ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/5 rup. 3-4
  • Baragira umubabaro mwinshi cane kandi udahera

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Baragira umubabaro mwinshi cane kandi udahera
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni kubera iki bagira intuntu nyinshi gutyo?
  • Imfashanyo iva kuri ya “Mana itanga ukwihangana n’uguhumurizwa”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Abandi Bashobora Gufasha Gute?
    Iyo Uwo Wakunda Apfuye
  • Bavyeyi, nimurere abana banyu mubigiranye urukundo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Kunezereza Umutima w’Abavyeyi
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/5 rup. 3-4

Baragira umubabaro mwinshi cane kandi udahera

HARI umuntu aherutse kugira ubushakashatsi arondera kumenya ingene uko igihe kigenda kirarengana bigira ico bihinduye ku kuntu abantu batuntujwe n’ukuba barabuze ababo bumva bamerewe. Yararungikiye abavyeyi nka bangahe hari haciye imyaka myinshi babuze abana babo ibibazo bari kwishura. Si bose bishuye ivyo bibazo. Sebibondo umwe yitwa Vladimir, hakaba hari haciye imyaka itanu abuze umuhungu wiwe, yasiguye yuko bikimugora cane kuvuga ivyerekeye uwo muhungu wiwea.

Mwene iyo ntuntu imara igihe kirekire abavyeyi babuze abana babo barakunda kuyigira. Haraciye imyaka cumi umuhungu wa William w’imyaka 18 asomye nturi. William yandika ati: “Umubabaro nagize kubera ukubura uwo muhungu wanje n’ubu ndacawufise kandi nzowamana igihe cose nzoba nkiriho”. Haraciye imyaka itanu Lucy, uwabuze umuhungu wiwe ahitanywe n’indwara yamufashe bukumbi, yanditse ati: “Mu misi mikeyi ya mbere ivyo bibaye, naguma nibwira nti ‘eka data si vyo’. Nabona nk’aho umenga ndiko ndarota indoto mbi maze nkaca nikangura. Haciye igihe naratanguye kubona neza yuko atakigaruka i muhira. Haraheze imyaka itanu umuhungu wanje apfuye, ariko n’ubu hari aho bishika igihe mba ndi jenyene nkarira iyo ndamwibutse”.

Ni kubera iki none abavyeyi babuze umwana wabo nka Vladimir, William, na Lucy bagira umubabaro mwinshi cane kandi udahera? Reka turabe imvo zimwezimwe zibituma.

Ni kubera iki bagira intuntu nyinshi gutyo?

Igihe mu muryango baronse ikibondo, abavyeyi baragira inyiyumvo zidashobora kuboneka mu bundi bucuti bwose abantu boba bafitaniye. Guterura ico kibondo cabo vyonyene, kukiraba gisinziriye canke kukibona gitwengatwenga bituma bagira umunezero n’agahimbare bigera kure. Abavyeyi banyarukundo baritwararikana urukundo abana babo. Barabigisha kwigenza neza no kugira urupfasoni (1 Ab’i Tesalonike 2:7, 11). Igihe abana bakuze bakurikiza iyo ndero bahabwa n’abavyeyi, bano baraheza bakumva babishimiye maze bagaca batangura kwitega ko hari ibintu bihambaye abo bana bazoshikako.

Abavyeyi bitwararika abana babo barakora bagatama kugira ngo babaronse ivyo bakeneye. Boshobora kuza baraziganya amahera canke ibindi bintu kugira ngo bashobore kuzofasha abana babo gushinga izabo (2 Ab’ i Korinto 12:14). Ico gishika cinshi babagaragariza, uwo mwanya munini bakoresha, utwo twigoro twinshi bagira be n’ayo mahera menshi basohora bituma dushika kuri iki ciyumviro: Abavyeyi barera abana babo kugira ngo babeho si ukugira ngo bapfe. Igihe umwana apfuye, igikorwa co kumurera kiba kinigiwe mu menshi, kandi ivyo abavyeyi bari bamwitezeko biba biheze. Urukundo n’ikibabarwe birangwa igishika abavyeyi bagaragariza uwo mwana biba bihagaze, bikaba nk’aho bitangiriwe n’igihome c’ibitandara, ari co rupfu. Ikibanza umuhungu wabo canke umukobwa wabo yari afise mu mitima yabo kiba gisigaye kigaragara. Abavyeyi baca bagira intuntu nyinshi itoroshe guhera.

Bibiliya iremeza yuko abavyeyi babuze abana babo bagira umubabaro mwinshi kandi udahera. Mu kudondora ivyashitse igihe umwe sogokuruza w’imiryango Yakobo yumva ko umuhungu wiwe Yozefu yari yishwe, Bibiliya ivuga iti: “Yakobo yitantamurirakw impuzu ziwe, akenyera amagunira, amara imisi myinshi agandariye umwana wiwe. Abahungu biwe bose n’abakobga biwe bose baza kumwirura; ariko yanka kwirurwa; ati Nzorinda mpamvya umwana wanje i kuzimu nkirira”. Mu myaka yakurikiye, Yakobo yari agituntuye kubera umuhungu wiwe, uwo yibaza ko yari yarapfuye (Itanguriro 37:34, 35; 42:36-38). Akandi karorero Bibiliya itanga ni ak’umugore w’intahemuka yitwa Nawomi, uwabuze abahungu biwe babiri. Yaragize umubabaro mwinshi cane ku buryo yipfuje ko iryo zina ryiwe Nawomi, irisobanura ngo “igikundiro”, ryohinduka akitwa Mara, irisobanura ngo “Umururāzi”.​—Rusi 1:3-5, 20, 21, Bibiliya Yera akajambo k’epfo.

Ariko rero, Bibiliya ntiyerekana gusa ko abavyeyi bagira intuntu iyo babuze abana babo. Irerekana kandi ukuntu Yehova aha inkomezi abatuntujwe n’ukubura. Mu kiganiro gikurikira, turaza guca irya n’ino uburyo bumwebumwe Imana ikoresha mu guhumuriza abatuntujwe n’ukubura.

[Akajambo k’epfo]

a Bamwebamwe si ko bitwa.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika