UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | EZIRA 1-5
Yehova arashitsa ivyo asezerana
Integuro icapuwe
Yehova yasezeranye gusubizaho ugusenga kw’ukuri ku rusengero rw’i Yeruzalemu. Ariko inyuma y’aho abari barajanywe mu bunyagano i Babiloni bagarukiye, basanze intambamyi ari nyinshi, muri izo hakaba harimwo itegeko ry’umwami ryababuza kwubaka. Benshi baratinye bibaza ko ico gikorwa kitazopfa kirangiye.
Nko mu 537 M.K.
Kuro yaratanze itegeko ryo gusubira kwubaka urusengero
-
Ukwezi kugira indwi
Igicaniro gishirwaho; ibimazi bitangwa
-
536 M.K.
Hashingwa umushinge
-
522 M.K.
Umwami Aritazeruzi yarahagaritse ubwubatsi
-
520 M.K.
Zekariya na Hagayi bararemesheje abantu gusubira kwubaka
-
515 M.K.
Urusengero rwuzura