Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 15 Myand.
“Abantu benshi baraha agaciro ivyo kugira izina ryiza. Bamwebamwe mbere usanga bibaza ico abantu bazobibukirako nibamara gupfa. Ivyo woba umaze kuvyiyumvira? [Rindira yishure. Nuce usoma Umusiguzi 7:1.] Umunara w’Inderetsi urerekana ukuntu dushobora kwihesha izina ryiza ku bantu no ku Mana”.
Réveillez-vous! 22 Myand.
“Nimba wewe canke uwo mu muryango wawe mumaze kugirwako iterabwoba, urazi ingene birandura umutima. [Rindira yishure.] Iyi nomero ya Réveillez-vous! iratanga inama ngirakamaro ku bantu bamaze kugirwako iterabwoba. Irerekana kandi umuhango Imana itanga w’igihe ubuzima buzoba butakirimwo mwene izo ngorane”. Soma Mika 4:4.
Umunara w’Inderetsi 1 Nyak.
“Benshi biyumvira yuko amadini atandukanye abantu barimwo ari inzira gusa zitandukanye zishikana ahantu hamwe. Abandi bemera yuko hari idini y’ukuri imwe gusa. Woba umaze kwiyumvira ivyerekeye ico kibazo? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kirarimbura umugani wa kera utomora neza ico kibazo”. Nukwegere ivyiyumviro kuri Matayo 13:24-30.
Réveillez-vous! 8 Nyak.
“Kwipfuza kujana n’ibigezweho biragira akosho gakomeye ku buzima bw’abantu benshi muri iki gihe. Bamwebamwe biyumvira yuko hashimikwa cane ku vyo abantu bambara no ku kuntu baboneka. Wewe uvyiyumvirako iki? [Rindira yishure.] Réveillez-vous! irerekana uburyo bwo kubona ibigezweho ku burimbane”. Soma Ab’i Kolosayi 3:12.