Imfashanyo iva kuri ya “Mana itanga ukwihangana n’uguhumurizwa”
HARACIYE nk’imyaka 2.000 umwanditsi wa Bibiliya Paulo avuze ko Yehova ari “Imana itanga ukwihangana n’uguhumurizwa” (Abaroma 15:5). Kubera ko Bibiliya idukura amazinda yuko Yehova adahinduka ngo ni uko haciye igihe, turashobora kwizigira tudakeka ko Imana igihumuriza abayikorera (Yakobo 1:17). Nkako, Bibiliya irahishura ko Yehova ahumuriza mu buryo butandukanye abakeneye guhumurizwa. Uti none bumwebumwe muri ubwo buryo ni ubuhe? Imana iraha inkomezi abayisenga basaba ko yobafasha. Iratuma kandi abakirisu b’ukuri bahumuriza abo basangiye ukwizera. Vyongeye, Yehova aratanga inkuru zeza umutima mw’Ijambo ryiwe Bibiliya zihumuriza canecane abatuntujwe n’uko babuze umwana wabo. Reka twihweze ubwo buryo butatu Yehova akoresha mu guhumuriza, bumwebumwe ukwabwo.
‘Uhoraho yarumvise’
Umwami Dawidi yanditse ku bijanye n’Umuremyi wacu Yehova ati: “Yemwe bantu, mwame muyizigira ibihe vyose: musuke ivyo mu mitima yanyu imbere yayo: Imana ni yo itubera ubuhungiro” (Zaburi 62:8). Ni kubera iki Dawidi yari yizigiye Yehova gutyo? Dawidi, mu kuvuga ibimwerekeye ubwiwe, yanditse ati: “Uyu mugorwa yaratakamvye, Uhoraho aramwumva, amukiza amarushwa yiwe yose” (Zaburi 34:6). Mu bintu vyose bibabaje Dawidi yaciyemwo, yama asenga Yehova Imana amusaba ngo amufashe kandi yama amufasha. Dawidi afatiye ku vyo yari yariboneye, yari azi yuko Imana yomufashe mu mugongo ikongera ikamufasha kwihangana.
Abavyeyi batuntujwe n’ukubura barakwiye kumenya ko Yehova azobashigikira mu mubabaro ukomeye bafise nk’uko yabigiriye Dawidi. Barashobora kwiyegereza Umwe ahambaye “[y]umva ivyo asabga”, bizigiye ko abafasha (Zaburi 65:2). William, umwe twavuga mu kiganiro c’imbere y’iki, yavuze ati: “Akenshi narumva ko ntashobora kubandanya kubaho ntari kumwe n’umuhungu wanje, kandi narasavye Yehova ngo ampumurize. Yamye nantaryo andonsa inkomezi n’umutima rugabo vyamfashije kubandanya kubaho”. Na wewe nyene usenze Yehova ufise ukwizera, iyo Mana ihambaye yo mw’ijuru izogufata mu mugongo. Nakare, Yehova Imana asezeranira abihatira kumusukurira ati: “Jewe Uhoraho Imana yawe nzogufata ukuboko kw’i buryo, nkubgire, nti Ntutinye, ndagutabara”.—Yesaya 41:13.
Imfashanyo abagenzi nyakuri batanga
Ababuze umwana akenshi usanga bakenera umwanya wo kurira bari ukwa bonyene no gutsinda intuntu baba bafise. Ariko rero, hamwe bomara ikiringo kinini batari kumwe n’abandi ntiboba bakoze ibiranga ubukerebutsi. Nk’uko mu Migani 18:1 havyerekana, “uwigungira ukwiwe” yoshobora kwigirira nabi. Ku bw’ivyo rero, abatuntujwe n’ukubura bakwiye kuba maso kugira ngo ntibahave bagwa mu mutego wo kwigungira ukwa bonyene.
Abagenzi batinya Imana barashobora gufasha cane abari mu mubabaro. Mu Migani 17:17 havuga hati: “Umukunzi akundana ibihe vyose, kandi yavukiye kukubera nk’uwo muvukana mu magorwa”. Lucy, na we nyene twavuze mu kiganiro c’imbere y’iki, yarahumurijwe n’abagenzi nyakuri aho aburiye umuhungu wiwe. Mu kuvuga ibijanye n’abagenzi biwe bo mw’ishengero, yagize ati: “Ukuba baratugendera vyaradufashije cane naho rimwe na rimwe bivugira make. Hariho umwe yaza araza kundaba ku misi naba ndi jenyene. Yari azi ko nshobora kuba ndi i muhira ndiko ndarira, ari na co gituma kenshi yaca aza akarirana nanje. Uwundi na we nta musi wijana atanyakuye kuri telefone kugira ngo andemeshe. Abandi na bo baradutumira iwabo kugira ngo dusangire akajumbu, kandi n’ubu baracabigira”.
Naho umubabaro mwinshi abavyeyi bagira igihe babuze umwana uteba guhera, gutura Imana isengesho be no kwifatanya n’abavukanyi n’abavukanyikazi bo mw’ishengero birahumuriza vy’ukuri abatuntujwe n’ukubura. Abavyeyi bakirisu batari bake babuze umwana baribonera ko Yehova ari kumwe na bo. Mu vy’ukuri, Yehova “a[ra]kiza abafise imitima imenetse, a[ga]pfuka inguma zabo”.—Zaburi 147:3.
Inkuru zo muri Bibiliya zihumuriza
Uretse isengesho be n’ukwifatanya n’abandi mu buryo bwubaka, Ijambo ry’Imana ryanditse na ryo nyene ni isoko ry’impumurizo ku bantu batuntujwe n’ukubura. Inkuru zo muri Bibiliya zihishura ko Yezu afise icipfuzo gikomeye co gutuma abavyeyi babuze abana babo badasubira kugira umubabaro, mu kuzura abapfuye kandi ko afise ubushobozi bwo kubigira. Inkuru nk’izo zirahumuriza koko abantu batuntujwe n’ukubura. Reka twihweze zibiri muri izo.
Muri Luka ikigabane ca 7 haravuga ivyabaye igihe Yezu yahura n’abantu bagiye ku maziko mu gisagara c’i Nayini. Abo bantu bari bagiye gufuba umuhungu w’ikinege w’umupfakazi umwe. Umurongo wa 13 uvuga uti: “Umwami amubonye amutera akagongwe, aramubarira, ati Nta co urira”.
Ni bake bokwubahuka kubwira inabibondo ari ku maziko y’umwana wiwe ngo areke kurira. Ni kubera iki none Yezu yavuze gutyo? Ni uko yari azi ko intuntu uwo muvyeyi yari afise yari igira irangire. Iyo nkuru ibandanya igira iti: “[Yezu] yigira hafi y’ikigagara, agikorako, abahamvyi barahagarara. Aravuga, ati Muhungu, ndakubariye nti vyuka. Uwari yapfuye aravyuka, aricara, atangura kuvuga; Yesu amuha nyina” (Luka 7:14, 15). Ico gihe, nyina w’uwo muhungu ategerezwa kuba yarasubiye kurira, mugabo aho ho yarijijwe n’umunezero.
Ikindi gihe na ho, umugabo yitwa Yayiro yaregereye Yezu amusaba ko yomufashiriza agakobwa kiwe k’imyaka 12 kari karemvye cane. Inyuma y’aho gatoyi, haciye haza inkuru ivuga yuko ako gakobwa kari gacikanye. Iyo nkuru yatumye Yayiro avunika umutima, ariko Yezu yamubwiye ati: “Ntutinye, wizere gusa”. Yezu ashitse mu rugo rw’uwo mugabo, yaciye agenda aho ikiziga ca nya gakobwa cari kiri. Yaragafashe ukuboko aca avuga ati: “Gakobga, ndakubariye, nti Vyuka”. Ni ibiki vyaciye biba? Iyo nkuru ivuga iti: “Umukobga aca avyuka uwo mwanya, aragendagenda”. Abavyeyi biwe bo bavyakiriye gute? ‘Baciye batangara cane’. Igihe Yayiro n’umukenyezi wiwe bariko baragumbira ako gakobwa kabo, baranezerewe cane. Wamenga bariko bararota.—Mariko 5:22-24, 35-43.
Mwene izo nkuru zo muri Bibiliya zivuga ido n’ido ukuntu abana bazuwe, zirereka ico abavyeyi batuntujwe n’ukubura muri iki gihe bashobora kwitega. Yezu yavuze ati: “Igihe kija kûza, ah’abari mu mva bose bazokwumvira ijwi ryiwe, bakazivamwo” (Yohana 5:28, 29). Yehova afise umugambi w’uko Umwana wiwe asubiza ubuzima abapfuye. Abana amamiliyoni n’amamiliyoni bapfuye ‘bazokwumva ijwi ryiwe’ ni yababwira ati: ‘Ndababariye nti Vyuke!’. Abo bana bazosubira kugendagenda no kuvuga. Kandi, cokimwe na Yayiro n’umukenyezi wiwe, abavyeyi b’abo bana ‘bazotangara cane’.
Niba hari umuhungu canke umukobwa wabuze, numenye neza ko Yehova abicishije kw’izuka ashobora gutuma intuntu ufise ihinduka umunezero. Kugira ngo wungukire kuri ico cizigiro giteye igomwe, niwumvire aka kamo umwanditsi wa Zaburi atera kagira gati: “Murondere Uhoraho n’inkomezi ziwe; murondere mu nyonga hiwe ibihe bidashira. Mwibuke ibikorwa vyiwe bitangaje yakoze [be n’]ibitangaza vyiwe” (Zaburi 105:4, 5). Ego cane, nukorere ya Mana y’ukuri Yehova wongere uyisenge mu buryo yemera!
Ni ivyiza ibihe uzoronka uramutse ‘urondeye Uhoraho’? Uzoronka inkomezi biciye kw’isengesho utura Imana, uhumurizwe n’uko abakirisu b’ukuri bakwitwararikana urukundo wongere uremeshwe n’ukwiga Ijambo ry’Imana. Vyongeye, muri kazoza katari kure uzokwibonera ‘ibikorwa bitangaje’ Yehova azokora ku bw’ineza yawe y’ibihe bidahera no ku bw’ineza y’umwana wabuze.
[Uruzitiro ku rup. 5]
“Uranzanira wa mugore yabura abana babiri”
Kehinde na Bintu, ni Ivyabona vya Yehova bubakanye bo muri Nijeriya babuze abana babo babiri bahitanywe n’isanganya ry’umuduga. Kuva ico gihe baragize umubabaro kubera ukwo kubura kudasanzwe. Naho ari ukwo, kuba bizigiye Yehova birabakomeza kandi barabandanya kubwira ababanyi babo ubutumwa butanga icizigiro bwo muri Bibiliya.
Abandi barabonye ukuntu Kehinde na Bintu bagumye batekanye be n’ukuntu batadendebukiwe. Umusi umwe hari umupfasoni yitwa Ukoli yabwiye umwe mu bagenzi ba Bintu ati: “Uranzanira wa mugore yaburira rimwe abana babiri ariko akaba akibandanya kwamamaza ubutumwa bwo muri Bibiliya. Nipfuza kumenya ikimuronsa inkomezi zimufasha kwihangana”. Igihe Bintu yashika ku rugo rw’uwo mupfasoni, uno yamubwiye ati: “Nipfuza kumenya igituma ubandanya kwamamaza ivyerekeye Imana yakwiciye abana. Imana yantwaye agakobwa kanje kamwe nari mfise. Kuva ico gihe, ivy’Imana naciye mpeba”. Bintu yarakoresheje Bibiliya mu gusigura igituma abantu bapfa be n’igituma twokwizigira tudakeka yuko abacu bapfuye bazozuka.—Ivyakozwe n’intumwa 24:15; Abaroma 5:12.
Uwo mupfasoni Ukoli yaciye avuga ati: “Nahora nibaza yuko Imana ari yo yica abantu. Ubu rero ndamenye ukuri”. Yaciye afata ingingo yo kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova kugira ngo amenye vyinshi ku bijanye n’ivyo Imana yasezeranye.
[Uruzitiro ku rup. 6]
‘Ndipfuza kugira ico mfashije, ariko sinzi ingene nobigira’
Igihe umwana apfuye, abavyeyi biwe be n’abo bivukana baragira intuntu nyinshi, abagenzi babo na bo bakaba boshobora kwumva batabona ico bari bukore. Baripfuza gufasha uwo muryango wabuze ariko bagatinya ko bohava bavuga canke bakora ikintu kitabereye cohava kiza gusongera isibe. Ng’ibi ivyiyumviro bimwebimwe bishobora gufasha aboba bavuga bati: ‘Ndipfuza kugira ico mfashije, ariko sinzi ingene nobigira’.
❖ Ntureke kwifatanya n’ababuze ngo n’uko utazi neza ico wovuga canke wokora. Kuba uhari vyonyene birabaremesha. Vyoba bikugora kuronka ico uvuga? Niba ari uko biri, ubagumbiriye ukongera ukababwira ubikuye ku mutima uti: “Mwigumye yemwe!”, birabereka ko ubitwararika. Woba utinya yuko nka hamwe worira, woba utumye barushiriza kubabara? Bibiliya ivuga iti: “Murirane n’abarira” (Abaroma 12:15). Kurira vyerekana ko usangiye umubabaro na bo, kandi birabahumuriza.
❖ Niwibwirize kugira ico ukoze. Woba ushobora gutegurira uwo muryango udufungurwa? Woba ushobora kubogereza ivyombo vyamaze kubabana vyinshi? Woba ushobora kubirukangira mu tuntu tumwetumwe? Ntuvuge ngo “Nihagira ico mukenera, murambwira”. Naho ayo majambo woba uyavuze uyakuye ku mutima, atuma abavyeyi benshi baba babuze babona ko ata mwanya ufise wo kubafasha. Ahubwo riho, nubabaze uti: “Ndabafashe iki?”, maze uce ukora ico bakubwiye. Ariko uririnda kwinjira mu vyumba vy’inzu yabo utarekuriwe gushikamwo, wirinde no kubinjirira mu buzima.
❖ Niwirinde kuvuga ngo “Ndazi ukuntu mumerewe”. Umwe wese ari n’ukuntu yiyumva iyo yabuze. Naho nyene na wewe woba warigeze kubura umwana wawe, ntuba uzi neza ukuntu biyumva.
❖ Hazoca igihe kinini kugira ngo base n’abasubira kumera nk’uko bahora. Nugume ubafasha uko ushoboye kwose. Iyo umuryango ubuze, usanga akenshi mu ntango abantu baca basidukana n’iyonka baje kuwugarukirako, ariko abagize uwo muryango barakenera kubandanya bitwararikwa. Uritwararika rero ivyo bashobora gukenera mu mayinga canke mu mezi akurikiraa.
[Akajambo k’epfo]
a Niba wipfuza kumenya vyinshi ku bijanye n’ukuntu wofasha abatuntujwe n’ukubura umwana wabo, raba ikigabane kivuga ngo “Abandi Bashobora Gufasha Gute?” co mu gatabu Iyo Uwo Wakunda Apfuye, ku rupapuro rwa 20-24, kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Amafoto ku rup. 7]
Inkuru zo muri Bibiliya zerekana yuko Yezu afise ububasha bwo kuzura abana kandi ko yipfuza kubigira