Woba utegerezwa guca uhagarika?
Hari abamamaji bamwebamwe iyo bari mu murimo wo mu ndimiro bakunze guhagarika indimiro ku mwanya kanaka, nka sasita. Ego ni ko, ukwo ibintu biba vyifashe kuri bamwebamwe vyoshobora gutuma biba ngombwa ko bahagarika ubusuku bwo mu ndimiro ku mwanya kanaka. Ariko none, woba uca uhagarika kwamamaza kubera gusa abo mwari kumwe bahagaritse canke kubera gusa aho iwanyu mumenyereye guca muhagarika indimiro ku mwanya kanaka? Woba woshobora kubandanya ubusuku bwawe nk’iminuta nk’ingahe, ukagira uruhara mu mice imwimwe yo kwamamaza ku mugaragaro, nko kwamamaza kw’ibarabara? Woba woshobora kugira isubirayo rimwe canke abiri igihe uriko urataha? Niwiyumvire ukuntu uzoba ukoze ikintu ciza usubiye gusanga i muhira umuntu umwe gusa yashimishijwe canke uhaye abahita binyamakuru! Niba atari ngombwa ngo duhagarike, kumara iyindi minuta nk’ingahe mu ndimiro ni uburyo bworoshe bwo kwongerereza “ikimazi c’ishemezo” dutanga.—Heb. 13:15.