ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 8/10 rup. 8
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2010
km 8/10 rup. 8

Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi 1 Mukakaro

“Abantu benshi bavuga yuko Mushoboravyose yitwa gusa Imana. Wari uzi none yuko Bibiliya itubwira izina ry’Imana iryo ari ryo? [Rindira yishure, uce usoma Yesaya 12:2.] Iki kinyamakuru kirasigura igituma izina ry’Imana ryakuwe muri Bibiliya zimwezimwe be n’ico bisobanura kumenya neza izina ry’Imana.”

Be maso! Mukakaro–Nyakanga

“Abantu benshi baripfuza guheba itabi mugabo ugasanga birabagora cane. Hoba hari umuntu uzi yipfuza kuriheba? [Rindira yishure.] Bamwebamwe basanze biba kirumara gusaba imfashanyo incuti n’abagenzi. [Soma Umusiguzi 4:12a.] Iki kinyamakuru kiraca ku masonga inama ngirakamaro zimwezimwe z’ukuntu twofasha umuntu guheba itabi.”

Umunara w’Inderetsi 1 Mukakaro

“Benshi muri twebwe usanga batazi neza ico bobwira umugenzi arwaye cane canke arwaye indwara idakira. Wibaza iki kuri iyi mpanuro? [Soma Yakobo 1:19, uce urindira yishure.] Iki kinyamakuru kiratugira inama ngirakamaro zitari nkeyi zishingiye ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya.” Numwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 10.

Be maso! Mukakaro–Nyakanga

“Akenshi amadini arasaba amahera kugira ngo abatize abantu, araganishe abagize ubugeni be no kugira ngo asome imisa y’amaziko. Woba wibaza ko ivyo bibereye? [Rindira yishure.] Raba ubu buyobozi Yezu yahaye abigishwa biwe. [Soma Matayo 10:7, 8b.] Iki kiganiro kirerekana ico Bibiliya ivuga ku bijanye no kurihisha amahera mu vyerekeye ibikorwa idini rirangurira abantu.” Niwerekane ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 14.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika