Ibitangaza vy’irema birahishura ubuninahazwa bw’Imana
Abantu benshi bararyoherwa no kwihweza ivyaremwe. Mugabo ni bake batahura ko ivyaremwe bihishura vyinshi ku bijanye n’ivyiyumviro vy’Umuremyi wacu Ahambaye n’ukuntu yiyumva. (Rom. 1:20) Kera cane, Dawidi yaramenye ivyerekeye Yehova biciye kw’Ijambo ryiwe ryahumetswe. Mugabo kandi yarabaye nk’uwumubona yongera aramwiyegereza biciye ku vyaremwe. (Zab. 8:3, 4) Videwo ivuga ngo Les merveilles de la création révèlent la gloire de Dieu (Ibitangaza vy’irema birahishura ubuninahazwa bw’Imana) iradufasha twe n’abana bacu be n’abo twigana Bibiliya kwihweza twitonze bimwebimwe mu vyo Yehova yaremye, tukabona kamere z’Umuremyi wacu Ahambaye, ivyo bigatuma turushiriza kumwiyegereza. Umaze kurorera iyo videwo, raba nimba wokwishura ibibazo bikurikira.
(1) Ni gute ubunini bw’ikirere n’urutonde rurangwa muri co bituma urushiriza gutahura ivyerekeye Yehova? (Yes. 40:26) (2) Twihweje neza amazi bitwigisha iki kuri Nyene kuyahingura? (Ivyah. 14:7) (3) Ubunini bw’isi n’ukuba iri hafi y’izuba vyerekana gute ubukerebutsi bwa Yehova? (4) Ukwezi kumaze iki? (Zab. 89:37) (5) Ni gute Yehova yahinguye abantu ku buryo baryohererwa ubuzima? (6) ADN ni iki? (Zab. 139:16) (7) Ni mu buryo ki abantu batandukanye n’ibindi biremwa vyose vyo kw’isi? (Ita. 1:26) (8) Ni igiki urindiranye igishika mw’isi nshasha?
Amakuru y’inyongera: (9) Amabara ava hehe? (10) Amazi ananira gute bwa bubasha isi ifise bwo kwikwegerako ibintu agashika mu bushorishori bw’ibiti? (11) Amazi arangura uruhara uruhe mu mibiri yacu? (12) Tanga uburorero bwerekana uguhuza kurangwa mu binyabuzima. (13) Ibiremwa bimenya gute gufashanya? (14) “Imfuruka y’agakura” (angle d’or) ni iki, kandi igaragarira gute mu vyaremwe?
“Ihweze neza” igikorwa ca Yehova: Yezu yaturemesheje “[kwihweza] neza inyoni zo mu kirere” no “[gukura] icigwa ku mashurwe y’amalisi yo mw’itongo.” (Mat. 6:26, 28) Ivyo birashobora gukomeza ukwizera kwacu, bigatuma twizigira Umuremyi kandi tukarushiriza gutahura ubukerebutsi bwa Yehova, ububasha bwiwe bwo kurokora n’urukundo rwiwe. Aho gusamazwa n’ibikorwa vy’iyi si, nufate umwanya ugire akigoro kugira wihweze ibitangaza biboneka mu vyo Yehova yaremye, maze uzirikane ico bikubwira ku bijanye na ya Mana yacu.—Zab. 19:1.