Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Ruh.
“Hafi imisi yose turumva amakuru yerekeye abantu bakora ibikorwa vy’ububisha. [Tanga akarorero kazwi aho iwanyu k’ibiherutse kuba.] Woba umaze kwibaza niba hariho inguvu itaboneka kandi mbi iriko irosha abantu? [Rindira yishure, uce usoma mu Vyahishuriwe 12:12.] Iki kinyamakuru kirasigura ukuntu dushobora kwikingira”.
Réveillez-vous! Ruh.
“Noshima kumenya iciyumviro canyu ku bijanye n’ibi bivugwa ng’aha. [Soma 1 Timoteyo 6:10.] Woba wibaza ko abantu babayeho bashira imbere amahera n’ibintu vy’umubiri, vy’ukuri bituma bagira umubabaro? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kirasigura ingaruka mbi ziri mu vyo kwiruka inyuma y’itunga”.
Umunara w’Inderetsi 15 Ruh.
“Woba umaze kubona ko abantu benshi muri iki gihe bihitiramwo ingingo ngenderwako zerekeye iciza n’ikibi? [Rindira yishure.] Muri Bibiliya turahasanga akarorero k’ubuyobozi budata igihe. [Soma icanditswe ukuye mu ruzitiro ruri ku rupapuro rwa 6-7.] Iki kinyamakuru kirasigura ukuntu twungukira ku gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zigenga inyifato runtu zo muri Bibiliya”.
Réveillez-vous! Ruh.
“Twese turakeneye amahera kugira ngo dushobore kubaho. Woba wibaza ko bishoboka ko umuntu arazwa ishinga birenze urugero n’ukurondera amahera? [Rindira yishure.] Ehe raba ibivugwa ku bijanye n’ingaruka ziva ku kwiruka inyuma y’itunga. [Soma 1 Timoteyo 6:10.] Iki kinyamakuru kiratanga ivyiyumviro ngirakimazi bimwebimwe ku bijanye n’ukuntu umuntu yokworosha ubuzima maze akabumbwa n’amahera make”.