ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 7/06 rup. 8
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2006
km 7/06 rup. 8

Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi 1 Ruh.

“Mu mico kama myinshi, hari igihe abageze mu zabukuru bigeze kuba bafatanwa icubahiro, nk’uko umuntu ashobora kubibona muri iri tegeko rya kera. [Soma Abalewi 19:32.] Wibaza ko muri iki gihe bacubahwa nk’ukwo? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kiravuga ingene Imana yitwararika abageze mu zabukuru be n’ingene na twebwe twobitwararika”.

Réveillez-vous! Ruh.

“Iterabwoba si ikintu gishasha, ariko muri iki gihe risigaye ryarakwiye kw’isi yose, rikaba rigira ingaruka ku buzima bw’abantu hafi nka bose. Wibaza ko ari kubera iki bimeze gutyo? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru Réveillez-vous! kirerekana gifatiye kuri Bibiliya igihe iterabwoba rizorangira be n’ingene Imana izozana amahoro nyakuri kw’isi”. Soma Mika 4:4.

Umunara w’Inderetsi 15 Ruh.

“Woba wibaza yuko twoshobora guhimbarwa naho dufise ingorane? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kirerekana isoko ry’ubuyobozi bushobora kudufasha kumenya ingene wovyifatamwo neza mu ngorane zo mu buzima. Kiraca kandi irya n’ino ingene kugira icizigiro nyakuri biremesha”. Soma Ivyahishuriwe 21:3, 4.

Réveillez-vous! Ruh.

“Mbega ntiwoba nawe wemera ko ivyago biheruka kwaduka vyashize ku mugaragaro akamaro ko kwumvira imburi? [Rindira yishure.] Iki kiganiro kirimwo ivyigwa abantu barokotse ca gihuhusi ciswe Katrina bahakuye. Kiravuga kandi imburi twese dukwiye kwumvira muri iki gihe”. Niwerekane ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 14.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika