ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb16 Munyonyo rup. 5
  • Ingene twokoresha igitabu Bibiliya itwigisha iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene twokoresha igitabu Bibiliya itwigisha iki?
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Ivyo bijanye
  • Niwigane wa Mwigisha Ahambaye igihe ukoresha igitabu Ivyo Bibiliya yigisha
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Fasha abandi bagamburuke ivyo Bibiliya yigisha
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Igitabu ivyo Bibiliya yigisha—Ni igitabu nyamukuru kidufasha kurongora inyigisho za Bibiliya
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Inyishu ku bibazo vyanyu
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
mwb16 Munyonyo rup. 5

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ingene twokoresha igitabu Bibiliya itwigisha iki?

Bibiliya itwigisha iki?

Igitabu Bibiliya itwigisha iki? n’igitabu Ivyo Bibiliya yigisha birasa. Vyompi turabikoresha mu kwigisha, bikaba birimwo ivyiyumviro bimwe kandi mu rutonde rumwe. Ariko rero, igitabu Bibiliya itwigisha iki? gisigura ibintu mu buryo bworoshe. Kigenewe abo vyogora gutahura igitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Igitabu Bibiliya itwigisha iki? ntikirimwo amayagwa y’inyongera ahubwo kirimwo utujambo two ku mpera dusigura mu buryo bworoheje imvugo zimwezimwe be n’ivyiyumviro bimwebimwe biri mu ngingo. Ibigabane ntibifise vya bibazo vy’intangamarara canke vy’isubiramwo. Ahubwo bisozerwa n’incamake y’ivyiyumviro vyo muri Bibiliya biba vyasiguwe mu ngingo. Cokimwe n’igitabu Ivyo Bibiliya yigisha, ico gitabu gishobora gutangwa igihe ico ari co cose naho kitoba ari co gishikirizwa muri ukwo kwezi. Twokoresha gute incamake n’utujambo two ku mpera igihe tuyobora inyigisho muri ico gitabu?

Incamake y’ikigabane mu gitabu Bibiliya itwigisha iki?

INCAMAKE: Uburyo dusanzwe dukoresha bwo gusoma ingingo hanyuma tukabaza ibibazo igihe dukoresha igitabu Ivyo Bibiliya yigisha, usanga abantu benshi butabagora. Ariko dufate ko uwo twigisha atamenyereye cane ururimi twigamwo canke ko atazi gusoma neza. Muri ico gihe, urashobora gukoresha igitabu Bibiliya itwigisha iki? Woshobora guca ukoresha incamake y’ikigabane mu kumwigisha hanyuma ukamuremesha kwisomera ikigabane bijanye. Iciyumviro kimwekimwe cose mwoshobora kuciga nko mu minota 15. Kubera ko mu ncamake tudasangayo utuntu tw’ido n’ido two mu ngingo z’ikigabane, umwamamaji ategerezwa kwitegura neza azirikana ivyo uwo yigisha akeneye. Nimba mu kwiga basoma ingingo, yoshobora gukoresha incamake nk’isubiramwo.

Utujambo two ku mpera mu gitabu Bibiliya itwigisha iki?

UTUJAMBO TWO KU MPERA: Amajambo dusanga mu tujambo two ku mpera akurikirana hisunzwe ibigabane abonekamwo. Umwamamaji ni we araba nimba bikenewe ko boyaga n’umutohoji ku tujambo two ku mpera mu gitabu Bibiliya itwigisha iki?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika