ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 11/10 rup. 8
  • Ingene twoshikiriza ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene twoshikiriza ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2010
km 11/10 rup. 8

Ingene twoshikiriza ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi 1 Gitugutu

“Abantu bo hirya no hino kw’isi kandi bari mu madini atandukanye barasenga. Wibaza yuko Imana yoba vy’ukuri yumva amasengesho ikayishura? [Rindira yishure.] Bibiliya ituremesha gusenga. [Soma Abafilipi 4:6, 7.] Iki kinyamakuru kirerekana inyishu Bibiliya itanga ku bibazo indwi abantu bakunda kubaza ku bijanye n’isengesho.”

Be maso! Gitugutu–Kigarama

“Muri iki gihe, amasenema menshi arerekana ibijanye n’amadayimoni, abapfumu n’abarozi. Woba wibaza ko amadayimoni abaho koko? [Rindira yishure, uce usoma 1 Abakorinto 10:20.] Iki kiganiro kirerekana ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’amadayimoni be n’ukuntu dushobora kuyikingira.” Niwerekane ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 12.

Umunara w’Inderetsi 1 Gitugutu

“Abantu benshi baribaza nimba Imana yitaho imyitwarariko n’intuntu dufise. Uvyibazako iki? [Rindira yishure, uce usoma Zaburi 34:18.] Ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 19 kiravuga ingene Imana idufasha kunyinyana n’ukwumva tuvunitse umutima, nk’akarorero tukumva umengo nta co tumaze, tukarengerwa n’umubabaro canke tukiyagiriza birenze urugero.”

Be maso! Gitugutu–Kigarama

“Muri iki gihe hariho amatelefone ngendanwa, bwa buryo bwo kwandika amakete biciye kuri Internet, imihora yo kuri Internet yo kuganirirako be n’ubundi buryo bugezweho bwo guhanahana amakuru n’abandi. Woba wibaza yuko ivyo vyagabanije irungu abantu bagira canke vyararyongereje? [Rindira yishure.] Raba iciyumviro kimwe codufasha gutsinda irungu. [Soma Ivyakozwe 20:35.] Iki kinyamakuru kiratanga izindi mpanuro ngirakamaro dusanga muri Bibiliya.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika