Amajambo Yoroshe Ni yo Meza
1 Ni kuki abamamaji bakiri bato kenshi bakwegera abo babwira ubutumwa bw’Ubwami? Imvo imwe ni uko amajambo bakoresha aba yoroshe. Abamamaji bamwebamwe bashobora kwiyumvira yuko gushinga intahe kirumara bisaba kuvuga mu buryo buhinguye. Ariko rero ivyabonywe birerekana yuko gukoresha amajambo yoroshe kandi atomoye ari vyo vyiza.
2 Yezu yamamaza Ubwami bw’Imana mu buryo bworoshe, atarinze guca kure. Vyongeye yaramenyereje abigishwa biwe gukora nk’ukwo nyene. (Mat. 4:17; 10:5-7; Luka 10:1, 9) Yakoresha intangamarara zitagoye, akabaza ibibazo vyoroshe, hamwe n’ibigereranirizo vyoroshe gutegera, kugira ngo akwegere abamwumviriza, yongere abakore ku mutima. (Yoh. 4:7-14) Twoba tugize neza twiganye akarorero kiwe, maze tugashikiriza inkuru nziza mu buryo bworoshe gutegera.
3 “Inkuru nziza y’ubwami” (NW) ni ubutumwa tubwirizwa kwamamaza. (Mat. 24:14) Ukoresheje Ubwami nka wo mutwe-shimikiro, bizofasha kugira ngo uburyo ushikiriza inkuru nziza bugume bworoshe. Nuvuge ibintu biraje ishinga abakwumviriza. Abagore kenshi bashima kwitwararika ivy’imiryango yabo kuruta ivya politike. Abagabo na bo usanga bitwararika canecane ivy’akazi kabo n’ivy’ugutunganirwa kw’ingo zabo. Abakiri bato na bo usanga bitwararitse kazoza kabo, abasaza na bo ivy’ukugira amagara meza hamwe n’ugutekanirwa. Abantu mu bisanzwe bitwararika cane ibintu biba iwabo kuruta ibibera kure y’iwabo. Mumaze kuganira ibibaraje ishinga muri rusangi, nutumbereze ivyiyumviro vyabo ku migisha abantu bagamburuka bazokwinovora mu gihe c’intwaro y’Ubwami bw’Imana. Amajambo make yoroshe kandi arobanuwe neza, vyongeye akaba ajanye n’icanditswe, yoshobora kuba ari bwo buryo bwiza butuma uwumviriza ashimishwa.
4 Urashobora gutanguza ikiyago mu kuvuga uti:
◼ “Nta nkeka uremera yuko abantu basinzikajwe n’indwara z’ibiza nyinshi zidakira. Ariko none woba uzi ko Imana yasezeranye yuko ubu bwa vuba izokuraho ubwoko bwose bw’indwara, mbere n’urupfu?” Mu kwishura, nuce usoma Ivyahishuriwe. 21:3, 4.
5 Dushikirije ubutumwa mu buryo bwumvikana kandi bworoshe, turashobora gukwegera ivyiyumviro n’imitima y’abantu benshi mu cibare cacu, tukabafasha kwiga ivyerekeye Yehova n’icizigiro gihimbaye c’ubuzima budahera.—Yoh. 17:3.