ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w15 1/7 rup. 16
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
w15 1/7 rup. 16

INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Kubera iki abantu bakora ikibi?

Yezu aranse ubwami bwose bw’isi Shetani ariko aramuha

Ni nde yagerageje kwosha yezu ngo akore ikibi?​—Matayo 4:8-10

Mu bisanzwe abantu bipfuza kuba abanyamahoro, kuvuga ukuri no kugira umutima mwiza. Ni kubera iki none ubugizi bwa nabi, akarenganyo n’ubukozi bw’ikibi bigwiriye? Ubu amakuru ateye ubwoba ni yo akunze kuvugwa. Hoba hariho uwosha abantu gukora ibibi?​—Soma 1 Yohani 5:19.

Imana yoba yaremye abantu kugira bakore ikibi? Oya, Yehova Imana yaremye abantu mw’ishusho yiwe kugira bigane urukundo rwiwe. (Itanguriro 1:27; Yobu 34:10) Ariko kandi Imana yarabahaye ubushobozi bwo kwihitiramwo. Igihe abavyeyi bacu ba mbere bahitamwo nabi, bari banse kwigana Imana baca baba abacumuzi. Ni bo baturaze igicumuro.​—Soma Gusubira mu vyagezwe 32:4, 5.

Ikibi coba kizokwamaho?

Imana ishaka ko turwanya ivyipfuzo vyacu bibi. (Imigani 27:11) Iratwigisha rero ingene twokwirinda gukora ikibi n’ingene twohimbarwa vy’ukuri. Ariko rero muri iki gihe, ntidushobora kwigana urukundo rw’Imana ijana kw’ijana.​—Soma Zaburi 32:8.

Naho ikibi ciraye, Imana iracakiretse igihe gito kugira twese dutahure ingaruka zaco. (2 Petero 3:7-9) Ariko rero vuba, abantu bahimbawe kandi bagamburukira Imana bazokwuzura isi.​—Soma Zaburi 37:9-11.

Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 3 c’iki gitabu, Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova

Kiraboneka no kuri www.pr418.com

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika