Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
1. Tuzotangura ryari kurimbura agatabu Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe? kandi ivyo bizotugirira akamaro gute?
1 Kuva mu ndwi itangura ku wa 28 Gitugutu, mu Nyigisho ya Bibiliya y’ishengero tuzokwiga agatabu Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe? Ako gatabu gashasha, akasohowe kuri rya Hwaniro ry’intara ryari ryataziriwe ngo “Zigama umutima wawe!”, kagenewe kuyobora abatohoji ba Bibiliya kw’ishirahamwe. Uretse ko kurimbura ako gatabu bizotuma turushiriza guha agaciro ukuba turi mw’ishirahamwe rya Yehova, bizodufasha kandi kumenya neza ico gikoresho c’agaciro co gukoresha mu busuku.—Zab. 48:13.
2. Ni gute ako gatabu kazokwigwa mw’ishengero?
2 Ukuntu kazokwigwa: Uwuyobora azokenera kugabura umwanya wiwe kugira ngo ivyigwa vyose birimburwe mu mwanya ungana. Icigwa ico ari co cose mu vyigwa 28 azogitangura mu gusoma ikibazo kigize umutwe. Azoca asaba umusomyi asome ingingo y’intangamarara. Ubukurikira, uwuyobora azoca abaza ikibazo azoba yateguye kijanye n’intangamarara. Inyuma y’ivyo, igihimba kimwekimwe cose gitanguzwa n’iryungane ryanditse mu ndome zizize gikwiye gusomwa no kuganirwako kiri ukwa conyene. Ico gihimba kimaze gusomwa, uwuyobora azosaba abumviriza bavuge ukuntu cishura ikibazo kigize umutwe w’icigwa. Ako gatabu kandi karimwo amashusho menshi, abumviriza bakaba boshobora kugira ico bayavuzeko. Ivyanditswe nyamukuru birakwiye gusomwa umwanya ubibakundiye. Imbere yo kuja ku cigwa gikurikira, uwuyobora azogira isubiramwo mu kubaza ibibazo biri amaja munsi kuri buri rupapuro. Nimba hariho uruzitiro ruvuga ngo “Nurondere kumenya n’ibindi,” azoca asaba umusomyi arusome maze ace asaba abumviriza bavuge ukuntu umutohoji wa Bibiliya yokwungukira ku gushira mu ngiro ivyo vyiyumviro. Umwanya ubikunze mu gusozera inyigisho, uwuyobora yoshobora gukoresha imitwe y’ivyigwa bwa bibazo vy’isubiramwo. Nimugumize ku muzirikanyi ko atari ngombwa ngo hakoreshwe ubwo buryo mu kuyobora inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana.
3. Ni gute twokwungukira bimwe bishitse ku kwiga ako gatabu?
3 Kugira ngo ushobore kwungukira bimwe bishitse kuri iyo nyigisho, uraza ku makoraniro witeguye neza. Niwihatire gutanga insasanuro. Mu kiringo c’inyigisho, niwiyumvire igituma ayo mayagwa ari ngirakamaro ku batohoji ba Bibiliya. Ese kurimbura ako gatabu gashasha vyoturonsa ivyo dukeneye ngo dufashe abandi batwiyungeko mu gukora ivyo Imana igomba kugira ngo na bo nyene bashobore kugira icizigiro co kugumaho ibihe vyose.—1 Yoh. 2:17.