Woba uzotanguza inyigisho ya Bibiliya muri Gitugutu?
1. Ni ibiki tuzoshikiriza muri Gitugutu?
1 Muri Gitugutu, tuzoshikiriza ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! Kugira ngo dukurikirane abashimishijwe, turemeshejwe kuzotanga ka gapapuro Woba ushaka kumenya ukuri? maze tugire akigoro ko gutanguza inyigisho ya Bibiliya. Ivyo none dushobora kubigira gute igihe dusubiye kugendera uwashimishijwe?
2. Twokoresha gute ka gapapuro Woba ushaka kumenya ukuri? mu gutanguza inyigisho ya Bibiliya igihe dusubiye kugendera umuntu yakiriye ibinyamakuru?
2 Ukuntu twokoresha ako gapapuro: Twoshobora kuvuga duti: “Vya binyamakuru nagusigira biraremesha abantu bo mu mice yose no mu madini yose ngo basuzume Bibiliya. [Nuhereze uwo ubwira inkuru nziza ka gapapuro Woba ushaka kumenya ukuri? uce umwereka ibibazo biri ku rupapuro rwa mbere.] Ibi ni ibibazo bikabura ubwenge Bibiliya itangira inyishu zishimishije. Hoba hari na kimwe muri vyo urigera ubaza?” Umaze kwumva inyishu uwo ubwira inkuru nziza atanze, nimuce murabira hamwe inyishu ako gapapuro gatanga kuri kimwe mu bibazo yahisemwo, uheze usome kimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Nuce umusigurira ko iyo ari imponjo gusa y’ivyo Bibiliya yigisha, maze umuhereze igitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Twoshobora rero guca tuganira ku ngingo zitangura ikigabane ahisemwo mu rutonde rw’ibirimwo. Canke na ho twoshobora gushima kuja mu kigabane gitanga amakuru yiyongereye ku bijanye n’ikibazo tuba twaganiriyeko muri ka gapapuro. Raba amarabiro amwamwe twoshobora kwikorako:
● Imana yoba itubabaye koko? (rup. 9-11, ing. 6-10)
● Intambara n’ugucumukura vyoba bizokwigera bihera? (rup. 11-12, ing. 12-13)
● Bitugendera gute iyo dupfuye? (rup. 59-61, ing. 7-8)
● Hoba hariho icizigiro ku bapfuye? (rup. 71, ing. 13-15)
● Nosenga gute kugira Imana inyumve? (rup. 166-167, ing. 5-8)
● Noshobora gute kuronka agahimbare mu buzima? (rup. 9, ing. 4-5)
3. Twoshobora gute guhindura uburyo dukoresha bivanye n’ukuntu ibintu vyifashe?
3 Birumvikana ko mu gihe bidakunze ko dutanguza inyigisho ngo twerekane ingene iyoborwa mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha ari bwo bwa mbere tugendeye umuntu, twoshobora guca dutunganya ivyo kuzogaruka kugira ngo tubandanye kuganira na we. Vyongeye, bivanye n’ukuntu uwo muntu ashimishwa, twoshobora mbere guhitamwo kuyaga na we ku bibazo bitari bike biri muri ka gapapuro igihe dusubira kumugendera incuro nka zingahe imbere yo kumujana muri ico gitabu. Ese ako gapapuro gafasha mu buryo bwinshi twogakoresha neza muri Gitugutu kugira ngo dutanguze inyigisho ya Bibiliya maze dufashe abantu b’umutima nziraburyarya ‘kumenya ukuri.’—Yoh. 8:31, 32.