Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 1 Ruh.
“Naho usanga abantu nka bose bavuga amahoro, ubumwe bw’isi vyarananiranye ko abantu babushikako. Woba wibaza ko kubushikira ari indoto nsa? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kirerekana intwaro ishobora gutuma isi yunga ubumwe”. Soma Zaburi 72:7, 8, hanyuma muhane isango ry’aho uzogarukira ngo muganire ingene ivyo bizogenda.
Réveillez-vous! 8 Ruh.
“Woba umaze kubona ko abantu benshi barajwe ishinga n’ukuntu kanseri y’urukoba iriko irongerekana? [Rindira yishure.] Iyi nomero ya Réveillez-vous! iraca irya n’ino igituma twebwe ab’iki gihe dushobora kuja mu kaga gakomeye ko gufatwa n’iyo ndwara, ikongera igasuzuma ico dushobora gukora kugira ngo twikingire”. Nusozere mu kumwereka umuhango uhumuriza dusanga muri Yobu 33:25.
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 15 Ruh.
“Abatari bake muri twebwe bamara hafi ubuzima bwabo bakora. Bamwebamwe babona ko ivyo ari umuhezagiro; abandi na bo bakabona ko ari umuvumo. Wewe uvyibazako iki? [Rindira yishure, uce usoma Umusiguzi 2:24.] Iki kinyamakuru kirerekana ingene Bibiliya ishobora kudufasha kubona akazi mu buryo buri ku burimbane. Kiraca kandi irya n’ino ibijanye n’ingene twotsinda ukurengerwa n’amaganya guterwa n’akazi”.
Réveillez-vous! 22 Ruh.
“Woba wibaza ko ikibano cacu coshobora kuba ahantu harushirije kuba heza hamwe umwe wese yoba akurikiza aya majambo? [Soma Abanyefeso 4:28, maze urindire yishure.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino ingaruka zikomeye zishikira umwe wese muri twebwe ziterwa n’ivyo kwiba ivyanze mu mangazini. Kirerekana kandi ingene ukwiba ivyanze mu mangazini, hamwe n’ubundi bugizi bwa nabi bigiye kurangira”.