Dushinge intahe ku mabarabara mu buryo bwiza
1. Ni uburyo bumwe ubuhe twokwigana Yezu?
1 Igihe Yezu yaba ariko arangura ubusuku bwiwe ng’aha kw’isi, ntiyagonanwa kuyaga n’abo bahurira ku nzira no mu bindi bibanza vya bose. (Luka 9:57-61; Yoh. 4:7) Yaripfuza gushikiriza ubutumwa bwiwe buhambaye abantu benshi bashoboka. Muri iki gihe, gushinga intahe ku mabarabara ni uburyo bwiza cane bwo gufasha abantu kuronka ubukerebutsi buva ku Mana. (Imig. 1:20) Tuzorushiriza kuroranirwa nitwibwiriza kandi tukaba abantu bazi kwihweza.
2. Kubera iki dukeneye kwibwiriza igihe twamamaza ku mabarabara?
2 Niwibwirize: Muri rusangi, birarushiriza kuba vyiza wegereye abantu aho guhagarara canke kwicara ahantu hamwe ukarindira ko abahita baba ari bo bakwegera. Nubamwenyurire, ubarabe mu maso, ubayagishe kigenzi kandi utekanye. Mu gihe uriko ukorana n’abandi bamamaji, akenshi ni vyiza kwegera abantu muri umwumwe. Turakenera kandi kwibwiriza kugira ngo dukurikirane uwuba yerekanye ko ashimishijwe. Nimba bibereye, igihe ikiyago kirangiye numubaze n’umutima mwiza ingene mwosubira kubonana. Hari abamamaji bama bakorera ha handi nyene, ivyo bigatuma bayaga incuro n’izindi n’abo baba barayaze gutyo bagatsimbataza ugushimishwa kwabo.
3. Ni gute twoba abantu bazi kwihweza igihe twamamaza ku mabarabara?
3 Nube umuntu azi kwihweza: Nukoreshe ubukerebutsi mu guhitamwo aho wohagarara be n’uwo wokwegera. Si ngombwa ngo ubwire inkuru nziza uwurenganye wese. Nube umuntu yihweza. Nk’akarorero, ubonye nya muntu ariko arihuta, hari aho vyoba vyiza umuretse akirenganira. Igihe ushinga intahe imbere y’ahantu hakorerwa ivy’urudandaza, niwiyubare ntutume nyeneho ahagarika umutima bitari bikenewe. Akenshi birarushiriza kuba vyiza kuyaga n’abasohoka bava aho hantu, aho kuyaga n’abinjirayo. Niwegere abantu mu buryo butabatera ubwoba canke butuma bakanguka. N’ikindi kandi, nube umuntu azi kwihweza igihe utanga ibitabu. Ubonye ko umuntu atashimishijwe cane, woshobora kumuha agapapuro k’inkuru nziza aho kumuha ibinyamakuru.
4. Kubera iki gushinga intahe ku mabarabara ari umuce ngirakamaro kandi uryoshe w’ubusuku?
4 Gushinga intahe ku mabarabara biratuma dukwiragiza imbuto nyinshi z’ukuri mu mwanya muto. (Umus. 11:6) Bamwebamwe mu bo duhura boshobora mbere kuba ari abantu tudashobora gusanga i muhira igihe twamamaza inzu ku nzu. Ubona gute utunganije ibintu kugira ngo ugire uruhara muri uwo muce w’umurimo wo mu ndimiro uryoshe kandi uvamwo ivyiza w’ugushinga intahe ku mabarabara?