Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 15 Ndam.
“Muri iyi myaka ya vuba, abantu benshi babonye yuko ubuyobozi bwo mu vy’impwemu bugenda buta agaciro. Ivyo woba umaze kubibona? [Rindira yishure, uce usoma Zaburi 119:105.] Ubuyobozi bwo mu vy’impwemu burashobora gufasha abantu kwirinda imitego myinshi yo mu buzima. Iki kinyamakuru kirerekana ukuntu umuntu yoshobora kuronka ubuyobozi nyakuri bwo mu vy’impwemu”.
Réveillez-vous! 22 Ndam.
“Muri iyi si ya none aho ibintu vyose vyihuta, abantu benshi baribaza nimba abana badakura ningoga. Ivyo vyoba bikuraje ishinga? [Rindira yishure, uce usoma Umusiguzi 3:1, 4.] Mu bwana si co gihe co kwikorera imitwaro igenewe abakuze. Iyi nomero ya Réveillez-vous! irihweza ukuntu abavyeyi bashobora gukingira abana babo igihe bakiri bato”.
Umunara w’Inderetsi 1 Rus.
“Hari ibibazo bimwebimwe abantu badashobora kwishura. Raba nk’aka karorero [Soma Yobu 21:7.]. Woba warigeze kugira ikibazo woshima kubaza Imana? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kirasigura ukuntu abantu bo mu mihingo yose yo kw’isi baronse inyishu zishika ku nyota ku bibazo bitatu bihambaye mu buzima”.
Réveillez-vous! 8 Rus.
“Benshi muri twebwe usanga bazi umuntu arwaye diyabete. Hoba hari vyinshi uzi ku vyerekeye iyo ndwara? [Numwereke igipfukisho c’ico kinyamakuru maze urindire yishure.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino ivyerekeye ibitera iyo ndwara n’uburyo ivurwa. Kirihweza kandi ivyerekeye umuhango Bibiliya itanga w’igihe indwara zose zizokira ubutakigaruka”. Nusozere mu gusoma Yesaya 33:24.