Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Muk.
“Muri ino si ya kino gihe yuzuyemwo umudurumbanyo, abantu benshi baribaza bati: ‘Ni kubera iki ubuzima bwuzuyemwo ingorane? None nimba Imana iriho ni kubera iki ata co ikora kugira ngo ikureho imibabaro?’ Woba urigera wibaza ibintu nk’ivyo? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kiratanga inyishu ngirakamaro zo muri Bibiliya kuri ivyo bibazo”. Soma 2 Timoteyo 3:16.
Réveillez-vous! Muk.
“Muri iki gihe imibano y’abubatse myinshi cane iri mu ngorane. Wibaza ko abubakanye hari ico vyoshobora kubungura bashize mu ngiro iyi mpanuro iva ku Mana? [Soma Abanyefeso 4:32, uce urindira yishure.] Iyi Réveillez-vous! iraca irya n’ino ingingo ngenderwako za Bibiliya vyagaragaye ko zishobora kudufasha kugira umubano w’abubatse urangwa agahimbare”.
Umunara w’Inderetsi 15 Muk.
“Woba wibaza ko tuzoteba tukaronka intwaro izokuraho ingorane zizigirije abantu? [Rindira yishure.] Yezu yigishije abigishwa biwe gusenga basaba intwaro nk’iyo mu majambo yiwe yanditswe muri Matayo 6:9, 10. [Soma.] Iki kinyamakuru kirasigura igituma Ubwami bw’Imana busumba intwaro z’abantu kandi kikerekana imihezagiro buzozanira abantu”.
Réveillez-vous! Muk.
Igihe uhuye n’uwukiri muto woshobora kumubaza uti: “Abo munganya imyaka benshi bariyumvira ibijanye n’ukwubaka izabo. Wibaza ko ari hehe woshobora gukura amakuru yo kwizigirwa ku vyerekeye ico kibazo? [Rindira yishure.] Ehe raba uwatanguje umubano w’abubatse. [Soma Matayo 19:6.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino ingingo ngenderwako za Bibiliya zimwezimwe zodufasha kugira umubano w’abubatse urimwo agahimbare”.