‘Babanza Kugezwa’—Mu buryo Nyabaki?
1 Kubera iyongerekana ribandanya kuhaba mw’ishirahamwe rya Yehova, harabandanya gukenerwa abavukanyi bakwije ibisabwa kugira ngo bakore nk’abakozi b’ishengero. Abavukanyi benshi bataragenwa, tutibagiye n’abayabaga, bari n’icipfuzo co gusukurira ishengero. Igihe bongerejwe ibikorwa, barumva ko bafise ico bamaze kandi bakumva ko bashobora kugira ico baranguye. Ukubandanya batera imbere kuva ku ‘kubanza kugezwa’ kwabo. (1 Tim. 3:10) Ivyo bigirwa gute?
2 Uruhara rw’Abakurambere: Turetse ugupima umuvukanyi mu kumurabira kuri kamere zo mu Vyanditswe zisabwa ku mukozi w’ishengero, izo dusanga muri 1 Timoteyo 3:8-13, abakurambere barabanza kugeza umuvukanyi ngo barabe ko akwiriye gushingwa amabanga. Barashobora kumushinga gukora ibikorwa vy’ingirakamaro bijanye n’ugutanga ibinyamakuru n’ibisohokayandikiro, guhereza abantu mikoro, kubungabunga Ingoro y’Ubwami, n’ibindi. Abakurambere baritegereza ukuntu yakira ibikorwa ashingwa n’ingene avyitwararika. Bamuronderamwo kamere nziza ari zo ukwizigirwa, ugushika ku gihe, ubwira, ukwifata ruto, umutima ukunze, hamwe n’ukubangukirwa no kubana neza n’abandi. (Flp. 2:20) Yoba ari intangakarorero mu buryo yambara no mu buryo yitunganya? Yoba ari umuntu yitwararika ibintu? Bashaka kubona mu “migenzo myiza . . . ibikorwa vyuzuye ubwitonzi buva mu bwenge.” (Yak. 3:13, UB) Ubwo yoba arondera koko kugira ico afashije mw’ishengero? Yoba ariko arashitsa ibwirizwa rya Yezu ryo ‘guhindura abantu abigishwa’ mu kugira uruhara mu gikorwa co mu ndimiro?—Mat. 28:19; raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nyakanga 1990, urupapuro 18-28 (mu Gifaransa).
3 Naho ata myaka yashinzwe umuntu akwiye n’imiburiburi kuba afise kugira agenwe kuba umukozi w’ishengero, Bibiliya ivuga yuko mwene abo bavukanyi ari ‘abagabo bakora neza.’ Ntitwokwitega ko boba ari ho bagitangura ubuyabaga canke babugejeje hagati, na canecane ko bivugwa yuko bashobora kuba bafise abagore n’abana. (1 Tim. 3:12, 13) Abagabo mwene abo bakwiye kuba badatsindwa n’ “ukwipfuza kw’ubusore,” ariko bakwiye kuba bigenza mu buryo butarimwo ubufyinyi, bakaba bazwi neza kandi bafise ijwi ryo mu mutima rityoroye imbere y’Imana n’abantu.—2 Tim. 2:22.
4 Naho ububangutsi mvukanwa bwo gukora ibintu ari ngirakimazi, uko umuntu yifata n’agatima agaragaza ni vyo vy’ukuri bihambaye. Mbega umuvukanyi kanaka yoba yipfuza gushemeza Imana no gusukurira abavukanyi biwe yicishije bugufi? Niba avyipfuza, Yehova azohezagira utwigoro twiwe two gutera imbere mw’ishengero.