Niwigane wa Mwigisha Ahambaye igihe ukoresha igitabu Ivyo Bibiliya yigisha
1. Yezu yigisha gute?
1 Wa Mwigisha Ahambaye Yezu, yama nantaryo asigura ibintu mu buryo bworoshe kandi butomoye. Kugira ngo akabure ivyiyumviro vy’abamwumviriza, rimwe na rimwe yabanza kubabaza iryo bagona (Mat. 17:24-27). Yakwegera ivyiyumviro vyabo kw’Ijambo ry’Imana (Mat. 26:31; Mrk. 7:6). Yariyubara kugira ngo ntahave aremereza abigishwa biwe amakuru arenze urugero, kubera ko yari azi yuko bobandanije kwiga (Yoh. 16:12). Yezu yaritwararika kandi kumenya nimba abigishwa biwe baremera ivyo yabigisha kandi bakabitahura (Mat. 13:51). Igitabu Ivyo Bibiliya yigisha kigenewe kudufasha kwigisha mu buryo nk’ubwo nyene.
2. Ni mu buryo butandukanye ubuhe dushobora gukoresha ibibazo vy’intangamarara vy’icigwa kimwekimwe cose?
2 Ibibazo vy’intangamarara: Igihe mutanguye kwiga ikigabane kanaka, ni vyiza gukwegera ivyiyumviro vy’uwo mwigana ku bibazo vy’intangamarara biri munsi y’umutwe mukuru. Nubaze umwigishwa ibibazo bimufasha kuzirikana kugira ngo umuvyurire akayabagu. Canke na ho, numusabe kugira ico avuze muri make kuri ivyo bibazo. Ntibikenewe ko ugira vyinshi uvuze ku vyo ashikiriza canke ngo umukosore ku kintu cose kitari co avuze. Womushimira gusa ku vyiyumviro atanze maze mugaca mutangura kurimbura ayo mayagwa. Ivyo yashikirije ku bibazo vy’intangamarara biragufasha kumenya nimba ukeneye kurushiriza kwitwararika ibice bimwebimwe vy’icigwa.
3. Dushobora gute gutuma inyigisho iguma yoroshe?
3 Ivyanditswe: Inyigisho ikwiye kuba ishingiye ku Vyanditswe (Heb. 4:12). Ariko rero, si ngombwa ngo musome icanditswe ico ari co cose catanzwe kitasubiwemwo mu majambo. Nushimike kuri birya vyerekana ishingiro ry’ivyo twemera. Ivyanditswe bitanga amakuru y’inyongera vyoshobora kuba bidakenewe gusomwa. Igitabu Ivyo Bibiliya yigisha gishikiriza ukuri mu buryo butagoye na gato. Nugume urongora iyo nyigisho mu buryo bworoshe. Niwibande ku vyiyumviro nyamukuru, wirinde impengamiro yo kuvuga menshi ku vyerekeye utuntu tw’ido n’ido canke kuzana bidakenewe ayandi makuru aterekeye ivyo muriko muriga.
4. Ni igiki cokwerekana nimba dukwiye canke tudakwiye gufata umwanya wo kurimbura amakuru ari mu mayagwa y’inyongera mu gihe c’inyigisho?
4 Amayagwa y’inyongera: Amayagwa y’inyongera agizwe n’ibiganiro 14 biza vyunganira igisomwa nyamukuru. Umuntu arashobora guhitamwo kuyaga canke kutayaga kuri ivyo biganiro mu gihe c’inyigisho. Ku biganiro bimwebimwe, kumbure wohitamwo kuremesha uwo mwigana kwisomera ubwiwe ayo mayagwa y’inyongera, canecane mu gihe atahura amakuru ari mu gisomwa nyamukuru kandi akaba ayemera. Nk’akarorero, mu gihe uwo mwigishwa asanzwe yemera ko Yezu ari Mesiya, muriko murimbura ikigabane ca 4 kivuga ngo “Yezu Kirisitu ni nde?”, hari aho bitoba ngombwa ko murimburira hamwe ikiganiro kivuga ngo: “Yezu Kirisitu ni we Mesiya yasezeranywe”. Mu bindi bihe, vyoba ngirakamaro mufashe umwanya mu gihe c’inyigisho mukarimburira hamwe amayagwa y’inyongera canke agace kayo.
5. Mu gihe duhisemwo kurimbura amakuru ari mu mayagwa y’inyongera, twoshobora kubigira gute?
5 Mu gihe uhisemwo guca irya n’ino amayagwa y’inyongera, woshobora gutegura ibibazo imbere y’igihe kandi mukarimbura ingingo hamwe n’uwo mwigana nka kurya nyene mubigenza ku gisomwa nyamukuru. Canke, bivanye n’ivyo uwo mwigishwa akeneye, woshobora guhitamwo gufata iminuta mikeyi mu gihe c’inyigisho yo kwihweza ayo makuru muri kumwe. Ivyo bizotuma ushobora kumenya neza ko atahura amayagwa yisomera.
6. Uruzitiro rurimwo ivyiyumviro vy’isubiramwo ruri ku mpera ya buri kigabane, rushobora gute gukoreshwa?
6 Uruzitiro rurimwo ivyiyumviro vy’isubiramwo: Uruzitiro ruri ku mpera ya buri kigabane rurimwo amajambo kenshi yishura kuri vya bibazo vy’intangamarara. Mwoshobora gukoresha ayo majambo kugira ngo musubiremwo ivyiyumviro nyamukuru vy’ico kigabane. Abamamaji bamwebamwe basanze gusomera hamwe n’umwigishwa iciyumviro kimwekimwe cose, kumbure hamwe n’ivyanditswe biri kumwe na co, bifasha. Baca basaba umwigishwa gusigura muri make ukuntu ivyo vyanditswe vyemeza ico ciyumviro. Ivyo birereka umwigisha nimba umwigishwa atahura neza ivyiyumviro nyamukuru vy’icigwa be n’uko atahura ukuntu ivyo bishigikirwa na Bibiliya bikongera bikamwereka nimba avyemera. Biramenyereza kandi uwo mwigishwa gukoresha Bibiliya mu gusigurira abandi ukuri.
7. Dushobora gute gukoresha igitabu Ivyo Bibiliya yigisha mu gushitsa igikorwa twashinzwe?
7 Uburyo ngirakamaro kuruta ubundi bwo gushitsa igikorwa twashinzwe co kwigisha abantu no kubahindura abigishwa, ni ukwigana uburyo Yezu yakoresha mu kwigisha (Mat. 28:19, 20). Igitabu Ivyo Bibiliya yigisha kirashobora kudufasha kubigira. Nugikoreshe neza mu kwigisha abandi ukuri mu buryo butomoye, bworoshe kandi buhimbaye.