Ingene twoshikiriza ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Gitugutu
“Abantu bo hirya no hino kw’isi kandi bari mu madini atandukanye barasenga. Wibaza yuko Imana yoba vy’ukuri yumva amasengesho ikayishura? [Rindira yishure.] Bibiliya ituremesha gusenga. [Soma Abafilipi 4:6, 7.] Iki kinyamakuru kirerekana inyishu Bibiliya itanga ku bibazo indwi abantu bakunda kubaza ku bijanye n’isengesho.”
Be maso! Gitugutu–Kigarama
“Muri iki gihe, amasenema menshi arerekana ibijanye n’amadayimoni, abapfumu n’abarozi. Woba wibaza ko amadayimoni abaho koko? [Rindira yishure, uce usoma 1 Abakorinto 10:20.] Iki kiganiro kirerekana ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’amadayimoni be n’ukuntu dushobora kuyikingira.” Niwerekane ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 12.
Umunara w’Inderetsi 1 Gitugutu
“Abantu benshi baribaza nimba Imana yitaho imyitwarariko n’intuntu dufise. Uvyibazako iki? [Rindira yishure, uce usoma Zaburi 34:18.] Ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 19 kiravuga ingene Imana idufasha kunyinyana n’ukwumva tuvunitse umutima, nk’akarorero tukumva umengo nta co tumaze, tukarengerwa n’umubabaro canke tukiyagiriza birenze urugero.”
Be maso! Gitugutu–Kigarama
“Muri iki gihe hariho amatelefone ngendanwa, bwa buryo bwo kwandika amakete biciye kuri Internet, imihora yo kuri Internet yo kuganirirako be n’ubundi buryo bugezweho bwo guhanahana amakuru n’abandi. Woba wibaza yuko ivyo vyagabanije irungu abantu bagira canke vyararyongereje? [Rindira yishure.] Raba iciyumviro kimwe codufasha gutsinda irungu. [Soma Ivyakozwe 20:35.] Iki kinyamakuru kiratanga izindi mpanuro ngirakamaro dusanga muri Bibiliya.”