Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Ruh.
“Mu mico kama myinshi, hari igihe abageze mu zabukuru bigeze kuba bafatanwa icubahiro, nk’uko umuntu ashobora kubibona muri iri tegeko rya kera. [Soma Abalewi 19:32.] Wibaza ko muri iki gihe bacubahwa nk’ukwo? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kiravuga ingene Imana yitwararika abageze mu zabukuru be n’ingene na twebwe twobitwararika”.
Réveillez-vous! Ruh.
“Iterabwoba si ikintu gishasha, ariko muri iki gihe risigaye ryarakwiye kw’isi yose, rikaba rigira ingaruka ku buzima bw’abantu hafi nka bose. Wibaza ko ari kubera iki bimeze gutyo? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru Réveillez-vous! kirerekana gifatiye kuri Bibiliya igihe iterabwoba rizorangira be n’ingene Imana izozana amahoro nyakuri kw’isi”. Soma Mika 4:4.
Umunara w’Inderetsi 15 Ruh.
“Woba wibaza yuko twoshobora guhimbarwa naho dufise ingorane? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kirerekana isoko ry’ubuyobozi bushobora kudufasha kumenya ingene wovyifatamwo neza mu ngorane zo mu buzima. Kiraca kandi irya n’ino ingene kugira icizigiro nyakuri biremesha”. Soma Ivyahishuriwe 21:3, 4.
Réveillez-vous! Ruh.
“Mbega ntiwoba nawe wemera ko ivyago biheruka kwaduka vyashize ku mugaragaro akamaro ko kwumvira imburi? [Rindira yishure.] Iki kiganiro kirimwo ivyigwa abantu barokotse ca gihuhusi ciswe Katrina bahakuye. Kiravuga kandi imburi twese dukwiye kwumvira muri iki gihe”. Niwerekane ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 14.