Nugire Uruhara mw’Iyimbura Bimwe Vyuzuye
1 Abamenyeshakazoza ba Yehova ba kera, cokimwe na Yezu Kirisitu ubwiwe, baravuze ivyerekeye igikorwa c’itororokanya. (Yes. 56:8; Ezk. 34:11; Yoh. 10:16) Ico gikorwa kiriko kirarangurwa uko inkuru nziza y’Ubwami yamamazwa kw’isi iyo iva ikagera. (Mat. 24:14) Itandukaniro riri hagati y’abakorera Imana n’abatayikorera ririko riribonekeza neza. (Mal. 3:18) None ivyo bisigura iki kuri twebwe?
2 Ni Ibanga ry’Umwumwe Wese: Turashobora kwigira ku karorero ka Paulo, uwakoze bimwe vyuzuye mu kuja imbere mu busuku bwa gikirisu. Yariyumvamwo ko abwirizwa kwamamaza, kugira ngo abantu bose bashobore kuronka akaryo ko kwumva inkuru nziza, maze bakazokizwa. Ivyo vyamuvyuriye umutima wo gukora agatama ubudasiba ku neza yabo. (Rom. 1:14-17) Turavye ingene abantu bahanganye n’akaga muri kino gihe, ntidufise none ibanga mbere rihambaye kuruta ryo kwamamaza mu cibare twakebewe?—1 Kor. 9:16.
3 Ni Igihe c’Igikorwa Cihutirwa: Igikorwa co kwamamaza gishobora kugereranywa n’igikorwa co gutabara imbabare. Muri ico gikorwa bategerezwa kumenya aho abacitse kw’icumu bari, maze bagafashwa kuja ahatagira inkomanzi, amazi atararenga inkombe. Igihe gisigaye ni gito. Ubuzima burageramiwe! Ntibitangaje kubona Yezu yarahimirije abayoboke biwe gusaba “Nyen’ivyimburwa [ngo] arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe.”—Mat. 9:38.
4 Kubera ko batahura yuko ari ivyihutirwa muri kino gihe, abakozi benshi b’ivy’Ubwami bararushirije kugira uruhara muri ca gikorwa kirokora ubuzima. Uwukiri muto yitwa Hirohisa yavukana n’abana bane, bakaba bari basigaranye umuvyeyi umwe. Yarafata mu mugongo umuryango wiwe mu kuvyuka butaraca isaha cenda zuzuye, akaja kugurisha ibinyamakuru. Naho vyari uko, Hirohisa yarashaka gukora vyinshi mu busuku, ni kwo gutangura ubutsimvyi busanzwe. Hoba hariho uburyo bw’uko wogira uruhara bimwe vyuzuye kuruta muri ico gikorwa kitazokwigera gisubirwamwo?
5 ‘Igihe gisigaye, ni kigufi.’ (1 Kor. 7:29, UB) Ku bw’ico, ese twokora ivyo dushoboye vyose muri ico gikorwa gihambaye kuruta ibindi kiriko kirarangurwa mw’isi muri kino gihe, kikaba ari ukwamamaza inkuru nziza y’Ubwami n’uguhindura abantu abayoboke. Yezu yagereranije ubwo busuku n’igikorwa c’iyimbura. (Mat. 9:35-38) Tugize uruhara bimwe vyuzuye muri iryo yimbura, hari aho mu ngaruka nziza ziva mu butame bwacu hobamwo ugufasha umuntu agacika umwe mu bagize ishengero rinini ry’abasavyi b’Imana badondorwa mu Vyahishuriwe 7:9, 10.