegeranye. Inyiyumvo z’umugabo n’umugore bahimbawe ziranywana kandi zigasobekerana.

Ariko none tuvuge iki mu gihe uwo mugabo canke uwo mugore apfuye? Ico gihe ubwo bucuti bw’intamenwa mu buzima buba buheze. Uwo mupfakazi canke uwo mupfakare akenshi asigarana intuntu, irungu, kumbure mbere n’ishavu canke ukwiyagiriza. Mu myaka 58 Daniella yamaze yubatse urwiwe, yaramenye abantu benshi bapfakaye.a Mugabo aho umugabo wiwe apfiriye, yavuze ati: “Sinari bwigere ntahura ico kintu. Ntushobora kugitahura kitaragushikira.”

UMUBABARO USA N’UWUDAHERA

Abashakashatsi bamwebamwe bavuga ko ata maganya akomeye kuruta ayo umuntu agira iyo abuze uwo bubakanye yikundira. Abantu benshi babuze ababo baremera ico kintu. Haciye imyaka myinshi umugabo wa Millie apfuye. Mu kudondora ubuzima afise ari umupfakazi, avuga ati: “Numva ndi ikimuga.” Yariko avuga ukuntu amerewe mu mutima, ukwatumwe n’uko yabuze uwo bari bubakanye bari bamaranye imyaka 25.

Susan yahora yiyumvira ko abapfakazi bamara imyaka myinshi baririra abagabo babo bapfuye, barenza urugero mu kugira intuntu. Mu nyuma, umugabo wiwe w’imyaka 38 yarapfuye. Ubu haraciye imyaka irenga 20, yamara avuga ati: “Ndamwiyumvira buri musi.” Akenshi arakorora amosozi kubera ko amukumbura cane.

Bibiliya iremeza ko umubabaro umuntu agira igihe apfakaye ukomeye cane kandi umara igihe kirekire. Igihe Sara yapfa, umugabo wiwe Aburahamu “[yarinjiye] kuborogera Sara no kumuririra.” (Ita. 23:1, 2) Naho Aburahamu yizera izuka, yaragize intuntu nyinshi igihe umugore wiwe yikundira yapfa. (Heb. 11:17-19) Aho umugore wiwe yikundira Rasheli amariye gupfa, Yakobo ntiyaciye amwibagira. Yarayagira abahungu biwe ivyiwe abigiranye ikibabarwe.—Ita. 44:27; 48:7.

Ni icigwa ikihe dukwiye gukura kuri ubwo burorero bwo muri Bibiliya? Abapfakazi n’abapfakare akenshi baramara imyaka n’iyindi bafise umubabaro wo kubura abo bahora bubakanye. Amosozi yabo be n’ibihe vy’umubabaro baba barimwo ntidukwiye kubibona nk’ubugoyagoye, ahubwo dukwiye kubona ko ari ingaruka zumvikana zo kuba barabuze bimwe bikomeye. Boshobora kuba bakeneye ko tumara igihe kirekire tubagaragariza ikibabarwe twongera tubashigikira.

UMUSI UMWUMWE UKWAWO

Ubuzima bw’umupfakazi canke umupfakare si ugusubira gusa kuba umwirebange. Iyo abubakanye bamaranye imyaka myinshi, usanga umugabo azi ingene ahoza umugore wiwe akongera akamuremesha igihe atuntuye canke yihebuye. Igihe uwo mugabo apfuye, isôko ry’urukundo n’uruhoza ry’uwo mugore na ryo nyene riba ripfuye. Muri ubwo buryo nyene, uko haca igihe umugore aramenya ukuntu yotuma umugabo wiwe yumva atekaniwe kandi ahimbawe. Ukuntu akuyakuya umugabo wiwe be n’amajambo aruhura amubwira, ukuntu yitwararika ibimushimisha n’ivyo akeneye nta kindi vyogereranywa. Iyo apfuye, uwo mugabo yoshobora kwiyumvamwo ko hari ico abuze mu buzima. Ni co gituma bamwebamwe mu bapfakara batabona neza ico kazoza kababikiye kandi bakakitegana ubwoba. Ni ingingo ngenderwako yo muri Bibiliya iyihe yobafasha gutekanirwa no kuronka amahoro?

Imana irashobora kugufasha umusi umwumwe ukwawo kwihanganira ukubura uwawe

“Ntimukigere mwiganyira ku vy’ejo, kuko umusi w’ejo uzoba ufise amaganya yawo. Ububi bw’umusi umwumwe wose buramaze.” (Mat. 6:34) Naho ayo majambo ya Yezu yerekeye canecane ibintu vy’umubiri umuntu akenera mu buzima, yarafashije benshi kwihanganira ibihe bitoroshe umuntu acamwo igihe yabuze uwiwe. Haciye amezi makeyi umukenyezi wiwe apfuye, umupfakare umwe yitwa Charles yanditse ati: “Inyiyumvo zo gukumbura Monique ziracakomeye, kandi birashika zigasa n’izirushiriza kwongerekana. Ariko rero, ndatahura ko ivyo ari ibisanzwe be n’uko amaherezo uwo mubabaro uzogabanuka uko igihe kizoza kirarengana.”

Egome, Charles yabwirizwa kwihangana ‘uko igihe caza kirarengana.’ Yashoboye gute none kwihangana? Yavuze ati: “Ndabifashijwemwo na Yehova nahangana n’umusi umwumwe ukwawo.” Charles ntiyishwe n’intuntu. Umubabaro wiwe ntiwaciye uhera, ariko kandi ntiwamurengeye. Nimba warapfakaye, niwihatire kwihanganira ukwo kubura umusi umwumwe ukwawo. Ntuzi ivyiza canke indemesho umusi mushasha ushobora kuzana.

Urupfu ntirwari mu mugambi Yehova yari afise mu ntango. Ahubwo, ni kimwe mu “bikorwa vya Shetani.” (1 Yoh. 3:8; Rom. 6:23) Shetani arakoresha urupfu be n’ugutinya rwoshobora guteza kugira ngo atume abantu benshi baguma mu buja kandi batagira icizigiro. (Heb. 2:14, 15) Shetani arahimbarwa igihe umuntu abona ko adashobora kuronka agahimbare n’ugushira akanyota nyakuri, mbere no mw’isi nshasha y’Imana. Ku bw’ivyo, amarushwa uwapfakaye agira kubera yabuze uwo bubakanye ni ingaruka z’igicumuro ca Adamu n’amayeri ya Shetani. (Rom. 5:12) Yehova azotorera umuti burundu amabi yatewe na Shetani, akureho ikirwanisho ciwe gituntuza abantu ari co rupfu. Mu bakuwe mu buja bw’ugutinya Shetani aremesha, harimwo abantu benshi bapfakaye, nk’uko na wewe ushobora kuba warapfakaye.

Ku vyerekeye abazozukira kuba ng’aha kw’isi, biboneka ko hazoba amahinduka menshi mu migenderanire y’abantu. Zirikana ibijanye n’abavyeyi, abanyokuru n’abasokuru, n’abandi basokuruza bazosubira kuba bazima maze bakagenda baraba abatagira agasembwa bari kumwe n’abana babo be n’abuzukuru babo. Ingaruka z’ubusaza zizoranduranwa n’imizi. Abakiri bato boba bazobwirizwa kwiga kubona ba sekuruza babo mu buryo butandukanye cane n’uko bababona ubu? Vyongeye, ntitwemera none ko ayo mahinduka azoba ari mu bizoryohorwa mu bantu?

Hariho ibibazo vyinshi cane vyoshobora kwiyumvirwa ku bijanye n’abazozuka, nk’akarorero ku bijanye n’abapfakaye kabiri canke karenga. Abasadukayo barabajije ikibazo ku bijanye n’umugore yabuze umugabo wiwe wa mbere, mu nyuma akabura uwa kabiri, bikabandanya gutyo gushika ku bagabo batari bake. (Luka 20:27-33) None abo bantu bazogiranira imigenderanire iyihe mw’izuka? Nta vyo tuzi, kandi nta co bimaze gutanga ivyiyumviro bitagira ishingiro canke kubuzwa amahoro n’ivyo bintu bitazwi. Ubu, dutegerezwa kwizigira Imana. Ico twemera tudakeka co ni iki: Ico Yehova azokora cose muri kazoza kizoba ari ciza, ikintu co kwizigira, atari ico gutinywa.

ICIZIGIRO C’IZUKA NI ISÔKO RY’URUHOZA

Imwe mu nyigisho zitomoye kuruta izindi zo mw’Ijambo ry’Imana ni iy’uko abacu bapfuye bazosubira kuba bazima. Inkuru zo muri Bibiliya zivuga ivyerekeye abantu bazutse kera ziradukura amazinda yuko “abari mu mva bose bazokwumva ijwi [rya Yezu] bakazivamwo.” (Yoh. 5:28, 29) Abantu bazoba bariho ico gihe bazohimbarwa nibabonana n’abazoba bavuye mu vyara vy’urupfu. Ku rundi ruhande, ntidushobora gutahura agahimbare abazoba bazutse bazogira.

Abapfuye nibazuka, isi izokwuzura akanyamuneza kuruta ikindi gihe cose. Abantu amamiliyaridi bazoba bazutse bazosubira kubana n’abazima. (Mrk. 5:39-42; Ivyah. 20:13) Kuzirikana kuri ico gitangaro co muri kazoza birakwiye guhoza ababuze ababo bose.

Hoba hari umuntu azoba afise imvo yumvikana yo kubabara iryo zuka rihambaye niryaba? Bibiliya yishura ko ata we. Nk’uko bivugwa muri Yesaya 25:8, Yehova “urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe bidahera.” Aho harimwo no gukuraho buhere ingaruka zibabaje z’urupfu, kuko ubwo buhanuzi bubandanya kuvuga buti: “Umukama Segaba Yehova azohanagura koko amosozi mu maso ha bose.” Nimba ufise umubabaro ubu kubera ko uwo mwahora mwubakanye mu buzima yapfuye, izuka rizotuma vy’ukuri ugira imvo yo guhimbarwa.

Nta muntu n’umwe atahura bimwe bishitse ibintu vyose Imana izokora mw’isi nshasha. Yehova avuga ati: “Nk’uko amajuru ari hejuru cane y’isi, ni ko n’inzira zanje ziri hejuru cane y’inzira zanyu, n’ivyiyumviro vyanje bikaba hejuru cane y’ivyiyumviro vyanyu.” (Yes. 55:9) Umuhango Yezu yatanze werekeye izuka ryimirije uraduha akaryo ko kwizigira Yehova, nk’uko Aburahamu yabigize. Ikintu gihambaye ku mukirisu wese ubu ni ugukora ivyo Imana idusaba gutyo ‘akabonwa ko abereye gushika muri ca gihe kigiye kuza’ ari kumwe n’abazozuka.—Luka 20:35.

IMVO YO KUGIRA ICIZIGIRO

Aho guhagarika umutima, nutsimbataze icizigiro. Twisunze ukuntu abantu babona ibintu, kazoza nta cizigiro gatanga. Mugabo Yehova aratuma twizigira ikintu ciza kuruta. Ntidushobora kumenya neza na neza ukuntu Yehova azoturonsa ivyo dukeneye vyose akongera agahaza ivyipfuzo vyacu vyose, yamara ntidukwiye gukekeranya ko azobigira. Intumwa Paulo yanditse ati: “Icizigiro umuntu abona si icizigiro, kuko iyo umuntu abona ikintu, none yocizigira? Mugabo nimba twizigira ico tutabona, tuguma tukirindiriye twihanganye.” (Rom. 8:24, 25) Kwizigira bimwe bikomeye ivyo Imana yasezeranye bizogufasha kwihangana. Biciye ku kwihangana, uzokwironkera ako kazoza keza igitangaza aho Yehova “azoguha ivyo umutima wawe usaba.” Azohaza “icipfuzo c’ikiri n’ubuzima cose.”—Zab. 37:4; 145:16; Luka 21:19.

Niwizigire umuhango Yehova yatanze werekeye kazoza kuzuye umunezero

Igihe c’urupfu rwa Yezu cegereje, intumwa ziwe zarahagaritse umutima cane. Yezu yarabahojeje n’aya majambo agira ati: “Imitima yanyu ntihagarare. Mwizere Imana, na jewe munyizere.” Yababwiye ati: “Sinzobasiga mwenyene. Ndiko ndaza kuri mwebwe.” (Yoh. 14:1-4, 18, 27) Ayo majambo yiwe yotumye abayoboke biwe barobanuwe bo mu binjana bitandukanye bagira icizigiro n’ukwihangana. Abashashaye kubona ababo mw’izuka na bo nyene nta mvo bafise yo kwihebura. Yehova n’Umwana wiwe ntibazoheba ababuze ababo. Urashobora kuvyemera udakeka!

a Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.

Nuremeshe abatuntujwe n’ukubura ababo

Igihe umukirisu yubatse apfuye, abantu benshi boshobora kumara igihe baza kugarukira ku wo asize kugira ngo bamuhoze bongere bamufashe mu buryo butandukanye. Nk’akarorero, umupfakazi arashobora gukenguruka ukuntu umuryango n’abagenzi bamwitwararika. Mugabo umubabaro agira kubera ukubura woshobora guhera buhorobuhoro, akaba ari co gituma aba akeneye kumara igihe kinaka ahozwa yongera afatwa mu mugongo. Bibiliya ivuga iti: “Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.”—Imig. 17:17.

Ukwiye kuramutsa gute uwabuze? Bibiliya itanga ubu buyobozi bugira buti: “Mwese muhuze umuzirikanyi, mugire impuhwe, mwiyumvemwo abavukanyi, mugire impuhwe z’ikibabarwe.” (1 Pet. 3:8) Umukirisu yabuze yoshobora kumara igihe kinaka atiyumva neza. Ku bw’ivyo, hari aho bitoba vyiza uvuze amajambo nk’aya ngo “Umerewe gute?” canke ngo “Wumva umerewe neza?” naho woba utabigiranye imvo mbi. Uwabuze yoshobora kwiyumvira ati: ‘Ubaye utazi uko merewe?’ canke ngo ‘Nomererwa neza gute muri iki gihe?’ Vyoshobora rero kurushiriza kuba ngirakamaro uvuze amajambo avuye ku mutima kandi yerekana ko ubona ibintu neza, nk’aya ngo “Ndahimbawe cane no kukubona,” canke ngo “Kukubona mw’ishengero birandemesha.”

Woshobora gutumira uwabuze kugira ngo musangire udufungurwa dusanzwe canke kugira ngo mujane gutembera. Uwitwa Marcos, akaba ari umupfakare, yarahojejwe n’abagenzi bamugendera. None bayaga ibiki? Yigana ati: “Nta vyinshi bavuga ku bijanye n’ingorane zanje bugabo bavuga ikintu cose kiremesha.” Umupfakazi yitwa Nina yavuze ati: “Abagenzi banje beza akenshi bavuga amajambo abereye mu gihe kibereye. Birashika ntihagire ico bavuga, tukaba turi kumwe gusa.”

Nimba uwabuze yipfuza kuyaga ibijanye n’ico cago, numutege yompi ubigiranye ubwitwararitsi n’ukwihangana. Niwirinde kumubaza ibibazo urondera kumenya vyinshi. Ntumucire urubanza. Ntibikenewe ko utanga impanuro ku bijanye n’ukuntu uwabuze akwiye guserura intuntu canke igihe akwiye kumara abigira. Ntibikubabaze nimba akeneye kuguma ari wenyene. Urashobora kugaruka ikindi gihe. Nugume ugaragaza urukundo.—Yoh. 13:34, 35.

Woba ufise ibibazo bijanye na kazoza?

Ni ibisanzwe kwibaza ibijanye n’iranguka ry’ivyo Yehova yasezeranye. Aburahamu yarakunda kwiyumvira ibijanye n’umuhango Imana yari yaramuhaye wo kumuha umuhungu. Yehova yamuremesheje kwihangana. Uwo mugabo w’umwizigirwa ntiyacitse intege.—Ita. 15:2-5; Heb. 6:10-15.

Yakobo amaze kwumva ko Yozefu yapfuye, yarakumbuye cane uwo muhungu wiwe. Haciye imyaka, Yakobo yari agituntujwe n’uwo muhungu wiwe, uwo yibaza ko yari yarapfuye. Yamara, Yehova yari abikiye uwo mugabo w’umwizigirwa Yakobo ikintu ciza, ikintu atashobora kwiyumvira. Mu nyuma, Yakobo yarasubiye kubonana na Yozefu, yongera aragira umunezero wo kubona n’abuzukuru biwe. Yakobo yavuze ati: “Sinari nizigiye kubona mu maso hawe, ariko raba Imana inyeretse n’uruvyaro rwawe.”—Ita. 37:33-35; 48:11.

Ni ivyigwa ibihe twokura kuri izo nkuru? Ica mbere, niwizigire ko ata kintu na kimwe cobuza Imana Mushobora vyose gushitsa ivyo igomba. Ica kabiri, nitwasenga tukongera tugakora duhuza n’ivyo Yehova agomba, azotwitwararika ubu yongere aturonse ivyo tuzokenera muri kazoza be n’ivyo tuzokwipfuza vyose. Paulo yanditse ati: “Umwe rero ashobora gukora ibirengeye kure n’iyo ivyo dusaba vyose canke twiyumvira, nk’uko ububasha bwiwe buriko bukorera muri twebwe buri, ubuninahazwa bube ubwiwe biciye kw’ishengero no kuri Kristu Yezu mu mayaruka yose ibihe bitazoshira. Amen.”—Ef. 3:20, 21.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika