Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Mukakaro
“Abantu benshi bavuga yuko Mushoboravyose yitwa gusa Imana. Wari uzi none yuko Bibiliya itubwira izina ry’Imana iryo ari ryo? [Rindira yishure, uce usoma Yesaya 12:2.] Iki kinyamakuru kirasigura igituma izina ry’Imana ryakuwe muri Bibiliya zimwezimwe be n’ico bisobanura kumenya neza izina ry’Imana.”
Be maso! Mukakaro–Nyakanga
“Abantu benshi baripfuza guheba itabi mugabo ugasanga birabagora cane. Hoba hari umuntu uzi yipfuza kuriheba? [Rindira yishure.] Bamwebamwe basanze biba kirumara gusaba imfashanyo incuti n’abagenzi. [Soma Umusiguzi 4:12a.] Iki kinyamakuru kiraca ku masonga inama ngirakamaro zimwezimwe z’ukuntu twofasha umuntu guheba itabi.”
Umunara w’Inderetsi 1 Mukakaro
“Benshi muri twebwe usanga batazi neza ico bobwira umugenzi arwaye cane canke arwaye indwara idakira. Wibaza iki kuri iyi mpanuro? [Soma Yakobo 1:19, uce urindira yishure.] Iki kinyamakuru kiratugira inama ngirakamaro zitari nkeyi zishingiye ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya.” Numwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 10.
Be maso! Mukakaro–Nyakanga
“Akenshi amadini arasaba amahera kugira ngo abatize abantu, araganishe abagize ubugeni be no kugira ngo asome imisa y’amaziko. Woba wibaza ko ivyo bibereye? [Rindira yishure.] Raba ubu buyobozi Yezu yahaye abigishwa biwe. [Soma Matayo 10:7, 8b.] Iki kiganiro kirerekana ico Bibiliya ivuga ku bijanye no kurihisha amahera mu vyerekeye ibikorwa idini rirangurira abantu.” Niwerekane ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 14.