Muri iki kiringo c’Icibutso, woba uzokwigana umwete wa Yehova na Yezu?
1. Ni igiki Ivyabona vya Yehova bihatira bimwe bidasanzwe gukora mu kiringo c’Icibutso?
1 Yehova arakorana umwete mu kurangura umugambi wiwe. Mu kwerekeza ku mihezagiro imwimwe izozanwa n’Ubwami bw’Imana, muri Yesaya 9:7 hagira hati: “Umwete nyene wa Yehova nyen’ingabo uzobikora.” Nk’ukwo kwa Yehova, Umwana w’Imana yaragaragarije umwete ugusenga kw’ukuri mu gihe c’ubusuku bwiwe bwo kw’isi. (Yoh. 2:13-17; 4:34) Buri mwaka mu kiringo c’Icibutso, abamamaji amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi barihatira bimwe bidasanzwe kwigana umwete wa Yehova na Yezu mu kwongerereza umwanya bamara mu busuku. Woba nawe uzobigira?
2. Umwete uzotuma dukora iki kuva kw’igenekerezo rya 7 Ntwarante?
2 Isekeza ry’Icibutso: Muri uwu mwaka, isekeza ry’Icibutso rizotangura ku wa gatandatu igenekerezo rya 7 Ntwarante. Nutegekanye kuva ubu kuzogira uruhara n’umwete mu busuku. Amashengero azohimbarwa cane no kugira uruhara n’umwete mu guhetura icibare cayo uko bishoboka kwose. Urihatira gutumira inyigisho zawe za Bibiliya, abo mwaganiriye mu busuku, abo mukorana, incuti zawe n’abo mwigana, ubahe ubutumire canke ukoreshe jw.org.
3. Twokwagura gute ubusuku bwacu muri Ntwarante na Ndamukiza?
3 Ubutsimvyi bwo gufasha: Umwete uzotuma kandi twagura ubusuku bwacu. Nta gukeka ko benshi bazokora ubutsimvyi bwo gufasha muri Ntwarante na Ndamukiza, kuko tuzoshobora guhitamwo gukora ubutsimvyi bw’amasaha 30. Mu gusenga kwanyu kwo mu muryango gukurikira canke mu kwiyigisha kwawe, nimurimbure mubijanishije n’isengesho ukuntu mwokwagura ubusuku bwanyu. (Imig. 15:22) Umwete uzogira muri iryo sekeza urashobora gutuma n’abandi bamamaza n’umwete. Niwagira ivyo uhinduye kugira ngo urushirize kugira uruhara mu busuku, uzoba uriko urigana umwete wa Yezu.—Mrk. 6:31-34.
4. Nitwigana umwete wa Yehova na Yezu tuzokwironkera ivyiza ibihe?
4 Nitwigana umwete wa Yehova na Yezu muri iki kiringo c’Icibutso, tuzokwironkera ivyiza vyinshi. Abantu benshi bo mu cibare bazobwirwa inkuru nziza. Tuzokwironkera umunezero no gushira akanyota biva ku gukorera Yehova no ku gutanga. (Ivyak. 20:35) N’igihambaye kuruta, tuzohimbara Imana yacu n’Umwana wayo, bano bakaba ari abanyamwete.