Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Rusama
“Woba umaze kwibaza igituma Imana ireka tugashikirwa n’imibabaro? [Rindira yishure.] Raba ukuntu umwanditsi umwe wa Bibiliya yabajije ikibazo abantu benshi bamaze kwibaza. [Soma Zaburi 10:1.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’igituma Imana ireka tugashikirwa n’imibabaro be n’ico iriko irakora kugira ngo iyidukize.”
Réveillez-vous! Rusama
“Abantu benshi baripfuza guheba itabi mugabo ugasanga birabagora cane. Hoba hari umuntu uzi yipfuza kuriheba? [Rindira yishure.] Bamwebamwe basanze biba kirumara gusaba imfashanyo incuti n’abagenzi. [Soma Umusiguzi 4:12a.] Iki kinyamakuru kiraca ku masonga inama ngirakamaro zimwezimwe z’ukuntu twofasha umuntu guheba itabi.”
Umunara w’Inderets 1 Rusama
“Wibaza ko isi yohinduka ikamera gute nka hamwe umuntu wese yoba akurikiza aya majambo Yezu yavuze? [Soma Matayo 7:12, uce urindira yishure.] Iki kiganiro kiraca irya n’ino zimwezimwe mu nyigisho za Yezu kugira cerekane ico vy’ukuri bisobanura kuba umukirisu.” Niwerekane ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 16.
Réveillez-vous! Rusama
“Woba wiyumvira ko vuba hazogira ikintu cisununuye ku kuntu ivy’ubutunzi vyifashe ubu? [Rindira yishure.] Abantu benshi ntibazi ingene Bibiliya ishobora kudufasha mu bihe vy’ingorane z’ivy’ubutunzi. [Soma icanditswe kiri mu kiganiro wahisemwo.] Iki kiganiro kirerekana ukuntu impanuro zo muri Bibiliya zishobora kudufasha kuvyifatamwo neza igihe tutazi ico buca bucana mu vy’ubutunzi.” Niwerekane ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 18.