Niduheture Iteritwari Yacu Yose Uko Ingana
1 Mu tugari dutuwemwo, hariho rimwe na rimwe ubudandaji butobuto, nk’idandarizo ry’ibifungurwa, iresitora canke idandarizo rya kamwekamwe. Niba ayo madandarizo arimwo muri iyo teritwari, dukwiye guturukīra abahakora cokimwe n’ababa muri ako kagari.
2 Turashobora gukoresha inshikirizo yoroshe kandi ngufi, mu kuvuga nk’akarorero duti: “Nashaka kukwereka ikintu kimwe.” Niba bisa n’uko nyeneho afatiriwe muri uwo mwanya, turashobora gusa kumusaba kwakira itaragiti hanyuma tukavuga duti: “Nzosubira kuhaca igihe uzoba udafatiriwe cane. Nashaka kuzomenya ico wibaza kuri iyi taragiti.”
3 Uwo murimo ntukwiye kudutinyisha. Hari umwamamaji umwe yiyemereye ati: “Nari niteze inyishu y’ukwanka. Ariko, icantangaje cane, ibihushanye n’ivyo ni vyo vyashitse igihe navuga ivy’Ubwami. Abantu vy’ukuri bari n’urupfasoni, bari nk’abagenzi; hafi ya bose, barakiriye ibinyamakuru.”
4 Umugore umwe akora mw ishirahamwe ry’ivy’inyubakwa yatumiye Ivyabona mu biro vyiwe. Yaremeye ibisohokayandikiro kandi araserura icipfuzo co kwiga Bibiliya. Baramweretse igitabu Ubumenyi, kandi bidatevye inyigisho yaciye itangurira mu biro vyiwe!
5 Dushinzwe ibanga ryo guhetura iteritwari yacu yose uko ingana, bikaba bishaka kuvuga ko ari ugushikira abadandaza bo mu kagari. (Ivyak. 10:42) Nidutegekanye kubasura nk’abandi bantu. Gutyo, ntiduhetura gusa iteritwari yacu neza gusumba, ariko vyoshoboka ko bigira n’ingaruka zihimbaye zizoduhêra ku bw’utwigoro twacu.