Ingene twokwamamaza dukoresheje imeza canke ka kantu gafise amapine
Kwamamaza hakoreshejwe imeza canke ka kantu k’amapine biriko biratuma abantu b’imitima nziraburyarya bakwegerwa n’ukuri. (Yoh. 6:44) Ivyo vyatumye abakurambere bahimirizwa gutunganya ivyo kwamamaza ku mugaragaro mu bibanza birimwo uruja n’uruza rwinshi vyo mu cibare c’ishengero ryabo. Kubera ko izo meza n’utwo tuntu tw’amapine bitaguma ng’aho, akenshi ntibiba ngombwa ko dusaba abategetsi uruhusha. Ni bande bakwije ibisabwa vyo kwamamaza bakoresheje imeza canke ka kantu k’amapine? Ni abamamaji babona ibintu mu buryo bwiza, bambara kandi bitunganya mu buryo buteye iteka, kandi bazi kuyaga neza. Ibi bikurikira birerekana ivyo abamamaji bokora n’ivyo batokora kugira baroranirwe.