Woba uriko uritegurira Icibutso?
Hari ku wa 13 Nisani mu 33 Inyuma ya Kristu. Yezu yari azi ko ryari ryo joro rya nyuma yari kumarana n’abagenzi biwe somambike imbere y’uko yicwa. Yari guhimbaza Pasika ari bwo bwa nyuma ari kumwe nabo maza agaca atanguza ihimbaza rishasha, na ryo rikaba ari Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba. Nta gukeka ko urwo rubanza rudasanzwe rwasaba gutegurwa. Ku bw’ivyo, yararungitse Petero na Yohani ngo baje kurutegura. (Luka 22:7-13) Kuva ico gihe, buri mwaka biraba ngombwa ko abakirisu bipfuza guhimbaza Icibutso bacitegurira. (Luka 22:19) Ni ibintu nyamukuru ibihe twokora mu kwitegurira Icibutso cimirije kizohimbazwa kw’igenekerezo rya 3 Ndamukiza?
Abamamaji:
Nimutegekanye ivyo kugira uruhara bimwe bishitse mw’isekeza ryo gutanga ubutumire bw’Icibutso.
Nimugire urutonde rw’inyigisho za Bibiliya, incuti, abo mwigana, abo mukorana, n’abandi muzinanye, maze mubatumire.
Nimusome mwongere muzirikane ku vyanditswe vyategekanijwe gusomwa mu kiringo c’Icibutso.
Nimushike ku Cibutso hakiri kare kugira muhe ikaze abashitsi.