Nukoreshe neza imice igize igitabu Ivyo Bibiliya yigisha
Uko umutohoji wa Bibiliya amenya ivyo mu vy’ukuri Bibiliya yigisha akongera akabishira mu ngiro, ni ko agenda arakura akongera akama icamwa c’impwemu. (Zab. 1:1-3) Turashobora gufasha uwo twigisha gutera imbere mu gukoresha neza imice imwimwe ngirakamaro y’igitabu Ivyo Bibiliya yigisha.
Ibibazo biri mu ntango y’ikigabane: Buri kigabane gitangurwa n’ibibazo vyishurwa muri co. Woshobora kubaza umutohoji ivyo bibazo kugira ngo umuvyurire akayabagu k’ivyo mugiye kurimbura. Canke na ho ukamusaba kugira ico avuze muri make kuri buri kibazo. Bishitse akishura ibitari vyo, ntibikenewe ko umukosora. Ivyo yashikirije bizotuma ubona ivyiyumviro ukwiye kurushiriza kwitwararika no gushimikako.—Imig. 16:23; 18:13.
Amayagwa y’inyongera: Igihe umutohoji atahura kandi akemera ivyo mwize, woshobora kumuremesha kurimbura ari wenyene amayagwa y’inyongera bijanye. Musubiye kwiga, woshobora gufata iminuta nk’ingahe kugira ngo wiyemeze nimba yarabitahuye. Yamara, nimba ubona ko vyomugirira akamaro, woshobora gufata umwanya mu kiringo co kwiga mukarabira hamwe ibiri muri ayo mayagwa y’inyongera canke bikeyi muri vyo mu gusoma ingingo maze ugaca umubaza ibibazo wateguye imbere y’igihe.
Uruzitiro rw’isubiramwo: Uruzitiro rw’isubiramwo ruri mu mpera ya buri kigabane rurimwo inyishu z’ibibazo biba vyabajijwe mu ntango y’ikigabane. Urashobora kubikoresha mu kwiyemeza ko umutohoji atahura ivyiyumviro nyamukuru kandi ko ashobora kubisigura. Nimusome n’ijwi ryumvikana buri nyishu be n’ivyanditswe biyiherekeje. Nuce usaba uwo mutohoji gukoresha ico canditswe (ivyo vyanditswe) mu gusigura igituma iyo nyishu ari iy’ukuri.—Ivyak. 17:2, 3.