ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 8/04 rup. 8
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2004
km 8/04 rup. 8

Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 1 Muk.

“Mu gihe ivyago biteye, abantu benshi baragira amakenga kw’Imana yoba yitwararika abantu canke ko yoba ibona umubabaro wabo. Ivyo woba urigera uvyibaza? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kiravuga ukuntu Imana itwitwararika muri iki gihe, be n’ukuntu yashizeho ishingiro ryo gukuraho umubabaro wose”. Soma Yohana 3:16.

Be maso! 8 Muk. (mu gifaransa)

“Ku bantu benshi, imyaka y’ubuyabaga ni igihe c’umunezero n’ingorane zitoroshe, siko none? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino amahinduka ashikira imiyabaga. Kirasuzuma kandi impanuro z’ubwenge zimwezimwe zishobora kubafasha gukoresha neza iyo myaka y’ubuyabaga”. Soma Umusiguzi 12:1.

Umunara w’Inderetsi utangazal Ubwami bwa Yehova 15 Muk.

“Hamwe nk’iki kintu [iki cerekanywe aha ku gipfukisho] covugwa mu makuru muri iki gihe, kumbure abantu benshi vyobagora kwemera ko ari ivy’ukuri. Weho uvyiyumvira kw’iki? [Rindira yishure. Uce usoma Mariko 4:39.] Ni igiki kitwemeza yuko ibitangaro vya Yezu vyabaye koko? Iyi nomero y’Umunara w’Inderetsi irasuzuma ico kibazo”.

Be maso! 22 Muk. (mu gifaransa)

“Mw’isi ya kino gihe, inkozi z’ikibi ziguma zubura uburyo bushasha bwo guhenda abatabizi. Ivyo vyoba bikuraje ishinga? [Rindira yishure.] Iyi nomero ya Be maso! iraca irya n’ino ingingo nkeya z’ishimikiro zodufasha kwikingira uruhendo”. Soma Imigani 22:3.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika