ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 6/10 rup. 8
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2010
km 6/10 rup. 8

Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi 1 Rusama

“Woba umaze kwibaza igituma Imana ireka tugashikirwa n’imibabaro? [Rindira yishure.] Raba ukuntu umwanditsi umwe wa Bibiliya yabajije ikibazo abantu benshi bamaze kwibaza. [Soma Zaburi 10:1.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’igituma Imana ireka tugashikirwa n’imibabaro be n’ico iriko irakora kugira ngo iyidukize.”

Réveillez-vous! Rusama

“Abantu benshi baripfuza guheba itabi mugabo ugasanga birabagora cane. Hoba hari umuntu uzi yipfuza kuriheba? [Rindira yishure.] Bamwebamwe basanze biba kirumara gusaba imfashanyo incuti n’abagenzi. [Soma Umusiguzi 4:12a.] Iki kinyamakuru kiraca ku masonga inama ngirakamaro zimwezimwe z’ukuntu twofasha umuntu guheba itabi.”

Umunara w’Inderets 1 Rusama

“Wibaza ko isi yohinduka ikamera gute nka hamwe umuntu wese yoba akurikiza aya majambo Yezu yavuze? [Soma Matayo 7:12, uce urindira yishure.] Iki kiganiro kiraca irya n’ino zimwezimwe mu nyigisho za Yezu kugira cerekane ico vy’ukuri bisobanura kuba umukirisu.” Niwerekane ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 16.

Réveillez-vous! Rusama

“Woba wiyumvira ko vuba hazogira ikintu cisununuye ku kuntu ivy’ubutunzi vyifashe ubu? [Rindira yishure.] Abantu benshi ntibazi ingene Bibiliya ishobora kudufasha mu bihe vy’ingorane z’ivy’ubutunzi. [Soma icanditswe kiri mu kiganiro wahisemwo.] Iki kiganiro kirerekana ukuntu impanuro zo muri Bibiliya zishobora kudufasha kuvyifatamwo neza igihe tutazi ico buca bucana mu vy’ubutunzi.” Niwerekane ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 18.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika