ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w15 1/4 rup. 16
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
w15 1/4 rup. 16

INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Kazoza katubikiye iki?

Umuryango waje kuraba umutamakazi badasangiye ibara ry’urukoba

Ni gute urupfu rwa Yezu rutuma bishoboka ko abantu babaho bitaho bagenzi babo?

Nta gukeka ko abantu bazoguma batera imbere mu vy’ubuhinga. Mugabo none boba bazoshobora gutuma abantu babaho bitaho vy’ukuri bagenzi babo? Eka data. Muri iki gihe, isi yuzuye ubwikunzi n’umwina. Mugabo Imana irafitiye abantu umugambi mwiza cane uruta ivyo abantu boshikako.​—Soma 2 Petero 3:13.

Ijambo ry’Imana riravuga ibijanye n’igihe kw’isi yose hazoba haba abantu bakundana. Abantu bazoba mu mutekano, kandi nta kizobagirira nabi.​—Soma Mika 4:3, 4.

Ubwikunzi buzokurwaho gute?

Imana ikirema umuntu, nta bwikunzi na bukeyi yari afise. Mugabo igihe uwo muntu wa mbere yahitamwo kugarariza Imana, yaciye agira akanenge. Ni we yaturaze ubwikunzi. Naho ari ukwo, Imana izokoresha Yezu kugira ngo dusubire kuba abatagira akanenge.​—Soma Abaroma 7:21, 24, 25.

Yezu yaradupfiriye kugira adukureko ingaruka zatewe n’ukugambarara kwa Adamu, ivyo bikaba ari vyo Imana yagomba. (Abaroma 5:19) Yezu yatumye rero tugira icizigiro ciza igitangaza co kuzobaho tutagifise agatima k’ubwikunzi gatuma dukora ikibi.​—Soma Zaburi 37:9-11.

Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 5 c’iki gitabu, Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova

Kiraboneka no kuri www.pr418.com

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika