Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 1 Muk.
“Twese turazi abantu basa n’abamerewe neza, ariko bakaguma bumva hari ico babuze mu buzima bwabo. Wibaza ko bakeneye iki? [Rindira yishure, uce usoma Matayo 5:3.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino ikintu gihambaye codufasha kuronka amahoro yo mu mutima, na co kikaba ari ukwironsa ivyo dukeneye mu vy’impwemu”.
Réveillez-vous! 8 Muk.
“Muri iki gihe aho ivy’akazi vyuzuyemwo uguhiganwa gukomeye, ubushomeri usanga ari ingorane ihambaye. Iki kinyamakuru kirerekana ibintu bitanu vyofasha umuntu kuronka akazi. [Nushimike ku dutwe turi mu ndome zizize mu kiganiro kivuga ngo “Ibintu bitanu vyofasha umuntu kuronka akazi”.] Kiratanga kandi inama nziza zerekana ico umuntu yokora kugira ngo arambire mu kazi”. Soma icanditswe co mu Migani 22:29, casubiwemwo ku rupapuro rwa 10.
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 15 Muk.
“Mu myaka ibihumbi n’ibihumbi iheze abantu babayeho, bagiye barashiraho inyigisho umuyoro z’ivy’Imana. Wibaza yuko dushobora kumenya iz’ukuri izo ari zo n’iz’ikinyoma izo ari zo? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kirerekana aho ushobora gukura inyigisho z’ukuri zishimwa n’Imana”. Soma 2 Timoteyo 3:16.
Réveillez-vous! 22 Muk.
“Biravuna umutima kubona ugucumukura guterwa n’ivyago vy’ivyaduka. [Tanga akarorero kazwi aho iwanyu.] Woba ubona ko ivyago nk’ivyo bitera vyongerekana? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kirihweza ico kibazo. Kiranahumuriza ababuze ababo bahitanywe na mwene ivyo vyago”. Soma Yohana 5:28, 29.