Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 15 Ntwar.
“Nipfuza ku gutumira kw’ihimbazwa ry’Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba rizoba ku w’iyinga, igenekerezo rya 4 Ndamukiza. [Nusigure ukoresheje igipfukisho c’inyuma c’ikinyamakuru canke agakaratasi k’ubutumire bw’Icibutso. Maze uce usoma Luka 22:19.] Ibiganiro bitangura vyo muri iyi nomero y’Umunara w’Inderetsi biraca irya n’ino insobanuro y’ico kintu cabaye be n’ukuntu gihimbazwa”.
Réveillez-vous! 22 Ntwar.
Uhejeje kuvuga ikintu kibabaje kiraje ishinga abantu, nubaze uti: “Woba urigera wibaza igituma Imana ireka ibintu nk’ivyo bigashika? [Rindira yishure. Maze uce usoma Yakobo 1:13.] Iki kiganiro, icandikiwe canecane abakiri bato, kirasigura igituma Umuremyi wacu munyarukundo atarahaguruka kugira akureho ugucumukura kw’abantu”.
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 1 Ndam.
“Hari imirongo mikeya yatumye havugwa vyinshi ku bijanye n’ikimenyetso ca ca gikoko kidondorwa muri Bibiliya mu buryo bw’akayoberabahinga. Woba urigera wumva ivy’ico kimenyetso? [Rindira yishure. Maze uce usoma Ivyahishuriwe 13:16-18.] Bibiliya ubwayo iratanga uburyo bwo gutora insobanuro y’ubwo bufyindo. Iki kinyamakuru kirasigura ubwo buryo ubwo ari bwo”.
Réveillez-vous! 8 Ndam.
“Abantu benshi baramenyereye inkuru y’ubuzima bwa Musa. Ariko wari uzi yuko Musa yavuze ikintu cerekeye ubuzima bwacu muri iki gihe? [Rindira yishure. Maze uce usoma Gusubira mu vyagezwe 18:15.] Iyi nomero ya Réveillez-vous! iravuga uwo muhanuzi yari yarabuwe uwo ari we be n’ivyo agiye gukorera umuryango w’abantu”.